Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » UMUSI MUKURU W’ISAKARAMENTU RYERANDA (Umwâka B)

UMUSI MUKURU W’ISAKARAMENTU RYERANDA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (24, 3-8)

Aya ni amaraso y’isezerano Umukama yagiriraniye namwe

Muri irya misi, Corpus DominiMusa avuye ku musozi wa Sinayi, araza amenyesha Abanyisrayeli amajambo yose y’Umukama be n’imigenzo yose bazokurikiza. Ngo bavyumve, bishurira rimwe bati : « Amajambo yose Umukama yavuze, tuzoyakurikiza. » Musa araheza yandika amajambo yose y’Umukama : ngo buce mu gatondo ka kare, yubaka uruhimbi mu mucamo wa nya musozi, ashinga n’inkingi cumi na zibiri za vya bisata cumi na bibiri vya Israyeli. Hanyuma, Musa atora imisore mu Banyisrayeli, ayigisha guhereza Umukama imperezwa n’ugutangako inkuka imbagwa z’udushuri. Araheza Musa afata igice c’amaraso agishira mu mibehe, ikindi gice akimijira uruhimbi. Aca afata igitabu c’Isezerano agisomera Abanyisrayeli, na bo bashira ijwi hejuru bati : « Ivyo vyose Umukama yavuze tuzobikora, kandi tuzogamburuka. » Araheza Musa afata ya maraso ayamijira Abanyisrayeli ati : « Aya ni amaraso y’Isezerano Umukama yagiriraniye namwe, nk’uko ayo majambo abivuga. »

IZABURI 115 (116B), 12-13. 15-16bc. 17-18

Icit. : Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
         kandi ntabaze izina ryiwe.

Canke : Aleluya.

None jeho nzosubiza iki Umukama,
ku vyiza vyose yangiriye ?
Nzomuhereza ikalisi y’ubukiriro,
kandi ntabaze izina ryiwe.

Urupfu rw’abamwishimira
Ruri n’agaciro mu maso y’Umukama.
Ewe Mukama, jewe ndi umusuku wawe ;
warankuye mu mvuto.

Nzoguhereza imbagwa y’ukugukengurukira,
kandi ntabaze izina ryawe, Mukama ;
ivyo nemereye Umukama nzobikora vyose ,
mu maso y’abiwe bakoranye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (9, 11-15)

Amaraso ya Kristu azotyorora imitima yanyu

Ncuti zanje,
Aho Kristu amariye kuza nk’Umuherezankuka mukuru w’ivyiza twiteze, agaca mw’ihema ritubatswe n’iminwe y’abantu, risumbirije mu bunini no mu butungane, kuko ata co risangiye n’ivyaremwe, yinjiye rimwe risa mu ngoro, ntiyinjiranamwo amaraso y’amasuguru n’ay’ibimasa, yinjiranamwo riho amaraso yiwe bwite, adutangira iciru c’imyaka yose. Kukaba nkako, amaraso y’amasuguru n’ay’impfizi n’iminyota y’amashashi batotesha abanduye akabi nivyaba bibatyorora ku mubiri bikabatagatifuza, amaraso ya Kristu atagira amahinyu, we nyene yiherereje Imana ku bwa Mutima yamaho, azorushirizaho gutyorora imitima yacu, ayikuremwo ibikorwa vy’urupfu, tubone gukorera Imana nzima.

Ni co gituma ari umukandizi w’isezerano rishasha, kugira ngo urupfu rwiwe nirwacungura abacumuye mw’isezerano rya mbere, abatowe bashikire iragi ryamaho bemerewe.

URURIRIMBO

Bakoresha urwo ruririmbo babonye bibereye, bakarukoresha rwose canke bagatangurira kuri aya majambo « Ng’uwo umukate w’Abamarayika ».

Siyoni we, shimagiza Umukiza wawe,
Shimagiza Umuyobozi n’Umwungere wawe,
Umuririmbire, umuvyinire.

Nk’uko ubishobora, n’abe ariko ubigerageza :
Kuko arengeye amashemezo yose,
Ntuzokwigera ushobora kumushemeza uko bikwiye.

Icatuzindukanye uyu musi
Uwo dushaka kuririmbira,
Ni wa mukate muzima kandi utanga ubuzima.

Ni wo nyene benewabo cumi na babiri bihereje
Hamwe bazimanwa inzimano nyeranda,
nk’uko dusanzwe tubizi.

Aho rero, impundu n’isamirane,
inzamba nizasirane,
twuzure agahimbare.

Kuko turamutse twibuka uyu musi w’akaroruhore,
aho izo mfungurwa twihereza
zarenguka ubwa mbere

Kuri ayo meza y’Umwami mushasha,
ni ho Pasika y’Isezerano rishasha
yasubirira iya kera.

Ivya kera birabishije bishasha,
icijiji kibisa ikiri ukuri,
ahari ijoro hasubiye umurango.

Ivyo Kristu yagize kuwa kane mweranda,
yabwirije abiwe kuzokwama babigira
bamwibuka.

Nk’uko twavyigishijwe n’iryo tegeko ryeranda,
duhora duhindura umukate n’umuvinyu
mu nkuka y’ubukiriro.

Ico abakristu bemera,
ni uko umukate uhinduka Umubiri w’Umukama,
umuvinyu na wo ugahinduka Amaraso yiwe.

Ico ubwenge budashobora gutegera n’amaso ntakibone,
ukwemera kuragishingira intahe,
n’aho bidahwanye n’uko ibintu vyari bisanzwe.

Muri ivyo bishusho bidasa,
ari ibimenyetso gusa atari ivyo bimenyesha,
hihishijemwo amabanga y’agatangaza y’Umukama.

Umubiri wiwe ni imfungurwa, amaraso yiwe ni inyobwa,
ariko ntikibuza Kristu kuba wese
mu bishusho vyompi.

Mu kumwakira, ntibamumanyura,
ntibamuvungura, ntibamugabura;
bamwakira wese uko ari.

Umwe amuronka uko ashaka,
igihumbi ni kwa kundi,
yamara ntibamumara

Abeza baramuronka, ababi bakamuronka :
ariko ivyo bahakura ntibisa,
ni ubuzima canke urupfu.

Bibera urupfu ababi, bikabera ubuzima abeza;
raba nawe ingene mw’isangira rimwe
havuyemwo amaherezo atandukanye.

Iyo Ihostiya imanyuwe,
ntugire ukwemera guke,
aba wese mu kimanyu
nko muri Hostiya yose.

Ntibamumanyura namba,
hamanyuka ibishusho gusa;
na we akaguma kwa kundi,
uko angina n’uko asa.

Igisomwa kigufi gitangurira aha

Ng’uwo umukate w’Abamarayika,
Wabaye imfungurwa y’abakiri ku rugendo;
Ni ukuri, ni umukate ubereye abana,
Atari uwo guterera intozo.

Ng’ibi ivyamuranze kera :
ugutangako inkuka Izahaki,
Umwagazi wa Pasika,
na mana y’abasokuru.

Mwungere mwiza, mukate w’ukuri,
Wewe Yezu, tugirire ikigongwe;
n’uduhembure, n’uduhangaze,
maze uduhe kubona ivyiza
mu ntara y’abazima.

Wewe uzi vyose ugashobora vyose,
wewe uhembura abaraririye gupfa,
n’uduhe kuba abanywanyi bawe mw’ijuru,
ba samuragwa n’ababanyi
bazokwamana n’Aberanda bawe.

Amen. Alleluya.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wavuye mw’ijuru.
Uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (14, 12-16. 22-26)

Iki ni Umubiri wanje. Iki ni Amaraso yanje.

Umusi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itambiye, ni ho babaga umwagazi wa Pasika ; abigishwa ba Yezu bamubarira bati : « Ugomba ko tuja kugutegurira Pasika hehe ? » Arungika rero babiri bo mu bigishwa biwe, ababwira ati : « Nimugende mu gisagara : muza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi ; mumukurikire. » Aho aza kwinjira, mubwire nyenurugo muti : “Umukama avuze ngo : inzu yanje nza gufunguriramwo Pasika kumwe n’abigishwa banje, iri hehe ?” Hanyuma we nyene aza kubereka ku nzu yo hejuru, icumba giteguye kirimwo n’imisego ; habe ari ho rero mudutegurira. »

Abigishwa barakozako, bagenda mu gisagara, basanga ibintu bimeze uko Yezu yababariye, maze bategura Pasika. Igihe bariko barafungura, Yezu yakira umukate arawuhezagira, arawumanyura, arawubaha, yongera ati : « Akire : iki ni Umubiri wanje. » Hanyuma yakiriye ikalisi, kandi akenguruka, arayibahereza, bayinywako bose. Araheza ababwira ati : « Iki ni Amaraso yanje, amaraso y’Isezerano aza guseseka ku bwa benshi. Ni ivy’ukuri ndababariye, singisubira kunywa ikinyobwa c’umuzabibu, gushika umusi nzosubira kukinywera mu Bwami bw’Imana. » Bahejeje kuririmba amazaburi, baja ku gasozi k’Imizeti.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :