IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ozeya (11, 1. 3-4. 8c-9)
Urukundo Umukama afitiye igihugu ciwe
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Igihe Israyeli yari akiri muto, naramukunda, hanyuma mpamagara uwo mwana wanje ngo ave mu Misiri. Jeho naramwigishije gutambuka, ndamufata ukuboko, ariko ntiyabonye ko nariko ndamubungabunga. Naramwiboheyeko ndamubohesha imigozi y”urukundo, naramuteruye nk’uwusimbagiza ikibondo, kandi naramugaburira. (Ariko, baranse kwigarurira kuri jewe ; mbe noba ntegerezwa kubaheba, bagahanwa ?). Umutima uranyanse mu nda, ikigongwe canje cose kiravyutse. Singira uko ishavu rigize, ndaretse guhonya Israyeli, kuko ndi Imana ntari umuntu : hagati yawe ndi Umweranda, sinzoza gutikiza.
URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6
Icit. : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje :
ndayizeye, nta co ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Kurire ubwatsi Umukama, ninahaze izina ryiwe,
nimukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe.
Ibutse intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa !
Curarangire Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israyeli !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (3, 8-12. 14-19)
Ukumenya urukundo rwa Kristu rurengeye ubwenge bwose
Ncuti zanje,
Jewe, uwa nyuma mu beranda bose, nije nahawe inema y’ukumenyesha abanyamahanga itunga rihebuje rya Kristu n’iy’uguserurira bose ubutungane bungana butyo bw’uwo mugambi wahishijwe kuva kera mu Mana Umuremyi wa vyose ; none kuva ubu kubera Ekleziya, abakuru n’abaganza bazomenya ubwitonzi ntangere bw’Imana nk’uko yabitegetse kuva kera muri Kristu Yezu Umukama wacu. Muri We twarahawe gutinyuka kwegera Imana ata makenga, kuko ari We twemeye.
Ni co gituma nkubita ibippfukamiro imbere ya Data ari We ubuvyeyi bwose bwamukako mw’ijuru no kw’isi, ku ngero y’itunga ry’ubuninahazwa bwiwe, n’abahe gukomera cane kubera Mutima wiwe kugira ngo umuntu w’imbere abakuriremwo. Kristu n’abe mu mitima yanyu kubera ukwemera, mushinge imizi ifatiye ku rukundo, kugira ngo mubashe gutegera mwe n’aberanda bose uko ubwaguke, uburebure, ubuhagurutsi n’ubwimbike bingana, mumenye urukundo rwa Kristu rurengeye ubumenyi bwose, muheze mubone kunengesera umusesekara wose w’Imana.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha,
kuko ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Canke : Imana yaradukunze, irungika Umwana wayo kuba iciru c’ibicumuro vyacu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (19, 31-37)
Umusirikare amusogota icumu mu rubavu, haca hisuka amaraso n’amazi
Yezu amaze gucikana,
Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
– nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, –
Abayuda rero basaba Pilato
Ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho
Boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
Y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
Muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
Kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
Kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe :
‘Nta gufa ryiwe bazovuna’ ;
ahandi na ho ngo :
‘Bazokwihweza uwo basogose’