Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 11 yo mu mwaka B.

Idominika ya 11 yo mu mwaka B.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (17, 22-24)

Agati kateretswe n’Imana

seneve1Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana : Jewe nzohanyura agashami mu bushorishori bw’isederi, hanyuma ndakiterere jewe nyene ku musozi muremure cane. Ego cane, ku musozi muremure wa Israyeli ni ho nzogatera ; na ko kazoshamika, kame imbuto. Kabe igiti c’isederi ry’akaroruhore, Inyoni n’ibisiga vyose vy’amoko yose bizocarikamwo, mu gitutu c’amashami yaco ni ho bizoruhukira. Maze, ibiti vyose vyo mw’ishamba bizomenya yuko ari jewe Umukama : ndasenyura igiti kirekire, nkavyura icatembagaye : ni je nūmîsha igiti gitotahaye, ngatotahaza icagadutse. Jewe Umukama nararivuze kandi nzorirangura.

IZABURI 91 (92) 2-3, 13-14, 15-16

Icit. : Birabereye, Mukama,
         ko twokuririmbira.

Birabereye gukengurukira Umukama,
birabereye gucurarangira izina ryawe, Rudasumbwa,
n’uko twoyaga urukundo rwawe bukadukerako,
tukivuga ko utigera uhemuka.

Intungane izokura bwa kigazi,
isagarare nk’isederi yo muri Libani ;
abibera mu ngoro y’Umukama
bazokurira hafi y’uruhimbi rw’Imana yacu.

No mu busaza bazovyara,
bagumye iremba n’umugisha,
kugira ngo bayage ubutungane bw’Umukama
kandi ko ari we muzirakinyoma.

IGISOMWA CA ΚABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 6-10)

Ico duhozako agatima, ni ukunezereza Umukama

Ncuti zanje,
Twama twizigiye Umukama, n’aho tuzi neza yuko igihe tukigerereye muri uyu mubiri, twangarijwe kure yiwe ; ugasangwa tugendera mu kwemera, ntiturabona imbonankubone. Ego cane, turizigiye rwose kandi twopfuma twangarizwa kure y’uyu mubiri ngo tuje kuvyagira hafi y’Umukama. Ni co gituma, túgerereye hafi canke kure, ico duhozako agatima ari ukunezereza Umukama. Eroga twese tuzotegerezwa kugaragarizwa muri sentare ya Kristu, kugira ngo umuntu wese aronke ibikwiranye n’ivyo yakoze akiri n’umubiri wiwe, ari ivyiza canke ari ibibi.

INKURU ΝZIZA

Aleluya, Aleluya.
Imbuto ni ijambo ry’Imana, umubivyi na we ni Kristu.
Uwumwemera wese azoramba mu myaka yose.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza Ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (4, 26-34)

Ubwami bw’Imana twohugereranya n’iki ?

Grain de senevéUmusi umwe, Yezu yabariye ishengero, ati: « Ubwami bw’Imana bumeze nk’umuntu yoba yabivye imbuto mu murima wiwe ; asinzira, ahagarara, ijoro n’umutaga, imbuto ziramera, zigakura, isi yonyene ni yo ivyimenyera ; ubwambere haza icatsi, hanyuma kikayangika, hanyuma ugasanga intete zuzuye ihundo. Zimaze guhwana, agaca atangura kugesa, kuko umurima ugeze kwimburwa. »

Yongera ababwira ati; « Twoshobora kugereranya n’iki Ubwami bw’Imana ? N’uwuhe mugani wobwerekana ? Ni nk’urutete rwa sinapi : iyo barushize mw’ivu, ni rwo ruri mu nyuma y’izindi mbuto zose ziri kw’isi ; yamara rutewe, rurakura rukaba igiti kinini kiruta ibirimwa vyose kandi kikagira amashami Manini, n’inyoni zo mu kirere zigashobora kwarika mu magabanya yaco. »

Yezu yabamenyesha Ijambo mu migani myinshi isa n’iyo, ku rugero rw’ivyo bashobora kwumva, kandi ntaco yobabariye atari mu migani ariko yarasigurira vyose ukwabo abigishwa biwe.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :