IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (38, 1. 8-11)
Imana ni segaba wa vyose
Umukama yavugiye mu gihuhusi, abarira Yobi, ati :
« Ni nde yagomeje inzugi ikiyaga
aho cisevya cisuka kiva mu nda y’ukuzimu ;
aho nagitwikira umutamana w’igipfungu,
nkacorosa ibicu ;
aho nagishingira akarimbi,
nkazitiza imyango amagufuri ?
Navuze nti : « Uzoshika aha, ntuzoharengana ;
aho ni ho amanyama y’imikuba yawe azogarukira ! »
IZABURI 106 (107), 23-24, 25-26, 28-29, 30-31
Icit. : Nimushemeze Umukama,
kuko urukundo rwiwe rwamaho imyaka yose.
Canke : Aleluya.
Abamanuka baja mu kiyaga bagendera mu mato
Baja kudandariza hagati mu mazi menshi,
barabonye ibikorwa vy’Umukama
n’ibitangaro yahora akorera hagati mu nyenga.
Imana yavuze rimwe yongera irekura inkuruma
zidummbanya imikuba y’ikiyaga.
Bakaduga gushika kw’ijuru, bakamanuka mu manga,
umutima wabo watuntuye.
Mu marushwa yabo batabaza Umukama,
na we abakura mu vyago vyabo.
Ahindura inkuruma mu kayaga koroshe,
ibisebuzi na vyo biracureha.
Ngo babone biracureshe, baratamba baranezerwa,
Umukama araheza abajana mu cambu.
Nibashimagize Umukama kubera urukundo rwiwe
No kubera ibitangaro yagiriye abana b’abantu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (5, 14-17)
Ikiremwa gishasha muri Yezu Kristu
Ncuti zanje,
lyo twiyumviriye ko umwe yapfiriye bose, bigatuma abandi bose bapfa, urukundo rwa Kristu ruca rudufata. Ni ivy’ukuri, Kristu yapfiriye bose kugira ngo abazima ntibabe bacigungana ubuzima bwabo, ariko babuture uwabapfiriye akongera akazuka. Ni co gituma kuva ubu, ata muntu n’umwe tukimenya nk’uko ubwenge bumutwereka. N’aho twoba twaramenye Kristu nk’uko ubwenge bumutwereka, ubu noneho si ko tukimumenya. Ni haba hari umuntu ari muri Yezu Kristu, yabaye ikiremwa gishasha ; ivya kera vyahise, havutse umuntu mushasha.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umuhanuzi mukuru yaserutse iwacu,
Imana yaramukije igihugu cayo.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (4, 35-41)
Uwo muntu ni nde, ko umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira ?
Kuri uwo musi nyene, ku mugoroba, Yezu arabarira abigishwa biwe ati: « Hogi tujabuke ku nkombe yo hakurya. » Asiga ishengero hakuno, bamujana mu bwato ; kandi hariho n’ayandi mato. Haduka inkuruma amahanga, ibisebuzi birisuka mu bwato, mbere bushaka n’ukwuzura. Yezu na we yari yashize umusego ku mukondo w’ubwato, asinziriye. Baramuvyura rero bati : « Mukama, ntubabara ubona turiko turagupfana ? » Yikanguye, arakankamira umuyaga kandi abwira ikiyaga ati : « Cureha, subiza hasi ! » Na wo umuyaga uracureha, kandi haca haratekana rwose. Araheza ababwira ati: Ni kuki muri abanyabwoba gutyo ? Ntimugira ukwemera ! » Bagira rero ubwoba bwinshi, bavugana bati « Uwo muntu ni nde, ko umuyaga n’ikiyaga bimugamburukira ? »