Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (1, 13-15 ; 2, 23-24)

Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi

Imana si yo yaremye urupfu,
vyongeye ntishima kubona abapfa.
Ibiremwa vyose Imana yabiremeye kubaho,
kandi ivyaremwe hano kw’isi ni vyiza,
nta bumara bwica buri muri vyo.
Urupfu na rwo ntirwiganje kw’isi,
kuko ubutungane buzokwamaho.

Ego cane, Imana yarémeye umuntu kwamaho,
yaramwishushanije ngo ase na yo.
Ishari rya shetani ni ryo ryakweze urupfu kw’isi,
na bo abayiyeguriye rurabahitana.

IZABURI 29 (30) 2.4, 5-6, 11.12a.13b

Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
         kuko wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye,
ntiwampaye amenyo y’abansi.
Mukama, wankuye mu cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba baraboroga,
mu gitondo bagatarika.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe !
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina ;
Mana mfise, nzoguhaya imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (8, 7. 9. 13-15)

Umusesekara wanyu ni wunganire ubukene bwa henewanyu

Ncuti zanje,
Nk’uko muri aba mbere muri vyose : mu kwemera, mu gutegera Ijambo ry’Imana, mu bumenyi, mu mwete no mu rukundo mufitaniye nk’uko naruberetse, n’ubu murabe aba mbere mu gutanga mutitangiriye itama. Nkako na none, murazi namwe nyene ingene Umukama wacu Yezu Kristu yatanga atitangiriye itama : yari atunze, arahava yigira umukene kubera mwebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe. Singize ngo nimworohereze abandi namwe mwikokore ; ibikenewe ni uko mworinganira. Umusesekara wanyu niwunganire ubukene bwabo, kugira ngo umusi uri izina, umusesekara wabo uze wunganire ubukene bwanyu, habe habonetse uburinganire nk’uko vyanditswe ngo: « Uwari yimbuye vyinshi ntaco yongeyeko ; na we uwari yimbuye bike ntiyakehaniwe. »

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu,
akaboneshereza ubuzima kubera Inkuru nziza.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (5, 21-43)

Igisomwa kigufi : 5, 21-24. 35b-43

Urukundo rwa Yezu ni rwo rukiza

Yezu agarutse hakuno mu bwato, abantu isinzi baramukikiza, na we aguma ku nkombe. Haza rero umwe mu bakuru b’isinagoga yitwa Yayiro ; abonye Yezu amugwa ku nyondo, aramutakambira ashimitse ati: « Akigeme kanje n’ubu koba kacikanye ; ntabara, uze ukankorezeko ukuboko, gakire ntigapfe. » Yezu rero ajana na we; na bo abantu igihugu bagenda baramubandanirako irya n’ino.

(Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha)

Hagasangwa harimwo umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri arwaye umugongo. Yari yarigeze kwivuza ku baganga benshi, biba mbere arivyo bimusonga ; yari yagize ukubîkôkorera n’ukubura mitende, vyarwanya riho vyunyuka. Aho yumviye ivyo bavuga kuri Yezu, amuca inyuma mw’ishengero ry’abantu, amukora ku mutamana. Aho hose yibwira ati : « Ninahirwa ngakora n’umutamana wiwe, nzoca nkira. » Buno nyene, ya ndwara ica irayonga. Kandi na we yumva mu mubiri ko yakize bwa bumuga Buno nyene, Yezu aca yiyumvamwo ubushobozi bumuvako, ahindukira mw’ishengero, arabaza ati « Ni nde ankoze ku mpuzu ! » Abigishwa biwe bati : « Ubone iri shengero ry’abantu bagenda barakugwako, hanyuma ubaze ngo ni nde ankoze ku mpuzu ! » Ariko we areraguza hose, kugira abone umwe yari yamukozeko. Nya mugore we yari azi ivyabaye, ubwoba buramutekera, aza arajugumira, yikubita ku nyundo ziwe, aramwiganira vyose. Yezu na we amubwira ati « ukwemera kwawe kuragukijije, mwananje ; igire amahoro, ukire neza ubumuga bwawe. »

(Igisomwa kigufi kihandaniriza aha)

Ataraheza n’ukuvuga, abantu ba wa mukuru w’isinagoga baraza, bamubwira bati : « Umwana wawe yahwereye ; ntiwirirwe urazembagiriza ubusa Umwigisha. » Yezu yari yumvise iyo mbitsi, abwira nya mutware w’isinagoga ati : « Ntusimbwe n’umutima, emera gusa. » Araheza ntiyagira uwo akundira ko bajana, atari Petero na Yakobo na Yohani, mwenewabo na Yakobo. Bashitse mu nzu y’umukuru w’isinagoga, Yezu abona abantu bakubita irya n’ino, barira bavuza amaruru. Arinjira, ati : « Urwo rwamo n’ayo marira ni ivy’iki ? Umwana ntiyapfuye, arasinziriye. » Na bo baramutwenga. We rero abataramuye bose, ahasigaza se na nyina b’umwana, n’abari bamuherekeje, araheza yinjira aho bari barambitse wa mwana. Amufata ukuboko, aramubarira ati : « Talitha koumi », bivuga ngo : « Haguruka wa mwigeme ndabikubwirije. » Buno nyene umwana arahaguruka aragendagenda ; yari amaze imyaka cumi n’ibiri. Baraheza bo barumirwa bwumirwe. Yezu arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwubica n’ikanda ababwira n’ukugaburira nya mwana.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :