Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Opinions » Autres auteurs » Iteka ry’Umusaserdoti wo mu bwuzure bushasha.

Iteka ry’Umusaserdoti wo mu bwuzure bushasha.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ce diaporama nécessite JavaScript.

UMUSASERDOTI:
Ng’uyo uwundi Kristu mu bantu.
Ni wa wundi yaragwa Ubusaserdoti bwa Yezu Kristu
Umwana w’Imana izuba ryaka.
Agatorwa kugira amenyeshe Imana ayishingire intahe mu makungu,
Abe indemesha y’igisata ceranda c’Imana,
Akibere Umuvyeyi n’Umukiza,
Umuvugizi, Umwigisha, Umwungere
n’ayandi mazina aranga ubutore n’ibanga aserukira mu bantu
Mu kirenge ca Yezu Kristu Umwana w’Imana.

UMUSASERDOTI:
Ng’uyo uwundi Kristu mu bantu
Ng’uyo uwasizwe amavuta muri Mutima Mweranda kugira yamane iremba n’umugisha
Agire agashusho k’ubutore n’igihagararo ciwe
Yarasizwe agirako ararungikwa mu bantu
Maze imitima ihurumbira Imana ironka uwuyibashikiriza.

UMUSASERDOTI:
Ng’uyo uwitorewe na Yezu Kristu kugira amubere umugenzi w’umunamarimwe nawe
Ng’uyo uwagenewe kwegeka umusaya wiwe ku gikiriza ca Yezu Kristu kugira ahategerere irimubeshaho n’iritubeshaho natwe
Maze ahavome rwa rukundo ntangere ruzomutuma yigura imitima,
rukagirako rukamushikana no ku Musalaba wa Shebuja agapfa urwo yapfuye nawe.
Akamugabira ubutumwa yahawe na Se bwose
Akabumusangiza ataco amukinze na kimwe.
UMUSASERDOTI:
« Ng’uyo Ushusha na ba Bahanuzi ba kera bashingwa guhagarikira abantu mu kirenge c’Imana. »
Ng’abo abandi ba Musa na Eliya n’abandi batavuzwe.
Bameze nka ba Basaserdoti b’ubwuzure bwa kera babura umutwenzi w’ Ubusaserdoti bw’ubwuzure bushasha.
Bwuguruwe na Yezu Kristu Umwana w’Imana , Ya Mfura yiwe yarungikwa gutangaza kw’isi : « URUKUNDO, AMAHORO N’UBUTUNGANE.
Bikomoka kwa Dawe wa Twese yatwiremeye. »
UMUSASERDOTI:
« Ego cane ng’uyo uwutonze mu gihari c’Abasaserdoti b’Ubwuzure bushasha
Ari kumwe na ba Batumwa ba mbere b’Umukama ».
Ng’uyo uwo Imana yageneye Ibanga ryeranda ryo gusubiramwo Amajambo ya Yezu Kristu ati: « IKI NI UMUBIRI WANJE ….IKI NI AMARASO YANJE….IVYO MURABIGIRE MUNYIBUKA! »

UMUSASERDOTI:
Ng’uyo Uwurungikanywe Inkuru Nziza y’Urukiza
Ayijane aciye ururengo kugira
Ayimenyeshe ayigize imbere kw’isi yose
Ng’uyo Uwubungabunga Imana mu bantu
Akayibera Icabona, Uw’Imana nyene.
UMUSASERDOTI:
« Uzokwama uri Umusaserdoti nka Melchisedeki. » (Abahebreyi 5,6; Zaburi 109,4).

UMUSASERDOTI:
« N’Umushingwa- kirimba, arimbaniriza abana b’Imana
Ntibakagwabire igitembagazwa giteretse kuruhimbi.
Maze abanyotewe Imana Serukundo bahimbe, bahodoke
Abayishonje inzara ntikabacumukuze »!
UMUSASERDOTI:
« N’Umushingwa-gigongwe w’Imana kugira abana bayigana
Yo yabigoreye ikabagorerwa itabaheba
Izoshirwa ibajabukanye ku cambu c’ijabukiro! »
UMUSASERDOTI:
N’Umushingwa-bigega w’Imana
Ashikiriza ivyiza vyayo abashonje n’abanyotewe
Gutunganira Imana bose
Uwugwabira niwe yoba yiyishe ,akaba: « Mpwerazikamwa »,
Akagwa aho abandi bakiriye.
Kubw’iryo teka ringana gurtyo Umusaserdoti afise,
Turagusavye Mana Dawe Mweranda rwose, kugira utagatifuze Abasaserdoti bawe bari kw’isi yose iyo iva ikagera.
Shishikara witorere kw’isi yose , abasore b’umutima ugabira ibanga ry’Ubusaserdoti bw’Umwana wawe Yezu- Kristu.
Bagire beranda kandi ubagwize , ugwize n’imiryango y’abakwihebeye, kugira bunganire mu vyo bashobora;
Ubwami bwawe bukwire hose no muri bose. »

Duheze duhuze amajwi n’inteko z’ijuru turirimbe tuti: « ISHIMAGIZWA, UBWENGE N’ISHIMWE, ICUBAHIRO, UBUBASHA N’INGANJI NI IVY’IMANA YACU MU MYAKA N’IMYAKA. AMEN! » (Ap 7,12). Alleluia .
Icivugo catunganijwe na Mama Mariya Honorata NZOBONIMPA.
Mukakaro 2008.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :