IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (23, 1-6)
Abungere beza b’igihugu c’Imana
Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
Baragatoye, abungere bareka intama zo mu canya canje zigahona kandi bakazishwiragiza ! Ni co gituma, jewe Umukama Imana y’Israyeli, mbwiye abo nashinze kuragira igihugu canje nti : Intama zanje mwaraziretse, zirashwiragira, zirazimira, ntimwazitayeho. Jewe ngiye kubashinga ijisho kubera akabi mwakoze. Hanyuma, nzoshwaburira hamwe intama zanje zasigaye, ndazikure mu bihugu vyose aho nazirukaniye. Nzozisubiza mu bwatsi bwazo, zirondôke, zigwire. Nzozironderera abungere baziragirana ubwira ; ntizizoba zikigira ubwoba canke ngo zihagarike umutima, kandi ntihazotakara n’imwe muri zo : ni Jewe Umukama mbivuze.
Mu misi izoza, nzotuma Dawudi kunaga akabuto k’ubutungane : azoganza nk’umwami w’ukuri kandi w’incabwenge, azotwaza igihugu ingingo n’ubutungane. Ku ngoma yiwe, Abayuda bazoba bakize, Abanyisrayeli bibere mu mahoro. Mbere ng’iri izina bazomutazira : « Umukama-niwe-Butungane-bwacu.»
IZABURI 22 (23) 1-3a, 3b-4, 5, 6
Icit. : Umukama ni we mwungere wanje,
ntaco nokena.
Umukama ni we mwungere wanje,
sinzokena ;
ni we amvyagizamu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana
aremesha umutima wanje ubudasiba.
Ni we anyoborera inzira nziza
Ku bw’izina ryiwe.
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
ntaco ntinya, kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.
Untegurira ameza
mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.
Eka mbere mu bugingo bwanje
namana impore n’ubuhirwe ;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubugingo bwanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (2, 13-18)
Yezu ni we mahoro y’abantu bose
Ncuti zanje,
Kera mwari kure y’Imana y’Isezerano, none mwabaye hafi kubera amaraso ya Kristu. Koko, Kristu ni we Mahoro yacu, kuko ari we yahinduye vya bihugu bibiri, – Israyeli n’abapagani, — bigacika kimwe. Mu mubiri wiwe wabambwe, yarasituye rwa ruhome rwabitanya ari rwo rwanko, arahanagura imiziro n’amabwirizwa ya Musa. Ni uko, yashaka kubakoranya bose ngo abazanire amahoro, areme muri we Umuntu umwe mushasha. Bompi, yashaka kubuzuriza n’Imana, mu kubakoraniriza mu mubiri umwe. Ivyo yabishoboye mu gupfa ku musaraba ; ni ho yiciye urwanko mu mubiri wiwe. Yaraje rero kubarangira Inkuru nziza y’amahoro, mwebwe mwari kure, n’abari hafi. Duciye kuri we, twese niho tuzoronka inzira idushikana kwa Data muri Mutima umwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umukama yavuze ati : « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,
kandi ndazizi, na zo zikankurikira. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (6, 30-34)
Bari nk’intama zitagira umwungere
Umusi umwe, abatumwa bateraniye iruhande ya Yezu, bamwiganira ivyo bari bagize vyose n’ivyo bari bigishije vyose. Arababwira ati : « Nimuze ahiherereye, muruhuke gatoyi. » Nkako abashika n’abagenda bari igihugu, nta n’akanya kaboneka k’ugufungura. Bagenda rero mu bwato, barora mu gahinga hiherereye. Ariko abantu barababona bagenda ; benshi rero barahwihwisha iyo baroye, barahava bava mu bisagara vyose birukayo n’amaguru, barabatanga. Ngo bururuke amato, Yezu aca abona igihugu c’abantu, bimutera imbabazi, kuko bari nk’intama zitagira umwungere, aca aja mu vyo kubigisha igihe kitari gito.