IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (16, 2-4. 12-15)
Umukate uvuye mw’ijuru
Muri irya minsi, ishengero ryose rya Bene Israyeli batanguye kwidodombera Musa na Aroni, barababarira bati : « Umukama iyo apfuma atwicira mu gihugu ca Misiri, tuciteretse inkono z’inyama, tukirya ivyokurya tugahaga ; none mwadukuyeyo mutuzana muri aka karere, kugira ngo mwicishe ikigoyi iri shengero ryose ! Maze, Umukama abarira Musa ati : « Raba, ngira ngo ndabakoragurire umukate uvuye mw’ijuru : uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ibikwiranye n’uwo musi, kugira ngo mbagerageze, ndabe yuko bazigama amabwirizwa yanje canke ko bayarenga. Numvise ingene Bene Israyeli bidoga.» Urababwira uti : « Uyu munsi ku mugoroba, butarira murafungura inyama, ejo mu gitondo na ho muzorya umukate muhage. Niho muzomenya ko ari Jewe Umukama, Imana yanyu. » Kuri uwo mugoroba nyene, inkware ziraza zuzura insago zose, mu gitondo c’uwundi musi na ho babona urume rukikije nya nsago. Nya rume rumaze gukama, babona hasi mw’ishamba utuntu dutoduto, twiburungushuye, dusa n’urubura ; Bene Israyeli babibonye barabazanya bati : « Mann hou ? », ni ukuvuga « Ivyo ni ibiki ? » Ntibari bazi ico ari co. Musa arababwira ati : « Uyo ni umukate Imana ibahaye ngo mufungure. »
IZABURI 77 (78) 3.4bc, 23-24, 25.54.
Icit. : Umukama yabahaye umukate wo mw’ijuru.
Ivyo twumvise twarabimenye,
ivyo basokuru bacu batwiganiye,
ni ya matazirano y’Umukama n’ububasha bwiwe,
ni vya vyiza vy’akaroruhore yagize.
Yarategetse ibicu vyo kw’ijuru,
akinjura inzugi z’ijuru ;
muko abagaburira akoragura mana,
umukate wo mw’ijuru aba ari wo abaha.
Bose rero bafungura batyo umukate w’Inkomezi,
eka Umukama yabahaye indya zibahagije.
Bitayeko, yarabashikanye ku murwa wiwe mweranda,
kuri wa musozi yironkeye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 17. 20-24)
Umuntu mushasha yaremwe ku bugingo bw’Imana
Ncuti zanje,
Ivyo mbabwira, ndabishingira intahe kw’izina ry’Umukama : ntimuhirahire ngo musubire kwigenza nk’abapagani bitwararika ibitagira mvura. Mweho uko si ko mwamenyeshejwe Kristu, usangwa ari we mwumvise bavuga kandi ari muri we mwigishijwe mu kuri kwa Yezu we nyene. Ikureko nyabuna imigenzo ya kera, vavanure na wa muntu wa kera abunze muri mwebwe, yononekaye kubera ivyipfuzo vy’uruhendo. Kurikize umutima winaguye. Igenze nk’umuntu mushasha yaremwe ku bugingo bw’Imana mu butungane no mu bweranda bw’ukuri.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Umuntu ntatungwa n’iudya gusa,
ariko aratungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 24-35)
Uwuriye umubiri wanje ntazoha agisonza
Umusi umwe, ishengero ribonye ko Yezu atari akiri ku nkombe y’ikiyaga, we n’abigishwa biwe, rija mu mato rijabuka i Kafaranawumi rimurondera. Bamusanga hakurya y’ikiyaga, bamubwira bati : « Mwigisha, washitse ino ryari ? Yezu arabishura ati : « Ni kuri ni ukuri ndabibabwiye : murandondera, ariko si uko mwabonye ibimenyetso, ni uko mwariye imikate mugahaga. Ntimukorere imfungurwa zihera, nimukorere imfungurwa zigumya ubuzima budahera, ari zo Umwana w’umuntu azobaha, kuko ari we Mana Data yatiye. » Baramubwira rero bati : « Tuze tugire iki ngo turangure ibikorwa bishimisha Imana ?» Yezu arabishura ati : « Igikorwa Imana ishima ni uko mwokwemera uwo yatumye. » Baramubwira bati : « Ikimenyetso ukoze none ni ikihe ngo tubone, duheze twemere ? Uza gukora iki ? Basokuru bacu barariye mana mu gahinga, nk’uko vyanditswe ngo : “Yarabagaburiye umukate uvuye mw ijuru”. » Yezu arababwira ati : « Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : Musa ntiyabahaye umukate uvuye mw’ijuru ; Dawe ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru, kuko umukate w’Imana ari wo umanuka uva mw’ijuru ukazanira abantu ubuzima. » Baramubwira rero bati : « Mukama, urakoze, uraduha uwo mukate. » Yezu arabishura ati : « Jewe ndi wa mukate w’ubuzima ; uwunyegereye ntazoba agisonza, kandi uwunyemeye ntazoba akinyoterwa. »