IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (9, 1-6)
Muntu utagira ubwitonzi uraza iwanje
Bwitonzi yarubatse ingoro,
ayitera inkingi indwi.
Araheza abaga ibimasa, agana umuvinyu,
ategura ameza.
Hanyuma atuma incoreke ziwe,
asemerera ku mataba y’igisagara ati :
« Muntu utagira ubwitonzi, uraza iwanje ! »
Ibiburabwenge na vyo yabibwiye ati :
« Nimuze mwihereze imfungurwa zanje,
munywe inzoga nabaganiye !
Hebe ubuzeze bwanyu, mubone gukira ;
tumbera inzira y’ubwenge ! »
IZABURI 33 (34) 2-3, 10-11, 12-13, 14-15
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve bahimbarwe.
Nimwubahe Umukama ; se mwa ntore ziwe ;
uwumwubaha ntaco akena.
Hari aho abatunzi bakena bagasonza ;
uwirukira Umukama nta ciza abura.
Nimuze, se bana muntege ugutwi,
ndabigishe kwubaha Umukama.
Mbe bane, umuntu ashaka kuramba
Akaroranirwa, ari hehe ?
Urīmīra akabi ururimi rwawe,
wirinde ikinyoma.
Urareka gukora ikibi, ukore iciza,
urondere amahoro, uyahige buhige.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (5, 15-20)
Nimutegere ico Umukama ashaka
Ncuti zanje,
Nimwitegereze ingene mwigenza : ntimwigenze nk’imburabwenge, kurikiza ariho ingendo y’incabwenge. Ntimugishe uburyo mufise, kuko imisi turimwo yaduhindutse. Ntimumere nk’abatibaza ; tegere riho ico Umukama ashaka. Ntimwishinge kuborerwa, kuko inzoga yandurukamwo ubuhumbu ; kundire Mutima Mweranda abuzuremwo. Mu kiyago canyu, muravuga amazaburi, indirimbo n’imvyino, mwivuge amazina, mushemeze Umukama n’umushaha wanyu wose. Na ntaryo no muri vyose, murame mukengurukira Imana Data kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu.
INKURU NZIZA
Aleluya, Alleluya.
Umukama yavuze ati :« Uwurya umubiri wanje, akanywa n’amaraso yanje,
aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 51-58)
Umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyohwa y’ukuri
Muri irya misi,
Yezu yabariye Abayuda ati : « Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru ; uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye, umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.» Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati : « Uwo ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwufungure ? » Yezu arababwira ati: « Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe, nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we. Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru : ntumeze nk’umwe basokuru banyu bafunguye, hanyuma bagapfa ; uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka yose.» Ivyo yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi.