Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

Indwi ya 23 yo mu mwaka : ku wa kane (Années impaires)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (3, 12-17)

Ncuti zanje,
Mwebwe rero, ntore z’Imana, mwebwe beranda n’abakunzi bayo, nimugire umutima w’ikigongwe, ukunda abandi, wicisha bugufi, utekereza, wiyumanganya. Nihaba hari uwufise ico yidogera uwundi, nimwengengane, muheze murekuriranire. Nk’uko Umukama yabarekuriye, namwe abe ari ko murekuriranira. Canecane ikiruta ivyo vyose, amane urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ishitse. Vyongeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu mubiri umwe ; maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ijambo rya Kristu niribashike ku nyota ; igishanye mu bwitonzi, muhanurane. Ririmbire Imana n’umushaha wanyu wose, muyikengurukire mu mazaburi, mu ndirimbo no mu mvyino nyeranda. Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana Umuvyeyi wacu.

IZABURI 150 1-2, 3-4, 4-6

Icit. : Ibiri n’ubuzima bihema vyose,
nibininahaze Umukama !

Nimuninahaze Imana mu ngoro yayo,
nimuyininaharize mw’ijuru riyaga inganji yayo,
nimuyininahaze kubera ibikorwa vyayo vy’agatangaza,
nimuyininahaze kubera ubukuru bwayo buhambaye!

Nimuyininahaze mu kuvuza inzamba,
nimuyininahaze mu murya w’inanga,
nimuyininahaze mu kuvuza inanga n’imyironge,
nimuyininahaze mu kwiyereka no mu gutamba ingoma.

Nimuyinihahaze mu kuvuza umurya uvuga neza,
nimuyininahaze mu kuvuza inanga irata inganji !
Ibiri n’ubuzima bihema vyose,
ni ininahaze Umukama!

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Uwuzigama ijambo rya Kristu,
muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (6, 27-38)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Mwebwe munyumviriza ndababwiye : Kunde abansi banyu, girire neza ababanka, hezagire ababavuma, sabire abababeshera. Hagize uwugukubita kw’itama rimwe, tega kandi irindi ; n’uwuzogutwara umutamana, ntumubuze kugutwara ikanzu. Uwugusavye n’umuhe, kandi n’uwuzogutwara utwawe ntutuburanire. Ico mushaka ko abandi babagirira, kibagirire namwe.
Nimwakunda ababakunda gusa, bibamariye iki ? N’abanyakabi nyene barakunda ababakunda. Nimwagirira neza ababagirira neza, bibamariye iki ? N’abanyakabi ni ko bagira. Nimwagurana abo mwishimiye ko bazobasubiza, bibamariye iki ? N’abanyakabi baragurana abanyakabi ngo baronke ibingana na bino.
Mweho, kunde abansi banyu, gire neza, mugurane ata co mwishimiye ; impera yanyu izoba nini, kandi mube abana b’Uwo mw’ijuru, kuko agirira neza intashima n’ababi. Nimube abanyakigongwe, nk’uko So wanyu ari umunyakigongwe. Ntimucire abandi rubi, niho mutazorucirwa ; ntimucire igihano abandi, niho mutazogicirwa ; rekurire abandi, niho muzorekurirwa. Tange, niho bazobaha ; bazobasubiza ingero nyayo, yuzuye, itsindagiye kandi isesekaye ; ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :