IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (50, 5-9a)
Narateze ibitugu abankubita
Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate, sinabahishije amaso. Umukama Imana yanje arantabara, ni co gituma ivyo bitutsi ataco bingira ; ni co gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa. Uwuzondekurira ari hafi. Ni nde yokwubahuka kuja kumburanya ? N’aze tuburane ! Uwuzi ko afise ico andega, n’anyegere ! Umukama Imana ni we amfasha, none ni nde azoncira rubi ?
IZABURI 114 (116A), 1-2, 3-4, 5-6, 8-9
Icit. : Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,
kuri iyi si y’abazima.
Canke : Aleluya.
Urukundo mfitiye Umukama rwarampimbaye,
umusi yakira igisabisho canje ;
yarashimye kuntega ugutwi
umusi namutabaza.
Urupfu rwari runyiziziye,
imigozi y’inyenga yari yamaze kumfata ;
nari namaze kugwa mu rudubi,
aho natabaza Umukama.
Navuga nti : « Ndagusavye, Mukama,
bandanya undwaneko. »
Umukama ni we kigongwe n’ubutungane,
Imana yacu ni yo mbabazi ;
Umukama arahagarikira abatobato,
nari ngowe, arankiza.
Umukama yarankijije urupfu,
amaso yanje arayakiza amosozi,
ibirenge vyanje arabikiza gutsitara.
Nzokwama ngendera imbere y’Umukama,
kuri iyi si y’abazima.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (2, 14-18)
Ukwemera iyo kudaserutse mu bikorwa, nta co kuba kumaze
Ncuti zanje,
Umuntu yovuga ko afise ukwemera atagira ibikorwa, vyomumarira iki ? Mbega, ukwo kwemera kwoshobora kumukiza ? Nk’ubu hoza mwenewabo canke mushiki w’umwe muri twebwe, akaza yambaye ubusa canke atagira ico arya, umwe muri mwebwe akamubarira ati: « Genda amahoro, wote, ususuruke, ufungure, ushire inzara », ntamuhe ivyo umubiri ukeneye, mwumva vyomumarira iki ? Ukwemera na kwo ni ko kw’uko: iyo kudaserutse mu bikorwa, kuba kwarapfuye imyaka ! Bene uyo muntu yomubwira ati: « Wewe ugira ngo ufise ukwemera, jewe ndakugendera mu bikorwa. Nyereka rero ukwemera kwawe kudaserukira mu bikorwa, nanje ibikorwa vyanje ni vyo bizokwereka ukwemera kwanje. »
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya
Jeho icompa ntihagire ikindi kininahaza ndetse umusaraba w’Umukama wacu
Yezu Kristu, watumye ivy’isi bimbambirwa nanje nkabibambirwa.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (8, 27-35)
Umwana w’umuntu abwirizwa kuhahara menshi
Umusi umwe, Yezu n’abigishwa biwe bagiye mu bigwati vy’i Sezareya ya Filipo. Mu nzira arabaza abigishwa biwe, ati : « Abantu bagira ngo ndi nde? » Baramwishura bati: « Bamwe ngo uri Yohani Batista, abandi Eliya, abandi na bo ngo uri umwe wo mu bahanuzi. » Yezu arababaza na bo ati: « Mweho ku bwanyu ndi nde? » Petero aba ari we avuga, yishura ati: « Uri Kristu. » Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira. Hanyuma, Yezu atangura kubigisha ko Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abakurambere n’abaherezankuka bakuru n’abigisha, akicwa, hanyuma akazuka hashize imisi itatu. Kandi ivyo yabivuga icese. Petero amwihereranije, aja mu vyo kumutonganya. Yezu rero arahindukira, araba abigishwa biwe, araheza atukagura Petero, ati: « Va aho, igira inyuma, wa shetani we ! Ivyiyumviro vyawe si ivy’Imana ni ivy’abantu. » Ahamagaye ishengero n’abigishwa biwe, Yezu ababwira ati : « Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Nka ko, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba ku bwanje no ku bw’Inkuru nziza azoburokora. »