IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (2, 12. 17-20)
Ababisha ntibubaha ubuzima bw’intungane
Abiyumvira inabi mu mitima yabo bahora bibwira bâti : « Nimuze dutege umutego umuntu w’intungane, kuko adutesha ibikorwa vyacu, yama adutonganya ngo turenga amabwirizwa y’Imana, ngo dutukisha indero y’abasokuru twaronse. Reka turabe ko ivyo yivugisha ari ivy’ukuri, maze turabe amaherezo yiwe. Uwo muntu wintungane niyaba ari umwana w’Imana, Imana izomuhagarikira imukure mu minwe y’abansi. Nimuze tumutuke tumuturubike, turabe ingene yitonda n’aho ukwiyumanganya kwiwe kugarukira. Ngo tumwice nk’umubisha, ko avuga yuko hari uwumuhagarikira. »
IZABURI 53 (54), 3-4, 5, 6-8
Icit. : Umukama ni we nshimikiyeko.
Mana, n’unkize kubera izina ryawe,
n’uncire rwiza kubera ububasha bwawe.
Mana, umvira igisabisho canje,
utege amatwi ivyo nkubwira.
Kuko abishima banguyeko,
ababisha bahigira amagara yanje ;
Imana yo ntibayinezwe.
Noneho Imana iraje kuntabara,
Umukama ni we nshimikiyeko.
Nzoguhereza ishikanwa rivuye ku mutima,
nkengurukira izina ryawe kuko ari ryiza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete ry’Umutumwa Yakobo (3, 16-4, 3)
Ubwitonzi bukomoka ku Mana
Bakunzi banje,
Ahari ishari n’amahane, ni ho hari umudugararo n’amoko yose y’ibikorwa bibi. Ariko, ahari ubwitonzi bukomoka ku Mana, hama ingingo, na yo ikavyara amahoro, impuhwe, umwumvikano, umutima w’ikigongwe, inda nziza, ntibugira nkunzi, ntibwiyorobeka. Kandi imbuto z’ubutungane zibibwa mu mahoro, zikavyara abantu barwanira amahoro. Muri mwebwe, intambara n’imitongano biva hehe ? Ubwo, ntibiva ku ngeso mbi zanyu zija zirarwanira mu mitima yanyu ? Muripfuza ariko ntimuronke mugaca mwica ; ishari rirabatwara, ariko ntimushikire ico mushaka, mugaca mutera intambara mugatana mu mitwe. Nta co muronka kuko mudasaba ; murasaba, ntimugabane, kuko musaba nabi : musaba itunga kugira ngo mwimerererwe neza gusa.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya
Imana yaduhamagaye ku bw’Inkuru nziza,
kugira ngo tubashe gushikira ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (9, 30-37)
Umwana w’umuntu aza kugwa nu minwe y’abantu
Umusi umwe, Yezu yariko aca mu Bugalile ari kumwe n’abigishwa biwe, na we Yezu ntagombe ko bimenyekana, kuko yariko arabigisha ababwira ati: « Umwana w’umuntu aza kugwa mu minwe y’abantu, bamwice, amaze gupfa, imisi itatu ishize, azozuka. » Ariko bo ntibategera iryo jambo kandi bagatinya kumusiguza. Bashika rero i Kafaranawumi. Ashitse mu nzu, Yezu arababaza ati : « Mwaharira ibiki mu nzira ? » Barahora, kuko bari bahaririye mu nzira ngo bamenye umukuru muri bo. Araheza aricara, ahamagara bamwe Gumi na babiri, arababwira ati : « Uwugomba kuba uwa mbere n’abe uw’inyuma ya bose n’umusuku wa bose. » Hanyuma azanye umwana mutoyi, amushira hagati yabo; amubumbatiye ababwira ati : « Umuntu wese yakiriza yompi umwe muri utu twana ku bwanje, ni je aba yakirije yompi ; na we uwunyakirije yompi si je aba yakirije yompi, aba yakirije yompi uwantumye. »