Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Divers » Imâna iracá inzira n’âhó zitarí nyéne. Wāmé uyîzigiye, ibihé vyöse.

Imâna iracá inzira n’âhó zitarí nyéne. Wāmé uyîzigiye, ibihé vyöse.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Hari umugore yakunda gusenga kandi akizigira Imana cane mu  vyo yakora vyose, gusa akagira umugabo w’ikigaba, atumva ko Imana hari ico imaze mu buzima bw’Umuntu, kuburyo yanamurwanya amubuza gusenga ariko kubera ko ugusenga kutabuza uwo mugore gutunganya ivy’urugo, umugabo akabura ikosa amufatirako ngo amwigenzeko amubuze no gusenga.

Ni uko rero umugabo aronka amafaranga menshi ayabitsa umugore wiwe, umugore nawe afata isogisi (ishesheti) ayazingazingiramwo arabika. Haheze iminsi wa mugabo yibwira ati ndaronse aho ndamukura.

Umunsi umwe umugore yagiye gusenga afata ingingo yo guterpoissonura rya sogisi umugore wiwe yabitsemwo amafaranga akarijugunyira mu ruzi kugirango aze kubaza umugore amafaranga, niyayabura abone aho ahera, amukubite, amubuze no kuzosubira gusenga.

Ni uko rero mugabo aragenda ajugunyira rya sogisi mu ruzi, hanyuma yigira mw’ibare ategreje ko bwira ngo aze gutaha abaza umugore we aho amafaranga yiwe yayashize. Ubwo umugore nawe  mu mugoroba avuye gusenga, yiyumvira ati: « Hinge nce kw’isoko ngure igifi kinini ko nzi ko umugabo wanje akunda amafi, ndakimutegurire neza hanyuma yiyumve, kumbure mu ndwi iza yokwemera tukaza tunajana gusenga ». Akimara kuvyiyumvira aragenda kw’isoko agura igifi kinini cane kuko yari azi ko umugabo wiwe akunda cane ifi.

Nikwo gutaha, abaga nya fi, agize atya abona rya sogisi ririmwo amafaranga riri mu nda ya ca gifi, ahita atangara cane. Yikubita kuraba aho isogisi ryari risanzwe riri araribura, abona ko ari ibitangaza ariko ntiyabitebako cane; ahubwo yongera kubika neza rya sogisi ngo aze kubisobanuza umugabo we yumve uko vyagenze.

Umugabo atashe atangura kwirakaza, yiteguriye gukubita umugore we kuko yari azi neza ko isogisi ririmwo amafaranga yarijugunyiye mu ruzi. Abaye acinjira mu nzu ahita abwira umugore ati: « Imbere yo kugira vyinshi umbwira, zana ya mafaranga vuba ndayakeneye ». Umugore yihinda mu cumba agiye kurizana, umugabo agize atya abona umugore wiwe azanye rya sogisi n’amafaranga yose n’ubwo vyari bigitose bitarumuka neza, maze ahita agwa hasi, agwa igihumura.

Aho azanzamukiye umugore amubaza ibimubayeko, nawe amubwira ukuri kwose. Ni uko rero yumvise uko vyagenze, ahita asaba imbabazi umugore wiwe, aba abonye ko Imana isumba vyose kandi igira inzira nyinshi ikemuramwo ibibazo, kandi ko uwuyizeye itamutetereza. Guhera ubwo batangura kujana gusenga baba intangarugero mu gushingira intahe ububasha bw’Imana. Amen.
Ni Imana icisha inzira n’aho zitari nyene.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :