Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Ni muhīmbârwe mu Mukáma: Idominiká ya 3 y’Úbushikiro: Umwâka C

Ni muhīmbârwe mu Mukáma: Idominiká ya 3 y’Úbushikiro: Umwâka C

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya (3, 14-18a)

Nezerwa mwigeme wa Siyoni kuko Umukama ari iwawe

Muhimbare wa Siyoni, vuza impundu ! Tamba utarike, Israyeli ! Mwigemgaudetee w’i Yeruzalemu, himbarwa, umutima wuzuye akanyamuneza ! Umukama yaragukijije urubanza rwari rukugeramiye, yaragukuyeko umwansi wawe ; Umukama ni we mwami w’Israyeli, araguhagarikiye : nta co ucinona. Kuri uyo musi, bazobwira Yeruzalemu bati: « Subiza umutima mu nda, Siyoni, ntucike inkokora. Umukama Imana yawe, ya ntwari mu rugamba, muri kumwe. Uzomutera agahimbare, urukundo rwiwe ruzogusubiza itoto : azokwiyereka, akuvugirize impundu, nko kw’isabukuru. »

IZABURl Izaya 12, 2-3, 4bcd, 5-6 

Icit. : Nitunezerwe, duhimbarwe,
         kuko Umweranda w’Israyeli ari hagati yacu.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, nta co ngitinya ;
kuko Umukama ari we bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.

Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.
Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.

Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israyeli !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 4-7)

Tambe mutarike Umukama ari hafi

Ncuti zanje,
Nimwame muhimbawe mu Mukama ; ndabivuze, ndabisubire : nimuhimbarwe. Ubuntu bwanyu nibumenyekane mu bantu bose : Umukama ari hafi. Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimumusabe, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Niho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.

INKURU NZIZA

Aleluya, Aleluya.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
ni we yantumye kumenyesha aboro
Inkuru nziza y’urukiza.

Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (3, 10-18)

Yohani Batista ategura inzira y’Umukama

Jean-BaptisteIshengero ry’abantu baza kubatizwa na Yohani riramubaza riti : « None dutegerezwa gukora iki?» Na we
abishura ati : « Uwufise imyambaro ibiri n’ahe umwe uwutawufise, n’uwufise ibifungurwa agenze atyo ! » Haraza kandi abatozakori ngo babatizwe, bamubarira bati : « Mwigisha, dutegerezwa gukora iki ? » Na we abishura ati: « Ntimukake ibirenga ivyo mwabwirijwe. » Abasirikare na bo baramubaza bati: « Tweho dutegerezwa gukora iki ? » Abishura ati : « Ntihagire uwo mugirira impaka canke ngo mu muremere ikinyoma, kandi nimushime impera yanyu .»

Kubera ko igihugu cari citeze urukiza kandi bose bakibaza mu mitima yabo ko Yohani yoba ari we Kristu, araheza ababwira bose ati: « Jewe mbatirisha amazi, ariko haje uwundusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura inkweto ziwe, azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro. Mu minwe yiwe afise urutaro rw’ukweyera imbuga yiwe ; ingano azimburire mu kigega ciwe, na vyo ibikumbi abishiburire mu muriro utazima. » Yohani yaguma amenyesha igihugu Inkuru nziza, akabahanura akatari gake.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :