Umusi bahimbaza Epifaniya y’Umukama ni haba ari kw’igenekerezo ry’indwi canke iry’umunani Nzero, bagira umusi mukuru w’Ibatisimu y’Umukama ku musi wa mbere ukurikira iyo dominika, kandi, batarasoma Inkuru Nziza, batora igisomwa kimwe gusa muri vya bisomwa vyahagenewe.
Mu mwaka B no mu mwaka C, bashobora gusoma ibindi bisomwa batarasoma Inkuru Nziza, nk’uko vyanditswe. Kandi iyo bahejeje guhimbaza uwo musi mukuru, inyuma y’igisabisho co kuja kuryama, igihe ca Noheli kiba kirangiye.
Ng’ibi ibisomwa bashobora gusoma mu mwaka C. Inkuru nziza yo ntihinduka, ni iyo nyene yategekanijwe, mu gihe igisomwa ca mbere n’ica kabiri bashobora gufata bimwe twandika mu mwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)
Ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi kandi nta wuzosigara atabubonye
Humurize, humurize igihugu canje. Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu. Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye, igicumuro canyu carishuwe. Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. » Ijwi risemerera riti : « Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga, muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi. Umubande wose ufurirwe, umusozi n’umutumba wose biringanizwe, ahari imanga hose hongere hasaswe, na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe. Niho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwihonekeza, kandi nta wuzosigara atabubonye, kuko Umukama yarivumereye. »
Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza, duga ku musozi muremure. Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza, semerera n’ijwi rirenga. Tereza akamo ntutinye. Ubwire ibisagara vya Yuda, uti : « Ng’iyo Imana yanyu ! Ng’uyo Umukama Imana, azananye n’ububasha, ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose. Raba, aje yitegekanije ivyo yatsindiye vyose. Na yo impera yiwe yamutanze imbere. Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere, azoterurira imyagazi mu maboko yiwe ayifumbatire ku gikiriza ciwe, intama zonsa na zo azozibungabunga.
IZABURI 103 (104) 1b-2, 3-4, 24-25, 27-28, 29-30
Icit. : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje
kuko ari mukuru cane.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama Mana yanie, uri mukuru cane !
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza uk’igikwemu.
Umukama yashinze umurwa wiwe kw’ijuru (y’amazi yo hejuru),
ibicu bikamubera inderuzo
agendera ku mababa y’umuyaga.
Imiyaga ayigira irtumwa ziwe,
amasase y’umuriro akayagira abasuku.
Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga,
isi ihinda itunga ryawe.
Raba ikiyaga amahero, ibikoko indiri n’indiri
bikivogeramwo, ibinini n’ibitoyi.
Bose barindiriye
ko wobakora mu minwe igihe kigeze ;
urabibaha, bakavyakiriza yompi,
uragaranzura ibiganza, bagahazwa n’ivyiza vyawe.
Winyegeje, igihumura gica kibica,
baca barumara bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye
kandi ugaca uhindura isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (2, 11-14; 3, 4-7)
Imana iradukiriza mu mazi yatwuhagiye akabi kose tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda
Mukunzi wanje, Urukundo Imana yadukunze, sôko ry’ubukiriro bw’abantu hose, rwibonekeje mu bantu. Rutwibutsa guheba akabi kose no guhunga ibihenda amaso vyose, kugira ngo ubuzima bwa hano kw’isi tubukoreshe twigerera, tube intungane twongere tuyoboke Umuremyi. Ivyo vyose tubigire turorereye bwa buhirwe twizigiye na bwa buninahazwa bw’Imana yacu nzima n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu, We yatwihebeye ngo adukize akabi kose, atyorore igihugu kimwegukiye, cama citwararika ineza.
Umusi Imana Mukiza wacu yerekana impuhwe n’urukundo ifitiye abantu, ntiyiriwe irihweza ibikorwa vy’ubutungane twari twakoze. Imbabazi zayo zonyene ni zo zatumye idukiza mu mazi yatwuhagiye akabi kose kari karatuzingamitse, tugasubira kuba bazima muri Mutima Mweranda. Uwo Mutima Mweranda, yamutuvyagijemwo ku bwa Yezu Kristu Umukiza wacu, kugira ngo, amaze kutugira intungane, tube abaragwa b’ubuzima bwamaho twizigiye.
INKURU NZIZA
Aleluya, Aleluya.
Yohani yavuze ati : « Haje uwundusha ububasha ;
ni we azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (3, 15-16. 21-22)
Yezu amaze kubatizwa igihe yariko arasenga, ijuru ririyugurura
Abantu baje kwa Yohani ngo babatizwe bari biteze ikintu kandi baguma bibaza mu mitima yabo ko Yohani atari we Kristu. Yohani araheza ababwira hose ati : « Jewe mbatirisha amazi, ariko haje uwundusha ububasha sinkwiye n’ugupfundurura ibirato vyiwe, azobabatiza muri Mutima Mweranda n’umuriro. »
Ishengero ryose rimaze kubatizwa. Na Yezu nyene amaze kubatizwa, ariko arasenga, ijuru ririyugurura ; maze Mutima Mweranda aramwururukirako yibonekeje mu gisa n’inuma ; ijwi na ryo riva mw’ijuru riti : « Uri Umwananje, Jewe uyu munsi nakwivyariye. »