IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (6, 1-2a.3-8)
Ndi hano, ntuma
Mu mwaka umwami Oziyasi yatanga, jewe nariboneye Umukama Imana avyagiye ku ntebe ihagurutse, umutamana wiwe wari ukwiye mu gisengero. Abaserafini bari bahagaze hejuru yiwe. Barahanirana bavuga bati : « Umukama Imana y’ingabo, ni nyeranda, nyeranda, nyeranda. Ubuninahazwa bwiwe bukwiye kw’isi yose. »
Urwamo rwabo rwaranyiganyiza ibishimaryango, hanyuma igisengero kikuzura umwotsi. Nja rero mu vyo kwiganyira nti : « Karabaye, ndapfuye, ko amaso yanje abonye Umwami, Umukama Imana y’ingabo, kandi ndi umuntu w’akanwa kabi nkaba mu gihugu c’abanyakabi. » Umuserafini umwe arahaguruka aza iyo ndi afise ikara mu minwe, yokoje umunengo kw’ibuye ry’uruhimbi rw’Imana. Arinkoza mu kanwa avuga ati : « Iri kara ko ryakoze ku munwa wawe, icaha case kirahanaguwe, akabi kawe karishuwe. » Ndaheza numva ijwi ry’Umukama rivuga riti : « Ni nde nzorungika ? Ni Inde azotubera intumwa ? » Nanje nti : « Ndi hano, ntuma. »
IZABURI 137 (138) 1-2a, 2bc-3, 4-5, 7c-8
Icit. : Ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika, Mukama.
Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose,
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe ;
ngira nkuririmbire imbere y’abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.
Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe,
ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri Wewe ;
aho nagutabaza, waranyumviye,
ngo ngire ubwoba, uraunkiza, ungira umutinyutsi.
Abami bo kw’isi yose baraguhaya,
kuko nazi umuhango waduhaye ;
barashimagiza inzira z’Umukama :
ubukuru bw’Umukama ni akayazwe.
Umukama araramvura ukuboko kwiwe ngo ankize :
erega ububasha bwiwe bwama bungirira akamaro.
Urukundo rwawe, Mukama, ni urw’imyaka yose,
ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (15, 1-11)
Igisomwa kigufi : 15, 3-8. 11
Kristu yarapfuye, Kristu yarazutse
Ncuti zanje,
Ndasubiye kubibutsa benewacu ya Nkuru nziza nabamenyesheje, ari yo mwakiriye mugahagararako, ari yo idahengeshanya kubakiza nimwayigumya nk’uko nayibamenyesheje ahandi ho, mwoba mwemereye ubusa.
(Igisomwa kigufi gitangurira aha)
Ni uko rero, nabashikirije ubwa mbere ivyo nashikirijwe nanje : ko Kristu yapfuye kubera ibicumuro vyacu nk’uko vyari vyanditswe, ko yabambwe, hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu, nk’uko vyari vyanditswe, kandi ko yabonekeye Kefasi, hanyuma bamwe Icumi na babiri, akongera akabonekera bamwe benewacu barenga amajana atanu, — muri bo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe barapfuye, — hanyuma yabonekeye Yakobo, asubira abatumwa bose. Maze, hanyuma ya bose, yarambonekeye nanje, nari meze nk’uwavutse atageze.
(Igisomwa kiba kirahagarariye aha)
Mbere, jewe ndi uwa nyuma mu batumwa, sinkwiye no kwitwa umutumwa kuko nahamye Ekleziya y’Imana. Ingabirano y’Imana ni yo yangize uko ndi, kandi ingabirano yayo nagiriwe ntiyampfuyeko ubusa ariko naratamye kubarusha bose : mbere, si jewe, mugabo ni ingabirano y’lmana iri muri jewe.
(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)
Koko, ari bo, ari jewe, uko ni ko twama twigisha, uko ni ko mwemeye namwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimunkurikire,
nzobagira abarovyi b’abantu. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 1-11)
Baca basigaho vyose, baramukurikira
Umusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero.
Ngo aheze abwira Simoni ati : « Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati : « Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata ; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga. »
Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga wabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira.
Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati : « Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi ! » Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati : « Gumya umutima ; kuva ubu uzohora uroba abantu. »
Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.