Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » Dutorwa n’Imana ngo tugire ico twimariye n’ico tumariye abandi. Ntidutinye.

Dutorwa n’Imana ngo tugire ico twimariye n’ico tumariye abandi. Ntidutinye.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


peche-miraculeuse-2Ijambo ry’Imana twateguriwe kuri uwu musi w’Imana ugira gatanu rituyagira ivy’itorwa n’ihamagarwa ry’abantu batatu : Izaya, Pawulo w’i Tarsi hamwe na Simoni Petero. Hari ico bahwanirako bose : nta n’umwe ahitamwo igihe ahamagarwa, kandi bose baragize ubwoba kuko babona ko batabikwiye na gato. Ariko baragize ubutwari, barishura bati ego n’aho babona ivyo boshobora ataho bihuriye na gato n’ivyo Umukama abasavye. Nk’uko twavyumvise mu Nkuru Nziza, Yezu abwiye Petero ati : Ntutinye. Egome cane bavukanyi, ntawobura gutinya, aravye ubworo bw’umutima wiwe, ubugereranije n’ivyo ahamagariwe.

Hari ibintu bitari bike bitubuza kwishura umuhamagaro w’Umukama :

– Aho hose bimaze kutugora muri kahise, bigatuma twiyumvira ko ataco dushoboye. Mbere ng’aha ni naho duhora dufatira mu kuzirikira abandi muri kahise kabo duti : none ntimwibuka ko ari wa wundi, ari ba bandi kuva na kera bamwe bagira gutya ? Ntimwibuka ko yama ameze, agira uku canke kuriya. Maze rero bikatwugara amaso n’umutima, tukazingama, kandi abatubona babona ko ataco twari tubuze.Isaiah

– Izaya ati : «Karabaye, ndapfuye, ko amaso yanje abonye Umwami, Umukama Imana y’ingabo, kandi ndi umuntu w’akanwa kabi nkaba mu gihugu c’abanyakabi ». Iyo turavye ibicumuro vyacu, canke tukaraba abantu tubana uko bateye, tugira duti ntavyo twoshobora, maze tugasubiza ikirenge inyuma. Tuba twihenze, kuko ugutyororwa ntibiva kuri twebwe gusa. Mwumvise hari ivyo Izaya yasavye ? Ico yabonye, ni ubworo bw’umutima wiwe (Umuntu w’akanwa kabi= ngo akari ku mutima gasesekarira ku rurimi), ibisigaye Umukama yaravyikoreye, kuko Izaya yamurendekeye, akemera ko amutyorora. Ni co kimwe na Pawulo Mweranda aha yiyita ko ari nk’uwavutse atageze (avorton). Aravye ivyo Umukama amutuma gukora, asanga ari nk’uwatanguye chantier y’inzu ariko akayihebera mu rwubako kuko ataronse ibikwiye. None mwumva iyo nzu yokora ico yagenewe ? Ni nk’uwavutse atageze (n’aho muri iyi misi turimwo dushobora kumukuza dukoresheje ubuhinga bwa none Umukama yaduhaye). Nico gituma Umuserafini atyorora ururimi rwa Izaya ; Simoni Petero akabwirwa na Yezu ati « ntutinye » (kandi ibi tubibwirwa imisi yose, naho ngira ngo tutavyibuka), Pawulo nawe ati : ubu ndatahura ko ata kuntu kwanje (un projet interrompu), ariko ko « ingabirano y’Imana ni yo yangize ukwo ndi ». (1Kor15, 10).

– Iyo hageze ko duhitamwo naho, tumaze kubona ko tutabikwiye, hari igihe twibaza duti none ibi ntawundi yari kubikora ? Abavyeyi bamwe bamwe, (kandi banasenga na cane ga !) ni bo bahora bagira bati : Mukama, turabona ubukene dufise bw’abadushikiriza ivyiza vyawe (abasaserdoti, abihay’Imana, indemesha z’umuryango w’abakristu). Bati kandi urabona ko nk’urya musore canke irya nkumi yo kwa kanaka yobibera ! Maze igisabisho cabo kikama kigira gityo, kandi nabo nk’uwo musore (iyo nkumi) bamufise !

– Hari ikindi gifatiye kuri ibi tumaze kuvuga : kumenya neza, ido n’ido ko ivyo Umukama adusavye tuzobishikako nyene. Ibidutera ubwoba ntibibura, uri ivyatubayeko, canke ivyo tubona biba ku bandi nyene. Ariko turavye ingene Petero vyamugendeye, nta garantie yasavye, n’aho nyene vyaboneka ko ivyo asabwe bigoye, mbere, bitanashoboka. Ngira ngo ntidutegera neza ivyabaye kuri Petero. Yezu yamubwiye ati : « Igiza rero ahari amazi menshi ». Ariko, neza na neza, ijambo yamubwiye riteye ubwoba. Yagize ati : ni wegere rero mu nyenga (eis to bathos) Iri jambo abayahudi barazi ico rivuga, kuko baba mu bugaragwa maze iyo nyenga ivugwa (Amamuko 7,7 ; Zab 74,14, Yonasi 2,2, Yobu 38,16,…) ikaba itobuza guhindisha agashitsi.

Uyu musi rero, Yezu abwiye twebwe Umuryango w’Abemera ati : irekure, ihebe, uhangane n’inyenga y’ikiyaga, inyenga y’ikibi, kuko ari jewe ndagushigikiye. Ukiri ku nkombe y’ikiyaga, wohava wizera ivyo ushobora kwishimikiza, ivyo woshobora kwifadikiza. Ariko uri hagati na hagati, uzoheza utereze amaso iwanje, nka wundi agira ati : « nashaye mu rwondo runyigimba rutagira ifadikizo, amaso yaheze mu nzira niteze Rugira ».

Erega burya, ubiravye neza, n’uburuhe Petero ntabwo yari abuze. Yabwiye Yezu ati : « Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata ». Ariko, kw’Ijambo rya Yezu, aratera urusenga. Ng’ivyo ibihora bidushikira, iyo tugize duti : kuva aho nakamuhanuriye, kuva aho nakamwihanikirije, narambiwe, ntakivamwo, karabaye. Bisa n’ukuroba ku mutaga, kandi no mw’ijoro wabuze. Ntaho biradushikira ngo dutane n’akabando ? Uyu musi Umukama agize ati : murarabe ko mutagize ngo conditions zirakwiye, vyose ni wararaye, tugaheza tukishimira ivyo, tugaca tumwibagira. Erega n’aho hoba mw’ijoro, tutari kumwe n’Umukama, ntaco twoshikako !

Ico twomenya bavukanyi, Umuhamagaro wacu wo kugira ico twimariye n’ico tumariye abandi, uranguka kubw’inema y’Imana gusa. Mvuze nti kugira ico wimariye n’ico umariye abandi kugira ngo ntihagire uwibwira ngo ivy’umuhamagaro ni vya ba Patiri, Ababikira, abafurera. Hari uwohava yibwira ati : erega Izaya, Pawulo na Simoni Petero baratyorowe, ni co gituma bashoboye ubutumwa. Kiretse ko na bo nyene bitigeze biborohera (nibutse gusa ivyerekeye Petero ingene rimwe na rimwe yabihusha, akavuga ibitari vyo, simvuze ko yihakanye umugenzi, avunderejwe n’umugore/incoreke !!!), na twebwe ubu bwa none ntibitworohera. Ariko Umukama we nyene ni we atwunganira, nako yikorera ivyo ashatse muri twebwe. Mushaka ikara ryo kubatyorora ? Egome cane, mbere hari n’ibirengeye aho. Turasangira ku meza y’Ukaristiya, maze Yezu ntatyorore gusa akanwa kacu, ahubwo akaduhindura, tugasa nawe. Ntitwokwubahuka rero gusubira inyuma uko twaje. Ni dushire ubwoba, ntihagire uwibaza ko vyose biva kuri twebwe, Umukama we nyene aramenya ingene avyitosorera.

Tubisabiranire, kugira ngo umwe wese, mu muryango w’ab’Imana, agire uruhara rwiwe, maze twese dushobore kwakira n’ugutanga urukiza duhabwa n’Imana.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :