Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » Ukugeragezwa kwa Yezu, ni urupimo y’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira.

Ukugeragezwa kwa Yezu, ni urupimo y’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


TentationsIjambo ry’Imana dushikirizwa kuri uwu musi w’Imana wa mbere wo mu Karema, naho dukunda kuryitirira ukugeragezwa kwa Yezu, nkundire tubihindukize ukundi, tuvyerekeze ku kwemera kwacu, n’ingene tukugaragaza, cane cane iyo rugeranyeko. Nkako nyene, ibisomwa twasomewe, uko ari bitatu, biragaruka kuri ukwo kugaragaza ukwemera : ukwemera kwaranze/kwaranga bene Israyeli, ari nakwo kwemera Pawulo Mweranda agarukako mw’ikete yandikiye Abanyaroma. Yezu arashimangira imigenderanire afitaniye na Se mu kumwumviriza no mu kumuyoboka. Muri iyi misi 40, dusabe Umukama adukomereze ukwemera.

Imisi mirongo ine y’Ikarema.

Guhera ku musi wa 3 w’iminyota, twaratanguye rwa rugendo rw’imisi 40, rudushikana ku kwigina intsinzi ya Pasika. Nk’uko tubizi canke tuvyibuka, iyo misi 40 yibutsa igihe Abanyisraeli bamaze mu bugaragwa, bagana igihugu Umukama Imana yari yabageneye. Baragendanye rero n’Imana, barabona ingene Imana ibitaho, naho vyaba vyabagoye nyene. Ikindi iyo misi 40 ivuga, ni uko abagize urwo rugendo bashitseyo bamaze kubona vyinshi/menshi, baragize experience idasanzwe y’ubuvyeyi bw’Imana. Nico gituma badakekereza mu gushikanira Imana mu vyo yabahaye.
Iyo misi 40 kandi, iranatwibutsa imisi 40 Umuhanuzi Eliya yamaze mu gahinga igihe yariko ahunga Yozabeli, akabonana n’Imana kuri Horebi. Iratwibutsa kandi ya segenya yo kuri Nohe, iyo nayo ikaba itabaye iherezo, ahubwo yabaye itanguriro ry’Ubuzima bushasha. Erega bavukanyi, Pasika dushemeza, ni intango y’isi nshasha. Kandi ga, n’umuntu avukira ubundi buzima iyo haheze indwi 40 (amezi 9). None rero, bitubera akaryo keza ko kuvukira ubundi buzima, kandi ivyo ntivyorinda kudushikana ku musi mukuru wa Pasika.

Inkuru Nziza : Imana ntiyaduhevye.

Mu kugeragezwa nk’uko twese tugeragezwa, ni ijambo rihambaye Imana ishimye kutubwira muri Yezu Kristu. Twihweje ingene Luka atwiganira vya Yezu, Yezu ahejeje kubatizwa, Luka abanza kutwereka Amamuko ya Yezu. Ntabiherako nka Matayo. Ayo mamuko nayo, nk’uko tubizi, aratwiganira ababaye intwari mu bakurambere, ariko hadasizwe inyuma n’abo vyagiye biragora nyene, nk’uku kwacu. Yezu rero yinjiye muri abo, abaye umwe muri bo. Yinjiye muri ako kahise katamye kagororotse igihe cose. Arageragezwa, ariko agatsinda inyosha mbi zose. Ntabaye nka Adamu, yumviye Sêkíbi. Yagumye mu bunywanyi n’Imana, mu gutega yompi iry’Imana iyaga. Aho rero urukiza ruradusaga, ivyeremwe vyose bikahatorera akoyoko. Nkako nyene, igicumuro ca Adamu cahindanije Iparadizo, ubumwe bwari bwaharangwa burasambuka. Iyo dusomye Inkuru nziza ibangabanganwa n’iyi muri Mariko, turabona ko havugwamwo Mutima w’Imana, Shetani (ariyo igerageza Yezu), Abamalayika, ibikôkó vyo mw’ishamba. Bitwibutsa ubumwe bwaranga ivyaremwe n’Imana. Ng’uyu Yezu, asubiyeyo, kandi ivy’ukugeragezwa bimaze guhera, abamalayika ngo baramwagereye, baramusukurira. Ng’uwo rero arasubije hamwe ivyaremwe vyose. Erega bavukanyi, mu gucumura, isi hamwe n’abayibako birahindana, tukahagorerwa. Ngo n’ibidukikije bikahahonera….Papa Fransisko ati « ni muze tubungabunge isi, yo burâro rusangi » (Laudato si).

Ukugeragezwa kwa Yezu : igipimo c’ukwemera Imana nk’uko ishaka kutwihishurira.

Yezu yarageragejwe mu buryo bwose. Kandi nk’uko abanditsi b’Inkuru Nziza babivuga, ukugeragezwa kwiwe ntikwamaze iyi misi 40 gusa, vyavaye ivy’ubuzima bwiwe bwose. Nk’uko bene Israyeli bageragejwe ku vyerekeye ivyo bafungura (Ihunguka 16), bakageragezwa igihe basenga ishūri y’inzahabu (Ihunguka 32,34) hamwe no mu kurondera ibitangaro vy’akamarampaka (Ihunguka 17), Yezu asubiyemwo urwo rugendo bagize ngo atwereke ivyo twokwama twisunga mu buzima bwa misi yose. Sintangajwe na gato n’uko inyishu zose za Yezu ziva mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (8, 3 ; 6,13 ; 6, 16). Nta rundi rukiza dufise, ngire nti nta kandi « gasabiko » Yezu atweretse atari ukwama twibuka iry’Imana ituyagira.

Bavukanyi, ukugeragezwa nya kugeragezwa gufatiye ku kuntu twemera Imana, akaba ariyo itwihishurira yo nyene iyo ari yo. Tubirabiye hafi, aya mageragezwa yose ni aho afatiye. Shetani iti : gira ico ugize nyene, tubone ko uri Imana ; hindura iri buye ribe umukate ; simba abantu bose bajinjibuke ; akira kandi werekane ubukuru bwawe. Erega n’igihe yari ku musaraba, ni ko vyageze. Umwe muri vya bisuma ari : Ikure ku musaraba, wikize, natwe tubonereho ; abasikirikare bati : nawe nu nta mwami yopfa ukuri hano…ni waba uri Umwami, vyerekane, utuve mu minwe ; abakuru mu vy’ukwemera nabo bati ukaba uri Mesiya, erekana ko muri kumwe n’Imana (nk’uko bogize bati simba none !).

Uwokwumva ibi yogira ngo twebwe ntibitwerekeye. Iyo dusenga tuvuga duti : ntudutererane inyosha mbi, sinzi ivyo umwe wese yiyumvira. Ico mbona co, ni uko Imana ihora iradutungura, ikadutangaza kweli. Uwo Yezu atandika izina ryiwe mu kirere ngo bose baribone hanyuma bemere, uwo Yezu anareka abantu bakabamara babamuhora, mbega agenze ate ? Ubwo ntaho tuvuga nk’abari aho (Ivyabona vya Yehova) , mu bihe vy’ingwano (muri za 94) bagira bati : « Mbega abantu b’Imana baroye hehe ? » Ariko ikibazo si ico ! Ikibazo nyaco bagira bati : uravye ivyo duhitiyemwo, mbega Imana yari hehe ? Sinzi uwaririmvye ibisa n’ivyo ati : « Mana ube hafi, maze utabare isi yawe…. Aho ibyo byose byaba ga, wari he ? »

Ikibazo rero ni twebwe, igihe cose dushatse ko Imana iba uko dushaka. Nivyo Shetani yashatse gutsindikira kuri Yezu, nivyo duhora tugira. Amageragezwa ya mbere rero, ni ugusaba Imana ngo ive mu gacererere irimwo, yiyerekane (isimbe iva kw’isunzu ry’igisengero). Kandi ivyo tubiravye, umwe wese hari ico yoba ahora asaba Imana, ati : wonkorera iki, emwe nanje nobikwereka basi. Tuba twibagiye ko ubwa mbere Imana iduhunda ivyiza vyayo, maze mu nyuma ikadusaba ko twoyizigira. Iyo habuze urukundo rero (kuko Shetani iryo jambo ataryo izi !), ica itangura ivya « sekura ungurane », iti niwagira iki, nanje nca ndaguha iki. None ubwo turavye ntaho tubona mu buzima bwacu bwa misi yose hari ibisa n’ivyo ? Muri uru rugendo twatanguye ku wa 3 w’iminyota, dusabe cane cane ingabirano y’ukwemera ngo « dukurikire Yezu we Ndōngōzi y’ukwemera kwacu » (ivyibukiro vy’umuco).
Mukama, ni uduhe Mutima wawe atwame hafi kandi aduherekeze muri uru rugendo, kugira ngo dutsinde inyisha mbi zose. Dufashe twame dutega yompi kandi twibuka Ijambo rya Yezu, Umwana wawe, akaba n’Umuvukanyi wacu, We twizigiye ko azodushikana iwawe aho uvyagiye, tukakubona nk’uko uri, tukabana imyaka yose. Amen.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :