IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 61, 1-3a. 6a. 8b-9
(Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe).
Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umunsi wo kwihora kw’Imana yacu.
Yantumye guhoza abagandaye bose,
ngo nambike urugori abagandaye bo muri Siyoni
mu kibanza c’umunyota,
ngo mbasige amavuta y’agahimbare
mu kibanza c’ivyambarwa vy’ukugandara,
ngo mbahe umwambaro w’akanyamuneza
mu kibanza c’umutima utuntuye.
Namwe muzokwitwa « Abasaserdoti b’Umukama »,
abantu bazobita « Abasavyi b’Imana yacu. »
Nzabaha umugisha ukwiranye n’ukuri kwanje,
nzosezerana namwe isezerano ryamaho.
Abazobamukako bazomenyekana mu mahanga,
n’uruvyaro rwanyu ruzomenyekana mu makungu ;
abazorubona bose bazomenya
yuko ari rwo ruvyaro rwahezagiwe n’Umukama.
Izaburi 88 (89), 21-22. 25-27
Icit : Urukundo rwawe, Mukama,
ndaruririmba ubudahengeshanya.
Narironkeye Dawidi, umusavyi wanje,
ndamusiga amavuta meranda ;
iminwe yanje izomuhagarikira,
ukuboko kwanje kuzomukomeza.
Sinzomuhamukira kandi urukundo rwanje bazokwamana,
ubukomezi bwiwe buzoseruka kubera izina ryanje ;
azompamagara ati : « Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukaba ikinja rinkiza. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani : 1, 5-8
Umuherezankuka, Mwami w’abacunguwe
Murakagabirwa inema n’amahoro biva kuri Yezu Kristu, We cabona c’intahinyuka, We mfura mu bari bapfuye, akaba ari We aganza abami bo kw’isi. Uwudukunda akadukiza ibicumuro vyacu mu maraso yiwe ngo yongere atugirire Imana Se abami n’abasaserdoti, ni We akwiye ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka : Amen.
Ng’uyo araje azananye n’ibicu, kandi ijisho ryose rizomubona, n’abamusogose nyene bazomwitegereza, maze amoko yo kw’isi yose azomuborogera. Egome ! Amen !
Jewe ndi Alfa na Omega ; niko Umukama Imana avuga ; jewe ndi Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze, We Mushobora vyose.
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Umutima w’Umukama uri kuri jewe ;
Yantumye kuburira Inkuru Nziza aboro.
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka : 4, 16-21
Umutima w’Umukama uri kuri jewe ; nico gituma yansize amavuta
Muri irya minsi,
Yezu aja i Nazareti, aho yari yararerewe. Araheza arinjira mw’isinagoga, nk’uko yahora abigenza ku minsi w’isabato. Arahaguruka ngo asome. Bamuhereza igitabu c’umuhanuzi Izaya ; azingurura ahanditswe ngo :
‘Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko yansîze ngo mburire Inkuru Nziza aboro ;
andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro,
mu bahumye ngo bahumuke,
kurókora abababaye
n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukama.’
Ahejeje arazinga igitabu, agihereza uwahakora, aca aricara. Abari mw’isinagoga bose bari bamuhanze amaso. Aca atangura kubabarira ati : « Uyu munsi, ivyanditswe vyarangutse imbere yanyu.»