IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (5, 12-16)
Umuvukano w’abakristu ba mbere
I Yeruzalemu, abatumwa baragira n’iminwe yabo ibimenyetso n’ibitangaro vyinshi mu bantu ; bahora bakoranira bose hamwe munsi y’ubwugamo bwa Salomo. Mu bandi bantu, nta wubahuka kuja hamwe na bo, yamara igihugu cose cabavuga neza ; igitigiri c’abemera Umukama, uri abagabo, uri abagore, caguma congerekana imisi yose. Abantu benshi bahora basohora abarwaye bakabaryamika ku mariri canke ku birago imbere y’inzu yabo, kugira ngo Petero, niyahaca, igitutu ciwe kigire abo giciyeko. Benshi bo mu bisagara vya hafi bahora baza i Yeruzalemu bazanye abarwaye n’abari bafashwe n’imitima ihumanye, kandi bose bagenda bakize.
IZABURI 117 (118) 2-4, 22-24, 25-27a
Icit. : Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose.
Canke : Aleluya.
Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango wa Aroni n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Abubaha Umukama bose nibavuge bati :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye,
vyabonetse ku bw’Umukama.
Ng’uyu umusi Umukama yagize,
turanezerewe, turahimbawe.
Dukize, Mukama, dukize,
duhe gutabaruka, Mukama !
Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama !
Turabahezagiye, turi mu ngoro y’Umukama.
Umukama ni we Mana,
ni we atumurikira.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (1, 9-11a.12-13.17-19)
Ndi muzima
Jewe Yohani, mwenewanyu dusangiye amarushwa, ubwami n’umutima rugabo biri muri Kristu, nari mw’izinga ryitwa Patimosi mporwa ijambo ry’Imana n’intahe nashingiye Yezu. Ku musi w’Umukama, ndajanwa muri Mutima, numva ijwi ryasirana nk’inzamba rivuga riti : « Ico ubona ucandike mu gitabu kandi ukirungikire Amakleziya indwi ari muri Aziya ntoyi. » Mpindukira kuraba iryo jwi ryanyagira iryari ryo nbona imitekero y’inzahabu indwi y’amatara, kandi hagati y’iyo mitekero mbona Uwusa n’Umwana w’umuntu. Yambaye imyambaro ishika ku birenge, akenyeje mu gikiriza umukanda w’inzahabu. Ngo ndamubone, ngwa ku nyundo ziwe nk’uwapfuye ; we yamara anyubikako ukuboko kwiwe, avuga ati : « Ntutinye ! Jewe ndi Uwa mbere n’Uwa nyuma, kandi ndi Umuzima. Nari narapfuye, kandi raba ndi muzima mu myaka n’imyaka ; mfise impfunguruzo z’urupfu n’iz’ukuzimu. Andika rero ivyo ubonye : ibiriho ubu n’ibizoshika hanyuma. »
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye. » Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati : « Twabonye Umukama », abishura ati : « Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera. »
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati : « Nimugire amahoro ! » Hanyuma abwira Toma ati : « Shira urutoke ngaha : ng’ibi ibiganza vyanje ; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje : ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere. » Toma amwishura ati : « Mukama wanje, Mana yanje ! » Yezu na We amwishura ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye : hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona. »
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.