Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka C)

IDOMINIKA YA 3 YA PASIKA (Umwâka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)



Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa 
(5, 27b-32. 40b-41)

Abatumwa bahamwa i Yeruzalemu

RessuscitéMuri irya misi, abatumwa bajanywe imbere y’inama nkuru, hanyuma umuherezankuka mukuru arababaza ati : « Twari twababujije rwose kwigisha kuri iryo zina rya Yezu, none ubu Yeruzalemu yose mwayikwiragijemwo inyigisho yanyu ; aho nyene mugomba kuturemekako amaraso y’uwo muntu ? »

Petero n’abandi batumwa barishura bati : « Tubwirizwa kugamburukira Imana kuruta abantu. Umukama Imana ya ba sokuru bacu yarazuye Yezu mwari mwishe mumubamvye ku giti. Imana yamushize iburyo bwayo nk’Umukuru n’Umukiza, kugira ngo amanurire kuri Israyeli ukwigaya n’ikigongwe c’ibicumuro. Nayo twebwe, turi ivyabona vy’ivyo bintu kandi Mutima Mweranda Imana irungikira abayigamburukira bose, ari kumwe natwe. »

Baraheza rero barakubita abatumwa, bongera bababwira ngo ntibabe bacigisha kw’izina rya Yezu, hanyuma barabarekura. Na bo bajana urweze kuko bari batewe iteka ry’uguhorwa iryo zina.

IZABURI 29 (30) 2-4, 5-6, 11.12a.13b

Icit. : Ndaguhaya, Mukama,
         kuko wambogoye.

Canke : Aleluya.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye,
ntiwampaye amenyo y’abansi.
Mukama, wankuye ku cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba baraboroga,
mu gitondo bagatarika.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe !
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina ;
Mukama, Mana yanje, nzoguhaya imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (5, 11-14)

Urakaninahazwa Umwagazi wadupfiriye

Jewe Yohani, narabonekewe numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya Ntebe, vya Bizima na ba Batama : igitigiri cabo cari nk’isinzi ibihumbi n’ibihumbi. Bavuga n’ijwi rirenga bati :

« Wa Mwagazi wishwe urabereye kwakira
ububasha n’ubutunzi, ubwenge n’ubukomezi,
icubahiro, ubuninahazwa n’ishimagizwa. »
Kandi, ibiremwa vyose vyo mw’ijuru, vyo kw’isi,
vyo mu kuzimu, vyo mu kiyaga n’ibirimwo vyose,
numva biriko biravuga biti :
« Uwuvyagiye ku Ntebe be n’Umwagazi,
nibahabwe ishimagizwa n’icubahiro,
ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka. »
Na vyo vya Bizima bine biravuga biti : « Amen ! »
Ba Batama na bo bakubita ibipfukamiro, hasi barasenga.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Kristu yazutse, ni we yaremye vyose,
akaba ari we yatewe imbabazi n’abantu bose.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (21, 1-19)

Igisomwa kigufi : 21, 1-14

Yezu abonekera abigishwa biwe ku kiyaga

ApparitionYezu asubira kwiyereka abigishwa biwe ku nkombe y’ikiyaga ca Tiberiyadi. Ng’uku uko vyangenze : Simoni Petero, Toma bita Didimo, Natanayeli w’i Kana mu Bugalile, bene Zebede n’abandi bigishwa babiri, bari kumwe. Simoni Petero ababwira ati : « Ngiye kuroba. » Bamubwira bati : « Natwe turajanye. » Baragenda rero baja mu bwato ; ariko muri iryo joro ntaco baronse.

Hamwe buhaye guca, Yezu aboneka ku nkombe, ariko abigishwa ntibamenya ko ari we. Yezu ababwira ati : « Bana mwe, nta twokurya mufise ? » Bamwishura bati : « Oyaye. » Ababwira rero ati : « Terere urusenga iburyo bw’ubwato, muraronka. » Bararuterera, bica birabankira kurukwega kubera ifi isinzi. Wa mwigishwa Yezu yakunda, niko kubwira Petero ati : « Ni Umukama ! » Simoni Petero yumvise ko ari Umukama, aca arakenyera impuzu kuko yari gusa, araheza yisuka mu kiyaga. Abandi bigishwa bari hafi y’inkombe nk’imetero amajana abiri gusa, baza mu bwato, bakwega urusenga n’ifi. Bashitse imusozi, babona umuriro w’amakara uriko ifi n’umukate. Yezu ababwira ati : « Zana zimwe muri izo fi murovye. » Simoni-Petero asubira mu bwato akwegera imusozi rwa rusenga rwuzuye ifi ninini : ijana na mirongo itanu na zitatu. Kandi n’aho zari nyishi gutyo, urusenga ntirwashwanyutse. Yezu ababwira ati : « Ingo mwikure ubucugu. » Nta n’umwe mu bigishwa yubahuka kumubaza ati : « Uri nde ? », kuko bari bazi neza ko ari Umukama. Yezu aregera, yabira umukate, arawubagaburira, n’ifi atyo nyene.
Uko ni ko Yezu yabimenyesheje ubugira gatatu, amaze kuzuka mu bapfuye.

(Igisomwa kigufi giherera aha)

Bamaze gufungurira ku nkombe y’ikiyaga, Yezu abwira Simoni Potero ati : « Simoni mwene Yohani, urankunda kuruta abo ? » Na we amwishura ati : « Ego Mukama, urazi ko ngukunda. » Yezu aramubwira ati : « Ragira imyagazi yanje. » Asubira kumubwira ubwa kabiri ati : « Simoni mwene Yohani, urankunda ? » Na we amwishura ati : « Ego Mukama, urazi ko ngukunda. » Yezu amubwira ati : « Ragira intama zanje. » Asubira kumubwira ubwa gatatu ati : « Simoni mwene Yohani, urankunda ? » Petero ababazwa n’uko Yezu amubwiye ubwa gatatu ati : « Urankunda ? » ; ni ko kumwishura ati : « Mukama urazi vyose, urazi neza ko ngukunda. » Yezu amwishura ati : « Ragira intama zanje. Ni ukuri ni ukuri ndabikubwiye : ukiri muto, warikenyeza ukagenda iyo ushaka ; naho niwamara gusaza, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka. » Yezu yavuze ivyo ngo amumenyeshe ingene azopfa ngo aninahaze Imana. Hanyuma ahejeje kuvuga atyo amubwira ati : « Nkurikira. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :