AMAPFUNGO Y’ABASASERDOTI N’ABIHEBEYIMANA BABA I ROMA
“Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Lc 6, 36)
Bavukanyi, Ikarema tumaze igihe tutanguye ni Ikarema idasanzwe kuko ije mu mwaka wahariwe ikigongwe c’Imana. Nk’uko dusanzwe tubizi ikarema ni igihe co guhindukira ku Mana. Duhamagariwe gusenga, kwisonzesha no kugira utwigoro mu ntumbero yo gucumvya impengamiro n’ingeso mbi zacu zitwigiza kure y’Imana kandi zikatubuza kugiriranira imigenderanire myiza n’abandi bavukanyi. Murumva rero ko ikarema ari igihe ciza kidufasha guhurumbira kuruta ikigongwe c’Imana kitwuhagira umwanda wose w’igicumuro, kikatugira abantu bashasha banywanye n’Imana kandi bakunda n’abagenzi. Nta muntu numwe ashobora kunywana na bagenziwe atabanje gukomeza ubunywanyi bwiwe n’Imana.
Nico gituma rero nashimye ko twozirikanira hamwe ikigongwe Imana idahengeshanya kutwereka kugira ngo natwe dushobore kuba abanyakigongwe barajwe ishinga no gusasagaza hose amahoro n’akanyamuneza. Muri ino nyigisho, kugira dutahure ikigongwe duhamagariwe kwereka no kugirira abandi, tubanze turabire hamwe ingene imana yamye ikunda twebwe abantu itaravye ububegito n’ibicumuro vyacu.
- Ikigongwe c’Imana mu Bitabu Vyeranda
Mu ntango Imana ikirema Adamu na Eva, yabahaye itegeko ryo kwirinda kurya icamwa kiri hagati mu murima wa Edeni. Badatevye baragiye ku mabwire ya Shetana barenga ibwirizwa ry’Imana mu kurya icamwa bari babujijwe. Shetani yarazi ko umugambi w’Imana uzoca uhagarara, ariko Imana yabandanije ikunda Adamu na Eva. Urwo rukundo n’imbabazi Imana igirira abayo, rurigaragaza n’igihe Kayini yica mwenewabo Abeli. Imana ntiyaciriye Kayini urwo gupfa kuko ishaka ko twese tubaho. Ndetse iragabisha uwo wese yokwihenda akamwica. Ndetse yaramushize ko ikimenyetso kugira ntihagire numwe azihenda ngo amwake ubuzima (cfr. Gn 4, 15-16).
Imana yarakunze yongera iratonesha igihugu c’Israeli mu kugikura mu buja bw’abanyamisiri ikakigabira Isi y’insezerano. N’aho Israeli yari yaraganye kuyoboka Imana mu kwemera kurangura amabwiriza yayo, bidatevye Abanyisraeli baribagiye ivyiza n’ubuntu Imana yabagiriye, aho kuzigama insezerano batangura gusenga no kuyoboka ibigirwamana. Umuhanuzi Osea agereranya urukundo Imana ikunda Israeli n’Urukundo umugabo akunda umunega wiwe. Osea agereranya ubuhemu bw’Israeli n’umugore aja kure y’umugabo wiwe mu kuja gushurashura n’abangushi. Ariko ivyo ntivyabujije Imana kubandanya izigama insezerano yagiriye igihugu cayo. « Ngiye gutsinda ubukari bw’ishavu ryanje, singisubira gutikiza Efurayimu, kandi ndi Imana sindi umuntu. Ndi mweranda nkaba hagati yanyu, singisubira kubashavurira » (Os, 11,9). Imana ntiyigeze idebukirwa mu gukunda igihugu cayo, ariko yararungikira igihugu cayo abahanuzi kugira bahanure kandi bigishe Abanyisraeli kuva mu bugarariji ngo bayoboke Imana n’amabwirizwa yayo kuko yariyo nzira yonsa ishikana ku buzima nyabwo. N’aho twebwe abantu bitugora kurekurira benewacu, Imana yo ni munyakigorwe. « Umukama ni nyene impuhwe n’imbabazi, ntakaze ishavu yuzuye ubuntu. Ntiyama mu mpari igihe cose, ntagumana ishari umwanya wose.Uko ducumura si ko aduhana, ntagera ingere ku vyaha vyacu» (Ps 103, 8-10)
Muri make, mu Bwuzure bwa kera:
- Imana niyo bukiriro bw’abacumuye : « Umukama ni nyen’imbabazi n’impuhwe ntakaza ishavu, yuzuye ubuntu ; Umukama ni mwiza kuri bose agirira impuhwe ivyo yaremye vyose » (Ps 145,8-9). Ma maso ya twebwe abantu, umucumuzi akwiye igihano, ni nyagupfa. Ariko Imana yo ntishaka urupfu rw’uwo yaremye ahuwo igomba kumugirira ikigongwe ngo ahinduke (cfr. Ez, 33,11). « Niwe akurekurira ivyaha vyawe vyose, niwe agukiza indwara zawe zose » (Ps 103, 3-4)
- Imana kandi yama yitwararika abagowe batagira aho bikora: « Niwe aburanira abacinyizwa agaha ivyokurya abashonje, Umukama niwe abohora ababoshwe » (Ps 146, 7). Imana niyo mahungiro y’abari mu maganya, kandi uwo wese ayitakambiye iramukura mu menyo y’abatwenzi. Iki kigongwe Imana igirira abatagira shinge na rugero ni ryo shingiro ry’ibikorwa vy’ikigongwe bibwirizwa kuranga uwakristu wese.
Mu bwuzure bushasha, Yezu araduhishurira impuhwe n’urukundo vy’Imana. Yezu ni ikimenyetso kigaragara c’impuhwe z’Imana. Mu gihe abanditsi n’Abafarizayo bigisha ko ata muhanuzi yokwegera abanyakabi, Yezu we yaje yakira kandi yiyegereza bose cane cane abacumuzi ba ruhebwa nk’abatozakori, abasambanyi,….Yezu agira ati : « Sinazanywe n’abakomeye ariko nazanywe n’abarwaye …Nkako intungane si zo naje guhamagara, ahubwo ni abacumuzi» (Mt9, 12-13). Ubwo tweho ntibishika tukifata nk’Abafarizayo? Ntibishika tugatirimutswa n’ivyiza Imana igirira abanyavyaha? Urukundo n’imbabazi Imana idufitiye vyarangutse mu Mwana wayo Yezu Kristu yitanze kw’inkuka y’umubiri n’amaraso ngo adusubize mu bunywanyi bwa Mana Data mu kudukiza igicumuro n’urupfu. Yezu yaje kuduhishurira ko Imana ari rukundo, rukunda bose rudacagura.
Yezu ntatwigisha mu majambo gusa, ariko cane cane atwigisha mu kuduha akarorero mu kugendera urukundo rukunda bose, gushika n’aho arekurira abariko baramwica ku musalaba ati : « Data, barekurire, kuko batazi ico bakora » (Lc 23, 34). Hanyuma n’aho Yezu yarazi ko Yuda yari mu nzira yo kumuhemukira ntiyigeze amukumira mu bandi batumwa. Yezu yabaye umusuku wa bose, na Yuda nyene. Ivyo bigaragarira igihe yariko araboza ibirenge abura ko agiye gutanga ubuzima bwiwe kugira abantu barokoke na Yuda adasigaye inyuma. No muri rya joro yafatwa, Yezu yahaye Yuda intore idimvye kugira ngo amwereka ko naho yahisemwo kuba umuhemu, Yezu aguma amakunda kugira ngo ahinduka (cfr. Jn 13, 21-30).
BIZOBANDANYA…..