Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Vivons en Eglise » Eglise locale » Eglise Catholique au Burundi » “Nimube abanyakigongwe nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Luka 6, 36)

“Nimube abanyakigongwe nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe” (Luka 6, 36)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Abakristu bahamagariwe kuba ivyabona vy’urukundo n’ikigongwe c’Imana.

Patiri Christian Nzinahora

Patiri Christian Nzinahora

Hambavu yo kuduhishurira ko Imana ari munyakigongwe, Yezu aratwigisha ko na twebwe duhamagariwe kuba abanyakigongwe: “Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe”.

Mu mugani w’umusuku ruburakigongwe, Yezu aratwigisha ko Imana yama iturekurira ataco idusavye igihe cose tuyitakambiye, igihe cose twemanze akabi kacu mu kwambaza ikigongwe cayo. Ariko ubwo buntu Imana itugirira, duhamagariwe natwe kubugirira abandi badufitiye umwenda, atari uko tuba turiko turicira icobo, kandi Imana yari yaduciriye icanzo c’urukiza n’ubuzima. Uyu musuku ruburakigongwe yananiwe no kurekurira uwaramufitiye umwenda – usa n’uko ata gaciro wari ufise ugereranije n’umwenda we yari yarekuriwe n’Umwami – kuko atigeze atahura ko yagiriwe imbabazi kandi atari abikwiye. Akenshi biratunanira kurekurira abandi kuko twe twibaza ko turi intore mu maso y’Imana, canke ko Imana itugirira imbabazi kuko tubikwiye. « Wa musuku w’umubisha we, umwenda wose warumfitiye nawuguhebeye kuko wantakambiye, none ntivyari kuba vyo ugiriye ubuntu mugenzawe nk’uko nanje nabukugiriye ? » (Mt 18, 32-33).

Uyu musuku mubi uko yafashe uwamutakambiye ni ko nawe ashimye kuzofatwa. Urwo rubanza uyu musuku mubi aciriye mugenziwe mu kumuta mu mvuto gushika aze yishure umwenda wiwe, ni rwo nawe nyene aciriwe n’Umwami kandi yari yamurekuriye mbere. Ng’iki igituma tubwirizwa kwirinda gucira urubanza abandi. « Ntimucire urubanza abandi, kugira ngo namwe ntimuze murucibwe. Nkako uko muca urubanza ni ko namwe muzorucibwa, ingero mugeresha ni yo namwe muzogererwako » (Mt 7, 1-2). Aya majambo aratwigisha ko uko dufata benewacu, ariko natwe tuzofatwa imbere y’Imana. Kurya iciza ugiriye mugenzawe gihindukira kikakugarukako, n’inabi ugiriye mugenzawe iraheza ikaguhindukirira. Na none Abarundi barayamaze bati: “Ukora iciza ukagisanga imbere, wakora inabi naho ikaguherekeza”. None ko twebwe dushaka kugirirwa ubuntu n’ikigongwe mu maso y’Imana, nitwihatire guharira abandi no kubagirira neza. “ Hahiriwe abagirira ubuntu abantu, kuko nabo bazobugirirwa” (Mt 5, 7).

Tuzirikanye neza ikigongwe c’Imana mu bitabu vyeranda, cane cane mu Nkuru Nziza, turatahura ko uwakristu wese ahamagariwe gukunda bose adacagura kandi ahamagariwe guharira abamugiriye nabi, aho kwihora. “Kunda abansi banyu kandi musabire ababahama, gutyo mube mubaye abana ba Sowanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya” (Mt 5, 44-45). Yezu aduhamagarira gukunda bose tudacagura nk’uko Data abiduha ko akarorero. Yezu aratwihaniza kwihora. « Eka jeho ndababwiye kudahangana n’umubisha. Nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, uramutega n’irindi. Uwuzosha kukwitwarira ngo agutware ikanzu, uraca umuhana n’igikwemu » (Mt 5, 39-40). Abakurambere barayamaze bati: “Ihorihori rihonya umuryango”. Abarundi bari baratahuye ko kwihora ataco bimaze kiretse ko bikamira mu cogeje Sekibi. Iyo tugize ingere ku yindi, tuba kuriko turasasira indava ikibi.

Iyo hagize uwutugirira nabi, kamere yacu idutegeka kwihora, ngo ntamwishuye yongaya. Twebwe Abakristu duhamagariwe kwamirira kure no gutsinda ishari n’inzigo biduhindira kwihora mu kwipfuriza canke mu kugirira nabi abadushayeko. « Ntihagire numwe musubiza ikibi ku kindi, nimwitwararike gukora ivyiza mu maso y’abantu bose. Gerageza uko mushobora kwose kubana mu mahoro n’abantu bose » (Rm 12, 17-18).

Nitube ivyabona vy’ikigongwe c’Imana mu mibano yacu

Yezu ati: “Nimube abanyakigongwe nk’uko Sowanyu wo mw’ijuru ari umunyakigongwe”. Bavukanyi Nta mubano n’umwe w’abantu ushobora kurama udashingiye ku rukundo rwitangira abandi, rwiyumanganya kandi rugira imbabazi imisi yose na hose. Muti mbe none iyo abantu bibanira mu mahoro barakenera kugiriranira ikigongwe?Abarundi bati: “ahari abantu hama urunturuntu”.

Mu nyigisho papa Fransisiko yatanze yugurura umwaka w’ikigongwe atubwira ko, muri uno mwaka wahariwe ikigongwe c’Imana, duhamagariwe guhurumbira ikigongwe c’Imana kugira ngo dushobore kuba ivyabona vy’ikigongwe aho tubaye. Arongera ati uyu mwaka ni igihe kiroranye kidufasha gutahura igihimbara Imana. Imana ihimbarwa no kugirira imbabazi abana bayo kugira ngo nabo bashobore kurekurira abavukanyi mukuba ibimuri vy’ikigongwe c’Imana mw’isi. Iyo tumaze gutahura ko Imana ihimbarwa no kutugirira ikigongwe, bidufasha kutigera dudebukirwa mu kwambaza ikigongwe c’Imana. Ariko ivyo bishoboka gusa mu gihe twemeye ko turi abacumuzi banyotewe ikigongwe c’Imana. Uwibwira ko ari intungane ntashobora kugira expérience y’ikigongwe c’Imana kuko yibwira ko ataco akeneye kurekurirwa. Aho kwambaza ikigongwe c’Imana, usanga yirigwa aratunga agatoke abandi, yirigwa aracira urubanza abandi. Uwumaze gutahura ko Imana yuzuye imbabazi n’ikigongwe, biraheza bikamufasha kwakira abandi uko bari kose, no kurekurira abamugiriye nabi. Ikigongwe ni co kidufasha gusubiza hamwe n’abandi no gukomeza umubano, kuko nk’uko Papa Fransisiko abitwibutsa ikigongwe ni wo muti w’ikibi cose:“Umuti w’ikibi n’umwe musa, ni ikigongwe. Ni ivy’ukuri ubutungane burakenewe, ariko ntibukwiye bwonyene. Ubutungane n’ikigongwe bibwirizwa kwama bijana » (Papa Fransisiko, ikete yandikiye urwaruka mu mwiteguro w’ikoraniro rya 21 ry’ugwaruka gw’isi yose).

Ukuzirikana ikigongwe Imana yamye igirira abana bayo n’inyifato ya Yezu imbere y’abacumuzi ba ruhebwa bari banyagupfa mu maso y’abantu, bidushikana ku ntambwe zine zidufasha gushingira intahe urukundo n’ikigongwe c’Imana mu mibano yacu.

  • Kwemera ko umuntu wese afise muri we agashusho c’Imana

Iyo uriko urihweza mugenzawe, uhamagariwe kwemera ko muri we hari agashusho k’Imana. Kurya Imana ikwizigira ikakugirira ivyiza itaravye akabi n’ubworo bw’umutima wawe, kurya Imana ikurekurira ibicumuro vyawe vyose ataco utanze, nawe ubwirizwa kwizigira ko abagushayeko, abanyakabi canke ba magara make bashobora guhinduka kubw’agashusho k’Imana baremanywe.

  • Kwitegereza neza ngo ushobore kubona akabuto k’Ubwami bw’Imana kari mu bandi

Kwemera ko uwundi ari n’itunga ryinyegeje mu mutima wiwe ntibihagije. Ubwirizwa kwihatira kubona iryo tunga. Ivyo bigusaba kwihweza, kwumviriza no gutohoza ngo ushobore gupfindura ineza iri muri mugenzawe. Ubwirizwa no gusenga ngo Imana yo ica iziroranye, ikamenya umutima n’ivyiyumviro (cfr. Jr 11, 20; Sg 1, 6; Si 23, 19) igufoborere ineza iri muri mugenzawe. Ivyo biraheza bikadufasha kwirinda kwitiranya umuntu n’ikibi yatugiriye. Kumenya ko umuntu n’aho yatugiriye nabi afise muri we akabuto k’iciza ni vyo biduha ubukomezi bwo kumuharira, kuko tuba twizigiye ko ejo azotugirira ineza canke azogirira abandi ineza isumba na kure inabi yatugiriye. Ni nde yoharira ingwe yamugiriye nabi kandi azi ko igihe cose bazohura izomugirira nabi?

  • Gutsindisha inabi iciza (cfr. Rm 12, 21)

Kuba abanyakigongwe bisigura kandi ko tubwirizwa gufasha abanyakabi guhindukira ku Mana mu kuvavanura n’inabi. Hari uburyo bubiri bwo gufasha umuntu kuba intungane ibushitse:

  • Ushobora kumwereka ivyaha vyiwe, kumubwira ivyo umunegura, kumuhanura ngo abihebe. Ukwo ni kwo kurandura icatsi kibi; ariko akenshi gica gisubira kunaga.
  • Iyo wabonye muri we akabuto keza n’aho koba ari gato ( umwizero, ubwitonzi, ukwihangana canke iyindi ngeso nziza) uraheza ukamufasha kukavomera no kugakuza. Afashijwe n’inema y’Imana, hazoza igihe atsinda kandi anige ya mbuto mbi, ca catsi kibi cari cashinze imizi muri we. Gutyo ineza iraheza ikiganza muri we.
    • Kwirinda gucira urubanza abandi

Ubwirizwa kwirinda gufata abandi ukwo batari mu kubaha ishusho no mu kubegekako ingeso mbi badafise. Ahandi ho wohava wica iciza kiri muri mugenzawe, mu kubona gusa inabi muri we. Uburyo burashe bwo gukarukana ku Mana uwazimiye ni ukwirinda kumucira urubanza, tukamwakira uko ari kwose, tukamukunda hanyuma tukabona kumufasha guhinduka mu kumusabira ku Mana no kumuha impanuro za kivandimwe. Kandi ivyo vyose tubwirizwa kubigirana urukundo n’umuvukano. Gukunda umuntu si ugushaka ko aba ukwo ushaka, ariko ni ukwemera ko aba ico Imana ishaka; ni ugushaka ko akuza muri we akabuto k’iciza n’ubweranda Imana yamuremanye.

Bavukanyi, izo ntambwe zine twumvise zidufasha kwirinda kwitiranya umuntu n’ikibi yakoze. Tubwirizwa kurengera inabi adukorera tukabona ko muri we hari iciza, kivomewe , gishobora gutsinda inabi. Ivyo ni vyo biheza bikadufasha gutsinda ishavu, tukarekurira abatugirira nabi kandi tugasabira n’abo bose batubuza amahoro (cfr. Mt 5, 44-45) ngo Imana yo nyene ibihindurire kandi idufashe gusubiza hamwe na bo. Tubwirizwa kwirinda kwongera ikibi mu kindi (cfr. Rm 12, 17); tukihatira “ kwuzura n’abantu bose” (Rm 12, 18).

Muri make urukundo ni rwo rutuvukanisha kuko ari rwo rudufasha gutsinda inabi yaritse muri twebwe. Urukundo kandi ni rwo rusa rushobora guhindura abanyakabi rukabagira intungane. Nitwihatire rero kugendera ano majambo ya Augustino mweranda: Kunda mwenewanyu kuko ari umuvukanyi wawe. Kunda umwansi wawe kugira ngo na we abe umuvukanyi wawe ( “ Aime ton frère, parce qu’il est ton frère. Aime ton ennemi pour qu’il devienne ton frère”).

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :