IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’ibikorwa vy’Abatumwa (14, 21b-27)
Paulo na Barnaba barasubira i Listre, muri Ikoniya no muri Antiyokiya; barakomeza imitima y’abigishwa, babahanura kugumya ukwemera kwabo, babagabisha ko bazobona ibibagora vyinshi umwanya batarashikira Ubwami bw’Imana.
Babanje gusenga n’ukwibabaza bisonzesha, batora abakuru mw’Ekleziya imwe imwe, hanyuma bahereza Umukama ba bantu bari bamwizeye. Hanyuma baca muri Pisidiya, bashika i Pamfiliya, bamenyesha ijambo ry’Imana i Perje, baca bamanuka muri Ataliya.
Hanyuma bafata ubwato bubajana i Antiyokiya yo mu Busiriya, iyo bari baje bava, bizigiye inema y’Imana ku gikorwa bari bahejeje kurangura. Bashitseyo, bakoranya Ekleziya, babiganira ivyiza Imana yabagiriye n’ingene yugururiye abapagani irembo ry’ukwemera.
IZABURI 144 (145), 8-9, 11-12, 12-13b
Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose, Mwami wanje, Mana mfise.
canke : Alleluya
Umukama ni nyen’impuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire!
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
nibigane hose ubutwari bwawe!
Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze,
n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe;
ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
ingoma yawe izohangama imyaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 1-5a)
Jewe Yohani, mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, kandi ikiyaga nticari kikiriho. Mbona kandi igisagara ceranda, Yeruzalemu nshasha, ndakibona kiriko kirururuka kiva mw’ijuru ku Mana; cari citoye nk’umugeni yiteguriye umunega wiwe.
Numva ijwi rirenga rivuye ku ntebe y’Imana, rivuga riti:
“Ng’iyi ingoro y’Imana iri mu bantu;
izobana na bo, babe igisata cayo,
na yo Imana ibe hamwe na bo.
Izohanagura amosozi yose mu maso yabo
Kandi urupfu ntiruzoba rukiriho:
nta marûrú, nta maborogo, nta magorwa azoba akiriho,
kuko ivya mbere bizoba vyashize.”
Hanyuma Uwuvyagiye ku ntebe aravuga ati: “Raba vyose ndabigize bishasha.”
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati: “Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko nabakunze, nimukundane namwe.”
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (13, 31-33a. 34-35)
Mu gihe Yezu n’abigishwa biwe bariko barafungura, Yuda amaze gusohoka, Yezu yavuze ati: “Ubu Umwana w’umuntu yaraninahajwe, vyongeye Imana yaraninahajwe muri we. Ko Imana yaninahajwe muri we, Imana na Yo izomuninahaza muri Yo, kandi n’ubu vuba iza kumuninahaza.
Bura bwanje, ni akanya gato gusa tukimaranye. Ndabahaye itegeko rishasha: ni iry’ugukundana. Nk’uko nabakunze, nimukundane namwe. Urukundo muzokundana ni rwo ruzorangira bose ko muri abigishwa banje.”