Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 6 YA PASIKA (Umwaka C)

IDOMINIKA YA 6 YA PASIKA (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (15, 1-2. 22-29)

paolo_2_viaggio-copyright-freeBamwe bo muri bo bamanutse i Antiyokiya bava mu Buyudeha bahora babwira benewabo bati: “Nimutagenyerwa nk’uko Musa yabitegetse, ntimuzokira.” Niko gushira kubiri bagahaririza Paulo na Barnaba. Bashinga rero ingingo ko Paulo na Barnaba na bamwe muri bo boduga i Yeruzalemu ku batumwa n’abakurambere ngo babatature.

Bahejeje kuvyihweza neza, abatumwa, abakurambere hamwe n’Ekleziya yose baja ingingo ngo batore bamwe muri bo, babarungike i Antiyokiya, bajane na Paulo na Barnaba. Abatowe ni Yuda bahora bita Barsaba be na Silasi, abantu b’icubahiro. Babarungikana ibaruwa rivuga riti: “Abatumwa n’abakurambere ari bo benewanyu, turatasha benewacu bo mu mahanga bari i Antiyokiya, muri Siriya no muri Sirisiya. Twarumvise ko hari bamwe baje bava ino, baza tutabarungitse, bakaza kubatera ubwoba babavyimvya umutima. Twaragiye inama imwe, turatora abantu bo kurungikana n’abakunzi bacu Paulo na Barnaba, bahevye amagara yabo, bakigura Umukama wacu Yezu Kristu. None rero tubarungikiye Yuda na Silasi ngo babashikirize ivyo tubandikiye. Mutima Mweranda na twebwe ntitwashatse kubaremeka ivyo mutoshobora, kiretse ibintu vy’intashinguka. Ntimurye inyama zatuwe ibigirwamana, mureke ikiremve n’inyama z’ivyaniguwe, ntimukore ibiterasoni. Nimwirinda ivyo, muzoba mugize neza. Komera kw’ibanga!”

IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8

Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe (canke: Alleluya).

Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.

Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.

Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 10-14. 22-23)

Jewe Yohani, mbona umumalayika anjana mu vyiyumviro ku musozi munini, muremure, anyereka igisagara ceranda ca Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, kirimwo ubuninahazwa bw’Imana. Ubusayangane bwaco busa n’ubw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere, nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa yasipi.

Cari gifise urugori runini kandi rurerure, ibirimba cumi na bibiri, n’iruhande y’ivyo birimba hakaba abamalayika cumi na babiri, n’amazina yanditsweko ariyo mazina y’imiryango cumi n’ibiri y’Abany’israyeli: mu buseruko, ibirimba bitatu; mu buraruko, ibirimba bitatu; mu bumanuko, ibirimba bitatu; no mu burengero, ibirimba bitatu nyene.

Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro cumi n’abiri, kuri yo handitsweko amazina cumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi.Bisubiye kandi, nta sengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umukama Imana Mushobora-vyose ari isengero ryaco, hamwe na wa Mwagazi. Kandi igisagara ntigikeneye kwakirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuko ubuninahazwa bw’Imana bukiboneshereza kandi kuko Umwagazi ariwo rumuri rwaco.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluia.
Umukama yavuze ati: « Uwunkunda azozigama ijambo ryanje, na Data azomukunda, duheze tuze iwe. »
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (14, 23-29)

Aimez-vousMu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: “Uwunkunda azozigama ijambo ryanje, na Data azomukunda, duheze tuze iwe tumugire ingoro yacu. Uwutankunda ntazozigama amajambo yanje; bisubiye iryo mwumva mvuga si iryanje, ni iryo Data yantumye. Ivyo ndabibabwiye tukiri kumwe; ariko wa Mutabazi, Mutima Mweranda Data azorungika kw’izina ryanje, ni We azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose.

Ndabasigaranye amahoro, ndabahaye amahoro yanje; sindayabahaye nk’uko ab’isi bayatanga. Ntimusimbwe n’umutima kandi ntimutinye. Murumvise ko ndababwiye nti: Ndagiye, mpeze nze ngaruke muri mwebwe. Iyo muba munkunda, mwari guhimbarwa n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta. Ni uko rero ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo aho bizozira, muze mwemere.”


2 commentaires

  1. Joannes Claudius MANARIYO dit :

    Bavukanyi,
    Murabona rero ko ibintu vy’uguharira atari ivy’ubu, na kera hose baraharira, n’abakristu ba mbere murabona ko bahaririye… Baharira ibiki?
    Abo baharira ibijanye n’ugushira mu ngiro ukwemera kwabo, natwe turaharira ibijanye n’ukuntu twobaho n’ukuntu twobana n’ibindi… Reka mbere ivyo ndavyihoze, nivugire ubuzima busanzwe, namwe muzokwumviriza aho bukera iryo Abaherezankuka b’Umukama bazobabwira, murizigame ribubake. Ariko twame twibuka ko IBIGIYE INAMA BIGIRA IMANA.
    Dufate ko haje umuntu akambwira ati: «Ewe wa kuzimu we!» C’est trop lourd ! N’est-ce pas ? Noca ngwa mu mutego nk’uwo n’abandi benshi bama bagwamwo, ngatangura kumutuka nanje. Ntabigize uko, noca ndamucira urubanza, ngo ntiyisonera, ngo aratukana, ngo arubahuka… Ntabigize uko kandi, noca ndamwanka, ngafata ingingo ko ntazosubira kumuvugisha, ko ntazosubira kumwumviriza, ko ata n’igikombe c’amazi azondonkako, n’ibindi… Ngize nk’uko rero, noba nihenze kabisa!
    Ikibazo c’ukuri ni iki: Ni kuki habonetse umuntu yubahuka kunyita «ukuzimu»? Ni igiki yari anyitezeko ataronse, camutumye anyita «ukuzimu»? Namukoreye ikibi kimeze gute, kugira ngo anyite uko ? Mbega ni we wenyene anyita «ukuzimu», ubwo abandi bo si ko banyita ariko ntibabimbwire? Mbega mu vy’ukuri ndakwiye kwitwa uko? Ntoreye inyishu ibibazo ben’ivyo, aho noba ndabitoye.

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :