Mu bihugu basanzwe bahimbaza uwu musi mukuru ku musi wa kane ukurikira idominika ya 6 ya Pasika.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)
Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru
Mu gitabu ca mbere nanditse, ga Tehofilo we, naravuze ivyo Yezu yagize kandi yigishije kuva agitangura gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda.
Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yabonekeye abaha ibimenyetso vyinshi vy’ukubereka ko ari muzima : yamaze imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ngo ahengere bariko barasangira imfungurwa, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango Data yari yabahaye. Ababwira ati : «Yohani yabatirisha amazi; mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda.»
Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : «Mbega, Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli?» Abishura ati : «Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye We nyene ubwiwe, si ivyanyu. Mugabo, muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira mu kubururukirako. Muzoca muja kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira.»
Ngo aheze kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kirampfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze amaso ijuru, Yezu na we ariko araduga, baja babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : «Mbega, bantu b’i Bugalile, igituma muguma muhagaze murangamira hejuru ni iki? Uyu Yezu mubonye ava hagati yanyu akurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka.»
IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9
Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Canke : Aleluya.
Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.
Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga!
Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose:
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe!
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.
IGISOMWA CA KABIRI
Iyo badashimye gusoma kimwe twandika mu mwaka A, baca basoma iki :
Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (9,24-28 ; 10,19-23)
Kristu yarinjiye mw’ijuru
Kristu ntiyinjiye mu ngoro yagizwe n’abantu, – iyubatswe n’abantu ni ikigereranyo c’iy’ukuri ; – yarinjiye mw’ijuru, kugira ngo aduserukire mu nyonga z’Imana. Ntakeneye guhereza inkuka yiwe kenshi na kenshi, nk’uko umuherezankuka mukuru yahora yinjira mu ngoro rimwe mu mwaka guhereza amaraso atari ayiwe; koko, iyo biba bityo, aba yarinze kubabara kenshi kuva aho isi iremewe.
Ubu noneho, yaraserutse rimwe rizima, ubutigu bugeze, kugira ngo aranduze igicumuro inkuka yiwe. Nk’uko abantu bagenewe gupfa rimwe, hanyuma bagaseruka mu rubanza, ni ko na Kristu, aho amariye kwitanga rimwe rizima ngo akure ibicumuro vya bose, azoseruka ubwa kabiri, atazanywe n’igicumuro, ariko azanywe n’abamuroreranye igishika ngo abarokore.
Tuzi neza yuko dushobora kwinjira mu ngoro kubera amaraso ya Yezu, duciye muri ya nzira nshasha kandi nzima yaduciriye muri wa mukingo w’impuzu umenyesha umubiri wiwe. Dufise kandi umuherezankuka mukuru atunga umuryango w’Imana. Ni uko rero, nitwegere dufise umutima utagira agahemo, dufise kandi ukwemera gushemeye, ducucagiwe ku mutima, tuvanywemwo ibitwagiriza akabi kandi twuhagijwe ku mubiri n’amazi adutyorora. Nitugumye amizero tudatirigana, kuko uwaduhaye umuhango akwiye kwemerwa.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati :
«Gende, mwigishe abantu bose!
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira,
gushika ku muhero w’isi.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (24,46-53)
Akibahezagira, Yezu abasiga aho yiyuririra mw’ijuru
Umusi umwe,
Yezu yabonekeye abigishwa biwe, ababwira ati : «Vyari vyanditswe ngo Kristu azobabara, aheze yizure mu bapfuye ku musi ugira gatatu, kandi ngo kw’izina ryiwe ikigongwe abacumuye bagirirwa kizokwigishwa mu bihugu vyose, mbere bitangurire i Yeruzalemu. Kandi ni mwe muri ivyabona. Nanje nza kubarungikira ico Data yabemereye. Yamara mube muragumye mu gisagara gushika muronke ubukomezi bw’Uwo mw’ijuru.»
Hanyuma, Yezu arabajana gushika i Betaniya, agaranzura ibiganza, arabahezagira. Akibahezagira, abasiga aho yiyuririra mw’ijuru. Bahejeje kumusenga, basubira i Yeruzalemu banezerewe. Baguma mw’isengero, baninahaza, bahezagira Imana