IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 1-11
(Bose buzura Mutima Mweranda)
Umusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe. Niho hwavyuka intureka iva mw’ijuru imeze nk’umuyaga w’igihuhusi, wuzura inzu barimwo hadaciye n’akanya. Babona haserutse imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro, ziricagagura zija guhagarara ku mutwe w’umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda, batangura kuvuga izindi ndimi ku rugero Mutima Mweranda abahaye kuzivuga.
I Yeruzalemu na ho, hari hagerereyemwo abantu bubaha Imana, bari bavuye mu ntara zose ziri munsi y’ijuru. Aho bumviye intureka, abantu bose barashwabaduka bumiwe bwumirwe, kuko umwe wese yumva abatumwa bavuga ururimi rw’iwabo. Bagwa mu gahundwe, baraheza bagira bati :
« Aba bantu bavuga, si ab’i Bugalile ? Bigenze bite none ko umwe wese yumva bavuga ururimi rw’amavukiro, uri abo i Pariti, uri abo i Medi n’abo i Lamati, uri abaturuka i Mezopotamiya no mu Buyudeha n’i Kapadosiya n’i Ponti muri Aziya, uri Abanyafrijiya n’Abanyapamfiliya n’Abanyamisiri be n’abava mu ntara y’i Libiya yegereye Sireni, uri Abaromani bari ino, uri Abayahudi n’abatoye idini yabo, uri Abakreti n’Abarabu, twese twumva bahaya mu ndimi zacu ivyiza vy’Imana. »
IZABURI 103 (104), 1ab. 24ac. 29bc-30. 31-33
Icit : Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
uhindure n’isi.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama, Mana yanje, uri mukuru cane !
Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama :
isi ihinda itunga ryawe.
Ubakuyeko ukuboko, baca barumara,
bagasubira mw’ivu.
Ubasubije agatima, ng’abo barakomeye ;
kandi ugaca uhindura n’isi.
Ubuninahazwa bw’Umukama nibuhangare imisi yose,
umukama n’ahimbarwe n’ivyiza yagize !
Nishakira guhaya Imana yanje umwanya nkidundega,
no kuninahaza Umukama mu myaka n’imyaka !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 12, 3b-7. 12-13
(Muri Mutima umwe, niho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe)
Ncuti zanje,
Nta n’umwe yoshobora kuvuga ati : « Yezu ni Umukama, » atabivugishijwe na Mutima Mweranda. Niko, hariho ubwoko bwinshi bw’ingabirano, mugabo Mutima akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’imirimo, mugabo Umukama akaba umwe ; hariho ubwoko bwinshi bw’ibikorwa, mugabo Imana Yo itunganya vyose muri bose ni imwe nsa.
Umwe wese ahabwa na Mutima ingabirano, kugira ngo igirire akamaro bose. Nk’uko umubiri ari umwe, ukagira ingingo nyinshi, na zo izo ngingo zose zikagira umubiri umwe, n’aho ari nyinshi, niko Kristu ameze na We. None natwe, muri Mutima umwe ni ho twabatirijwe twese ngo tube umubiri umwe, baba Abayahudi canke Abagereki, abashumba canke abidegemvya ; bisubiye, twese twagabanye Mutima umwe.
URURIRIMBO
Ingo Mutima Mweranda,
mu kuva mw’ijuru n’uturungikire
umushwarara w’umuco wawe.
Ingo, Muvyeyi w’aboro,
ingo, Sôko ry’ingabirano zose,
ingo, muco w’imishaha.
Muhoza w’agahebuza,
mubanyi mwiza w’imitima,
muhumuriza wuzuye ubuntu.
Buruhukiro bw’abari mu marushwa,
mutekano w’abari mu nyosha mbi,
muhoza w’abari mu marira.
Muco w’agahimbare,
niwuzure rwose
imitima y’abakwemera.
Ahatari kamere yawe y’Imana,
umuntu ntaco yokwimarira,
nta ciza comuvako.
Tyorora igitosekaye,
vomera icasaragaye,
vūra icakomeretse.
Gonda ikidadaraye,
susurutsa igikanye,
gorora ikigoramye.
Abakwemera na bo
Bagushizeko umwizero wabo wose
N’ubagabire za ngabirano indwi nyeranda.
N’ubahe impera y’ibikorwa vyiza,
n’ubahe gushikira ubukiriro,
n’ubahe guhimbarwa mu myaka yose.
Amen. Alleluya.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Ingo, Mutima Mweranda,
ni wuzure imitima y’abakwemera,
gira ko urukundo bagufitiye rwomera muri bo
nk’umuriro waka.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 20, 19-23
(Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye :
nimuronke Mutima Mweranda)
Ku mugoroba w’uyo musi ariwo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayahudi. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje niko ndabatumye. » Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »