IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (8, 22-31)
Ubwitonzi bwamye mu Mukama na kera na rindi
Umve ingene Ubwitonzi bwivuga amazina:
Umukama yandemye kuva mu matangura,
ata kintu na kimwe kirabaho.
Naremwe kuva kera hose,
ibintu bigitangura, isi itarabaho.
Aho navuka, nta nyenga zari bwabeho,
nta masoko y’amazi yariho.
Navutse imisozi itarashingwa,
udutumba tutaratutuza.
Navutse isi n’imirambi atarabirema,
ata n’udutete tw’ivu turabaho.
Aho yaringaniza ijuru,
aho yaca imbibe z’inyenga, narabona.
Aho ibicu vyatangura kureremba iyo hejuru,
aho yegeranya amazi akayaha amasoko,
aho yazigira ibiyaga ku nkombe zavyo,
agashinga itegeko ry’uko amazi atazorenga inzo mbibe,
aho yatera inkingi isi,
naramufasha meze nk’umuhinga.
Imisi yose nari impande yiwe mvuna isambwe,
isi nkayimara nigina,
ngahimbawa n’kubana n’abana b’abantu.
IZABURI 8, 4-5. 6-7. 8-9
Icit : Ewe Mukama Mana yacu,
izina ryawe ni agahambaye
kw’isi yose iyo iva ikagera!
Canke: Alleluya.
Mbe bane, uwitegereje ijuru waremye,
akabona ukwezi n’inyenyeri wamanitseyo,
umuntu we abaye iki ngo umwibuke,
canke umwana w’umuntu ngo umugendere?
Hari hasigaye gato ukamuringaniza n’Imana,
umutera iteka, umutera ishaza;
wamuhaye kuganza ivyo waremye,
ushira vyose munsi y’ibirenge vyiwe.
Vyose, si intama, si impfizi,
mbere n’inyamaswa zo mw’ishamba,
si inyoni zo mu kirere, si ifi zo mu kiyaga,
n’ivyoga vyose amazi yo mu kiyaga.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (5, 1-5)
Muri Mutima tuhabanye amahoro y’Imana kubwa Kristu
Ncuti zanje,
None rero ko ukwemera kwatugize intungane, turafise amahoro ku Mana kubw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni we yaduhaye ukwemera kudushikiriza rya soko ry’urukundo ridutembamwo; maze turahimbawe kuko twizigiye ubuninahazwa bw’Imana.
None rero si ivyo bisa: turahimbawe no mu bitugora, tuzi neza ko ibitugora bizana ubwiyumanganyi, ubwiyumanganyi na bwo bukazana ukurinda, ukurinda kukadufasha kwizera. Na wo uwo mwizero ntutetereza, kuko Mutima Mweranda twahawe yashize mu mitima yacu urukundo rw’Imana.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda!
Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngw’aze!
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditswe na Yohani (16, 12-15)
Mutima Mweranda atuyoborera mu kinyegezwa c’Imana
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: “Ndacari n’ibindi vyinshi nobabwiye, ariko ubu ntimwoshobora kuvyakira. Aho Mutima nyakuri azozira, azobahishuka ukuri kwose; nkako ntazovuga ivyiwe, azobabwira ivyo azoba yumvise, agireko ababarire ibizoza. Aho nyene ni jewe azoninahaza, kuko azobabwira ivyo akuye iwanje. Ivyo Data afise vyose ni ivyanje; ni co gituma nababwiye nti: ivyo azoba akuye iwanje ni vyo azobamenyesha.”