IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko (14, 18-20)
Melkisedeki yashikaniye Imana umukate n’umuvinyu
Mu gihe Ibrahimu yava kurwanya ba bami bane, Melkisedeki, umwami wa Shalemi, yazanye umukate n’umuvinyu, abishikanira Imana, kuko yari umusaserdoti w’Imana idasumbwa. Mu gukeza Ibrahimu, Melkisedekki yavuze ati : “Abrami, uragahezagirwa n’Imana idasumbwa, yo yaremye ijuru n’isi. Imana yaguhaye gutsinda abansi na yo nyene iragahezagirwa.” Niho rero Ibrahimu yaca aha Melkisedeki imperezwa mu vyo yatabarukanye.
IZABURI 109 (110), 1.2.3.4
Icit: Uzokwama uri umusaserdoti w’intahava, nk’umwami Melkisedeki.
Umukama yabariye Umukama wanje, ati :
“Niwicare iburyo bwanje,
gushika aho nzogira abansi bawe irambirizo.”
Uwuhangamye muri Siyoni
Azokwiza ubwami bwawe :
ganza no ku bansi bawe.
Wavukanye ingoma ku misozi myeranda,
umutwenzi utarakika narakwibarutse.
Umukama yarabiraganye kandi ntazokwisubirako,
ati : “Uzokwama uri Umusaserdoti w’intanyiganyiga,
nk’umwami Melkisedeki.”
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (11, 23-26)
Igihe cose uzofungura uwo mukate mukanywa ico gikombe, muzomenyesha urupfu rw’Umukama
Ncuti zanje,
Jewe Paulo narashikirijwe n’Umukama ico nabashikirije namwe: Umukama wacu, muri rya joro yafatwa, yakiriye umukate, amaze gukenguruka, arawumanyura, yongera avuga ati : « Iki ni umubiri wanje uza gutangwa kubwanyu. Ivyo murabigire munyibuka. »
Bamaze gufungura, afata igikombe, avuga ati : « Iki gikombe ni Isezerano rishasha ry’amaraso yanje. Igihe cose muzokinywa, murabigire munyibuka. »
Koko ni ivy’ukuri, igihe cose muba muriko murafungura uwo mukate, mukanywa ico gikombe, muba muriko muramenyesha urupfu rw’Umukama gushika aho azogarukira.
URURIRIMBO RUKURIKIRA
Bakoresha urwo ruririmbo babonye bibereye, bakarukoresha rwose canke bagatangurira kuri aya majambo : « Ng’uwo umukate w’abamarayika ».
1. Siyoni we, shimagiza Umukiza wawe, Shimagiza Umuyobozi n’Umwungere wawe, Umuririmbire, umuvyinire.3. Icatuzindukanye uyu musi Uwo dushaka kuririmbira, Ni wa mukate muzima kandi utanga ubuzima.5. Aho rero, impundu n’isamirane, inzamba nizasirane, twuzure agahimbare. 7. Kuri ayo meza y’Umwami mushasha, 9. Ivyo Kristu yagize kuwa kane mweranda, 11. Ico abakristu bemera, 13. Muri ivyo bishusho bidasa, 15. Mu kumwakira, ntibamumanyura, 17. Abeza baramuronka, ababi bakamuronka : 19. Iyo Ihostiya imanyuwe, (Igisomwa kigufi gitangurira aha) 21. Ng’uwo umukate w’abamalayika, 23. Mwungere mwiza, mukate w’ukuri, |
2. Nk’uko ubishobora, n’abe ariko ubigerageza : Kuko arengeye amashemezo yose, Ntuzokwigera ushobora kumushemeza uko bikwiye.4. Ni wo nyene benewabo cumi na babiri bihereje Hamwe bazimanwa inzimano nyeranda, nk’uko dusanzwe tubizi. 6. Kuko turamutse twibuka uyu musi w’akaroruhore, 8. Ivya kera birabishije bishasha, 10. Nk’uko twavyigishijwe n’iryo tegeko ryeranda, 12. Ico ubwenge budashobora gutegera n’amaso ntakibone, 14. Umubiri wiwe ni imfungurwa, 16. Umwe amuronka uko ashaka, 18. Bibera urupfu ababi, bikabera ubuzima abeza; 20. Ntibamumanyura namba, 22. Ng’ibi ivyamuranze kera : 24. Wewe uzi vyose ugashobora vyose Amen. Alleluya. |
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya
Umukama yavuze ati : “Jewe ndi wa mukate muzima wavuye mw’ijuru.
Uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose.”
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka (9, 11b-17)
Umukama agaburira ishengero ryiwe
Umusi umwe, Yezu yariko araganirira ishengero ivy’Ubwami bw’Imana, abarwaye barimwo akabakiza. Ngo buze gutangura kugoroba, bamwe cumi na babiri baramwegera, bati : “Erega, gira ubarungike bisuhure, baje gusaba indaro baje n’ukurondera ico bararira mu mihana no mu bigwati vya hafi ; urabona aha turi mu gahinga.”
Yezu na we arababarira ati : “Nimubagaburire namwe!”
Na bo bati : “Imikate dufise ntirenga itanu n’ifi zibiri… Ubona twebwe twoja gusumira iryo shengero ryose?” Na bo abari aho bari abagabo nk’ibihumbi bitanu. Yezu abwira abigishwa biwe ati : “Bicarike ku migwi ya mirongo itan’itanu.”
Ivyo batumwe barabigira, bose baricara. Hanyuma Yezu yakira ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamira mw’ijuru, arabihezagira, arabimanyura abihereza abigishwa biwe ngo babigaburire ishengero. Bararya barahaga; imisigazwa na yo barayitororokanya : buzuza ibikemanyi cumi na bibiri.