Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU (Umwaka C)

UMUSI MUKURU W’UMUSHAHA MWERANDA WA YEZU (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Igisomwa ca mbere.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (34, 11-16)

Urukundo Umukama afitiye ubusho bwiweBon Pasteur

Ng’iri iryo Umukama Imana yavumereye :
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje,
ndazibungabunge.
Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe
zashwiragiye,ni ko nzobungabunga intama zanje
ndazikure aho hose zashiragiye ku musi w’igipfungu.

Nzozishwabura ndazikure mu ntara zahoramwo,
nzozikoranya, ndazikure mu mahanga,
ndazigarukane imuhira ; nzoziragira ku misozi y’Israyeli,
mu bibara no ku misozi miremire iremvye y’Israyeli.

Ni ho zizovyagira mu bwatsi butotahaye,
zirishe ubwatsi buremvye ku misozi y’Israyeli.
Ni jewe ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicûra :
uko ni ko Umukama Imana avuze.
Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye ;
nzosomora iyakomeretse, mvure iyirwaye ;
iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho,
ndayiragire mu butungane.

IZABURI 22 (23) 1-3a, 3b-4, 5, 6

Icit : Umukama ni We mwungere wanje, nta co nokena

Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ; ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.

Ni We anyoborera inzira nziza
ku bw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
n’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.

Untegurira ameza mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje
namana impore n’ubuhirwe ;
inzu yanje ni ingoro y’Umukama
imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (5, 5b-11)

Ikimenyesha c’uko Imana yadukunze ni uko Kristu yadupfiriye

Coeur sacré de JesusNcuti zanje, Urukundo rw’Imana rurasasagaye mu mitima yacu kubera Mutima Mweranda twahawe. Igihe twari ba ntamagara, ubutigu bugeze, ni ho yapfiriye abanyakabi. Burya umuntu w’intungane, biragora kumupfira, umuntu w’inda nziza na we, kumbure hari uwokwubahuka kumupfira ! Ariko, icerekana urukundo Imana idukunda, ni uko Kristu yadupfiriye tukiri abanyabicumuro. Noneho, ko twabaye intungane mu maraso yiwe, n’ubu azorushiriza kudukiza ishavu ry’Imana. Mu gihe twari abansi, ko urupfu rw’Umwana w’Imana rwatwuzurije n’Imana, ubu noneho tumaze kwuzura na yo, ubuzima bwiwe buzorushiriza kudukiza. Si ivyo bisa : turishimagiza mu Mana ku bw’Umukama wacu Yezu Kristu, We yatwuzurije n’Imana.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati : «Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi uwitonda
kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima.»

Canke :

Umukama yavuze ati : «Jewe ndi wa Mwungere mwiza,
ndazi intama zanje, na zo zikamenya.»

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 3-7)

Nimumfashe kunezerwa, natoye ya ntama yanje yari yatakaye

Umusi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani abigishwa biwe ati : «Muri mwebwe, uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara, akaja kurondera imwe yatakara gushika ayitore ? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : “Nimuze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye!” Nanje ndababariye : Umusi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo icenda n’icenda ata kabi biyagiriza.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :