Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 11 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IDOMINIKA YA 11 YO MU MWAKA (Umwâka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (12, 7-10.13)

Dawidi agaya igicumuro ciwe Imana ikamugirira ikigongwe

David and NathanDawidi amaze gucumura, Umukama yamutumyeko umuhanuzi Natani. Ashitseyo, aramubarira ati : «Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana y’Israeli : naragusize amavuta, nkugira umwami w’Israeli, naragukijije Sauli, ingabo z’umwansi wawe narazigutsindiye, (abagore ba shobuja narabaguhaye), naraguhaye ingoma ya Israeli n’iya Yuda. Ni vyaba bidakwiye nzokwongera ibindi. None ni kuki wakengereye Umukama ugakora ibimushavuza? Warakubise Uriya wo mu bahititi, araryama, umugandaguza inkota y’Abamoniti, umugore wiwe na we uramwitwarira. None rero, inkota ntizova mu muryango wawe, kuko wankengereye ugatwara muka Uriya, Umuhititi, ukamugira umugore wawe.»Dawidi araheza abwira Natani ati : « Nacumuye ku Mukama ! »Natani aramwishura ati : « Noneho Umukama arakurekuriye igicumuro cawe, ntuzopfa. »

IZABURI 31 (32) 1-2, 5, 7, 11

Icit : Undekurire, Mukama, ikibi nakoze.

Hahiriwe uwarekuriwe igicumuro,
uwakize akabi kiwe;
hahiriwe urya Umukama ataco yagiriza.

Navuze nti : “Ngiye gutumbera Umukama,
nirege ibicumuro nakoze.”
Nawe, Mukama, warandekuriye ikibi nakoze.

Ni Wewe mahungiro yanje,
urankiza amarushwa;
wongere unkikize impundu z’uko ndokotse.

Nezerwa, himbarwa n’Umukama,
mwa bantu b’intungane;
mutambe, mutarike,
mwebwe mufise umutima ugororotse.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (2, 16. 19-21)

Ukwemera Kristu ni kwo kwadukijije

Ncuti zanje,
Kuko tuzi ko umuntu ataba intungane kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa ry’Abayahudi, ariko amuba kubera ukwemera Yezu Kristu, natwe twaremeye Kristu Yezu, kugira ngo tube intungane kubera ko twemera Kristu, atari kubera ibikorwa vy’Ibwirizwa. Na kare, Ibwirizwa ni ryo ryantumye guheba Imigenzo y’Abayahudi, ngo mbe muzima mu Mana.

Nabambanywe na Kristu : ninaba ndi muzima, sije ndi muzima, ni Kristu ari muzima muri jewe. Ivyo nkora ubu nkiri mu kamere y’umuntu, ndabikora mu kwemera Umwana w’Imana yankunze akanyigura. Simpfisha ubusa ingabirano y’Imana, kuko ni bwaba ubutungane bwavuye kw’Ibwirizwa, Kristu azoba yapfiriye ubusa.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Imana yaradukunze, irarungika Umwana wayo
kuba iciru c’ibicumuro vyacu.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (7, 36-8, 3)

Jésus chez Simon le Pharisienan,Umunsi umwe,
Umwe mu Bafarizayo yari yatumiye Yezu ngo amuzimane; Yezu rero arinjra mu nzu iwe, araheza aricara ngo afungure. Haza umugore yigenza nabi muri ico gisagara ; yari yamenye ko Yezu yatumiwe mu nzu y’Umufarizayo, araheza azana agacupa k’ibimoga neza, aja inyuma yiwe hafi y’ibirenge vyiwe, ararira amutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza imishatsi yo ku mutwe wiwe, aja arabisoma kandi abisiga ibimoga neza.

Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye, yibwira ati : “Iyo uyu muntu aba yari umuhanuzi, yari kumenya uyu mugore amukorako uwo ari we n’ingene agenze, ko ari umunyabicumuro.”Yezu na we amubwira ati : “Simoni, hari ico ngomba kukubaza.”
Na we ati : “Yaga, Mukama.”
Yezu aramwishura ati : “Habaye umuntu yari afise abamufitiye imyenda babiri : umwe yari amufitiye amadenariyo amajana atanu, uwundi mirog’itanu. Babuze ico bishura, abarekurira bompi. None, muri bompi, uwuzomukunda kuruta uwundi, ni nde?”
Simoni aramubwira ati : “Ngira ngo ni uwarekuriwe umwenda munini.”
Yezu aramubwira ati : “Waharashe !”
Ahindukiye araba wa mugore, abwira Simoni ati : “Uyu mugore uramubona ? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwansuka amazi ku birenge ; ariko we, kuva aho yinjiriye, yabibombekesheje amosozi yiwe, abihanaguza imishatsi yiwe. Ntiwansomye ; ariko we, kuva aho yinjiriye, ntiyigeze ahengeshanya gusoma ibirenge vyanje. Umutwe wanje ntiwawusize ; ariko we, ibirenge vyanje yabisize ibimoga neza. Ni co gituma ndabikubwiye, ibicumuro vyiwe vyinshi biragiriwe ikigongwe, kuko yerekanye urukundo rwinshi ; ariko uwo barekuriye bike, yerekana urukundo ruke. »

Araheza abwira wa mugore ati : “Ibicumuro vyawe biragiriwe ikigongwe.” Abo bari kumwe ku meza batangura kwibwira bati : “Uyu muntu arekura ibicumuro ni umuntu nyabaki ?” Yezu rero abwira nya mugore ati : “Ukwemera kwawe kwagukijije, genda amahoro.”

(Igisomwa kigufi giherera ngaha)

Hanyuma rero, Yezu agenda mu bisagara no mu mihana, amenyesha Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe ; n’abagore bamwe yari yakuyemwo imitima mibi akabakiza n’ubundi bumuga, bari inyuma yiwe : Mariya ari we Magdalena (yari yakuyemwo amashetani indwi), Yohana umugore w’icariho ca Herodi, Suzana n’abandi bagore benshi bama babafashisha ivyabo.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :