IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (12, 10-11. 13, 1)
Bazokwihweza uwo basogose
Ng’iri ijambo Umukama avumereye :
Abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu nzobaronsa umutima mwiza. Bazoheza bihweze uwo basogose ; bazomuririra nk’abaririra umwana w’ikinege, babogoza nk’abaririra umwana w’imfura. Muri ico gihe, i Yeruzalemu hazokwaduka induru n’iminiho, nka kumwe yari i Hadadi-Rimoni, mu kiyaya ca Megido. Kuri urya munsi, isoko ry’mazi rizodudubiriza abo mu muryango wa Dawudi n’abo muri Yeruzalemu, ngo ribakize igicumuro cose n’iceyi cose.
IZABURI 62(63), 2abcd, 2e-4, 5-6, 8-9
Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
Mukama, Mana mfise.
Mana, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!
Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
Nkako, waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!
Umutima wanje wose uraguhurumbira,
ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (3, 26-29)
Ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu
Ncuti zanje,
Mwese muri abana b’Imana kubera ukwemera mufise muri Kristu Yezu. Mwese, ko mwabatijwe muri Kristu, mwambaye Kristu ; nta Muyahudi canke Umugreki, nta mushumba canke uwidegemvya, nta mugabo canke umugore bakiriho, kuko mwese muri umwe muri Kristu Yezu. Nimwaba muri aba-Kristu, muri uruvyaro rwa Ibrahimu, n’umuhango Imana yamwemereye nimwe mwawurazwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya
Umukama yavuze ati : « Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje,
kandi ndazizi na zo zikankurikira. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 18-24)
Petero yerekana ukwemera kwiwe
Umunsi umwe, Yezu yariko arasengera ahiherereye, abigishwa biwe na bo bari kumwe. Araheza arababaza ati : “Mwumva abantu bavuga ngo ndi nde ?” Baramwishura bati : “Bamwe bavuga ngo uri Yohani Batista, abandi ngo uri Eliya, abandi ngo uri umuhanuzi yazutse muri bamwe ba kera.” Yezu araheza arababaza ati : “Mweho, muvuga ngo ndi nde ?” Petero, aba ari we avuga, yishura ati : “Uri Kristu w’Imana.”
Araheza arabihanikiriza ashimitse ngo ntihagire uwo babibwira, ati : “Umwana w’umuntu abwirizwa kubabara menshi, agacibwa n’abashingantahe n’abasaserdoti n’abanditsi, akicwa, hanyuma akazuka ku munsi ugira gatatu.”
Hanyuma bose ababwira ati : “Uwushaka kungendanira niyihebe we nyene, yikorere umusaraba wiwe w’iminsi yose, ankwirikire. Nkako, uwuzoshaka kurokora ubuzima bwiwe azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje azoburokora.”