Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Fêtes » KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

KU WA 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10)

 Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi

N'aie pas peurMu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana, genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose. Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”

N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje. Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami, ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4b, 5-6ab, 15ab

Icit : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ;
unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,
ntega ugutwi kandi unkize.

Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;wigishije inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye nkiri muto.
Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,
warantoye, urantonesha ntaranavuka.

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,
ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.
Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,
gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (1, 8-12)

Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza

Ncuti zanje,
Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima.

Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.

Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya
Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco,
ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 5-17)

Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani

BendictusKu ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.

Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!

Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”

KURI UWO MUNSI MUKURU NYENE

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (49, 1-6)

Ngiye kukugira umuco w’intara zose

Mazinga, nimunyumvirize! Mwebwe ba kavantara, nimutege amatwi! Umukama yampamagaye nkiri mu mbanyi ya mama, ntaravuka yampamagaye mw’izina. Yampaye ururimi rukarishe nk’inkota, yampishije mu gitutu c’ukuboko kwiwe ; yarangize umwampi usongoye, yaranyegeje mu mutana wiwe.

Yambwiye ati : “Uri umusavyi wanje, muri wewe nzoronka ubuninahazwa.”Nanje nibwiye nti : “Naruhiye ubusa, nakoreye nyaringa, navunye amaboko.”
Ariko rero, Umukama arabona ko ndi mu kuri, impera yanje iri mu minwe y’Imana yanje. Ubu hoho Umukama yaravuze, We yandemye mu nda ya mama, ngo ndamubere umusavyi, ndamugarukanire Yakobo, nshwabure Israyeli.

Ego cane, ndi n’agaciro mu maso y’Umukama, Imana yanje ni Yo magara yanje. Yaravuze iti : “Kumbera umusavyi avyura imiryango ya Yakobo, akagarura bene Israeli barokotse, vyonyene ntibikwiye. Ndakugize umuco w’intara, kugira ngo urukiza rwanje rushike ku mpera z’isi.”

IZABURI 138 (139) 13-14ab, 14c-15

Icit : Ndagukengurukiye, Mana yanje,
         kuko wangize agatangaza.

Mukama, uranyitegereza kandi uranzi,
ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya ;
akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure,
ngendagenda canke ndyamye, umpozako ijisho.

Ni Wewe wampaye amagara,
ni Wewe wandemye mu mbanyi ya mama ;
warangize agatangaza, ndabigukengurukiye :
ibikorwa vyawe ni agahore.

Na wo umutima wanje ni Wewe wowumenya neza,
umubiri wanje ntiwari uwuyobewe ;
aho wampingura nari mu ngoma yawe,
mu gihe nari nkiri utwondo tw’ivu.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (13, 22-26)

Kristu ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira

Umusi umwe, mw’isinagoga ya Antiyokiya ya Pisidiya, Pawulo yabariye Abayahudi ati : “Umukama yaritoreye Dawudi ngo amwimike, ni We yavuze muri aya majambo ngo : Naritoreye Dawudi mwene Yese, umuntu anshika ku mutima, azorangura ivyo nshaka vyose.

Nk’uko yari yarabiraganye, mu ruvyaro rwiwe ni ho Imana yatoye Yezu, ngo abe Umukiza w’Israeli. Ataraza, Yohani ni we yamuteguriye inzira, mu kwigisha igihugu cose c’Israeli ibatisimu y’ukwigaya.Igihe yari mu kurangura ivyo yatumwe, Yohani yavuze ati : Jewe sindi uwo mwiyumvira, haza kuza uwo ntakwiye guhambururira imizana y’inkweto.

Bana ba mama, mwebwe bana bo mu muryango wa Ibrahimu namwe mwubaha Imana, ni mwebwe iryo jambo ry’ubukiriro ryarungikiwe.”

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya

None rero, mwana, uzokwitwa umuhanuzi w’Uwo mw’ijuru,

kuko uzoja imbere y’Umukama, umutegurire amayira.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (1, 57-66. 80)

Yohani, ni ryo zina ryiwe

Elizabeti ageze kuvyara, yibarutse umwana w’umuhungu. Ababanyi n’incuti ngo bumve ingene Umukama yamugiriye ikigongwe, baranezerwa hamwe na we.

Ku musi ugira umunani, baraza kugenyera umwana, kandi bashaka kumwita Zakariya, izina rya se. Nyina yamara arababwira ati : « Haba namba : azokwitwa Yohani. » Baramubwira bati : « Ko ata n’umwe mu muryango yitwa iryo zina ! » Bayira rero amaboko se, bamubaza uko ashaka ko bomwita. Na we abaka akabaho, yandika ati : « Yohani, ni ryo zina ryiwe. » Bose baratangara.

Buno nyene umunwa wiwe uruguruka, ururimi ruragoboroka, aravuga aninahaza Imana. Ababanyi bose bagira ubwoba, iyo nkuru ica ikwira mu misozi yose y’Ubuyudeha. Abavyumvise bose babishingura mu muzirikanyi, bavuga bati : « Mbega uyu mwana azovamwo iki ? » Nkako rero, Umukama yari yamushizeko iminwe.

Nya mwana na we arakura, akurana ubwenge, hanyuma yibera mu gahinga gushika umunsi w’imenyekana ryiwe imbere y’Israeli.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :