Évangéliser les aréopages modernes.

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » 29 Ruheshi: UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA

29 Ruheshi: UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Kuri uwo musi mukuru nyene

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 12, 1-11

Ubu nzi neza ko Umukama yankuye mu minwe ya Herodi

Muri nya gihe, umwami Herodi yatumye ingabo ziwe ngo zigirire inabi bamwe bamwe bo muri Ekleziya. Yakobo rero mwenewabo na Yohani, amucisha umutwe. Herodi ngo abone binezereye Abayahudi, aca atuma abaja gufata Petero, agasangwa na ho hari mu misi ya Pasika. Petero amaze gufatwa, aca atabwa mu ngoyi ; bashinga abasirikare cumi na batandatu bo kumurinda ari bane bane; yashaka kumwereka ishengero Pasika ihavuye. Petero rero yaguma mu nzu y’ibohero ; mugabo Ekleziya ntiyahengeshanya kumusabira ku Mana.

Buca Herodi yerekena Petero mw’ishengero, muri nya joro nyene Petero yari aryamye hagati y’abasirikare babiri, abandi barinzi na bo bari ku muryango wa nya nzu abohewemwo. Umumalayika w’Umukama ni ho yaseruka, umuco ugaca ukwira nya nzu. Nya mumalayika ashika akangura Petero amukubita ku rubavu amubwira ati : “Vyuka ubu nyene.” Buno nyene, nya minyororo imuboshe ica ikorokera hasi.
Wa mumalayika yongera kumubwira ati : “Kenyera wambare n’inkweto.”
Uwundi na we abigira kuno nyene. Yongera kumubwira ati : “Ikwize neza umutamana wawe, uheze unkwirikire.”
Ngo bamare gusohoka, Petero amuja mu nyuma, yamara ntiyari azi yuko ivyo umumalayika amubwira ari ivy’ukuri ; yagira ngo ari mu ndoto. Bamaze kurengana abarinzi ba mbere n’aba kabiri, bashika ku rugi rw’inyuma ruja ku gisagara, na rwo ruca ruriyugurura ubwarwo. Niko guca babandanya : ngo bashikire umuhana, wa mumalayika aca arazimangana buno nyene.

Petero ava imarwi ati : “Ubu niho nkimenya ko Umukama yandungikiye umumalayika wiwe, ngo ankure mu minwe ya Herodi no mu menyo y’Abayahudi.”

IZABURI : 33 (34), 2-3. 4-5. 6-7. 8-9

ICIT : Umukama yankijije ubwoba bwose nari mfise.

Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu bato bato nibumve bahimbarwe.

Mushire hamwe dushemeze Umukama,
duhwanire guhaya izina ryiwe!
Nirukira Umukama akantabara,
akamara ubwoba bwose mfise.

Bane, uweza amaso Umukama arahimbarwa,
ntazokwigera ateterwa.
Hari umurushwa yatabaje Imana,
iramwumvira imukiza amaganya yose.

Umumalayika w’Umukama
yama iruhande y’abasavyi biwe, akabakingira.
Umvirize murabe ingene Umukama ari mwiza ;
hahiriwe uwumuhungirako.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote: 4, 6-8. 17-18

Ibisigaye ni ukuronka urugori rw’ubutungane

Mukunzi wanje,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.
Bose barampevye. Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Narashoboye kuva mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Uri Petero no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura.
Alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 16, 13-19

Uri Petero, kandi nzoguha imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru.

Muri irya misi,
Yezu yari ashitse mu ntara ya Sezareya ya Filipo ; araheza abaza abigishwa biwe ati : “Mwumva Umwana w’umuntu bamuvugako iki?”
Bamwishura bati : “Bamwe bagira ngo ni Yohani Batista, abandi Eliya, abandi ngo ni Yeremiya, abandi na bo ngo ni umuhanuzi mu bandi.”
Yezu asubizayo ati : “Mweho mwiyumvira ko ndi nde?”
Simoni Petero yishura ati : “Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.”
Yezu na we ati : “Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe na Data ari mw’ijuru. Nanje, ndabikubariye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje ; n’ingabo za Shetani ntizizoyisenyura. Nzoguha imfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru : ico uzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico uzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru.”


Un commentaire

  1. Joannes Claudius MANARIYO dit :

    Ugukunda Umukama, ni ryo shingiro ry’ubutumwa. Ugukunda kandi abantu, ni ryo shingiro ry’ubutumwa, na none urukundo rw’Imana n’urw’abantu birajana… Ni ho twumvise yuko imbere y’uko Petero aronka ubutumwa, yabanje kwemerera Yezu Kristu ko amukunda…
    Yemwe bavukanyi mwese mushaka gukora ubutumwa, ndabipfurije ko namwe Umukama yobuzuzamwo urukundo rwiwe!
    Ainsi soit-il !

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :