Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10
Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke
Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba kandi ashimagiza Imana. N’ishengero ryose ry’abantu riramubona agenda ashimagiza Imana. Baratangara mu kubona y’uko uwo muntu atambuka atarika, aninahaza Imana, ari ca kimuga cahora cicaye imbere y’umuryango w’isengero witwa “Mwiza” gisega. Barumirwa bwumirwe, baratangara kubera ivyo yagiriwe.
IZABURI : 18 (19), 2-3. 4-5
ICIT : Inkuru yabo irakwira isi yose
Ijuru rirayaga ko Imana ininahaye,
ikirere kikerekana ivyo yakoze.
Uko bukeye, uko bwije, ivyo bikorwa vy’Imana biravugwa,
uko bukeye, ivyo bikorwa vy’Imana biramenyeshwa.
Nta majambo canke ururimi bifise,
ijwi ryavyo ntiryumvikana.
Ariko impinguro yavyo iribonekeza kw’isi yose,
ingendo yavyo ikibonekeza gushika ku mpera y’isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati : 1, 11-20
Imana yanyisobanuriye nkiri mu mbanyi ya mama
Ncuti zanje,
Ku vyerekeye Injili nabigishije, ndabamenyesha ko irengeye abantu, kuko nanje ntayihawe canke ntayigishijwe n’umuntu, ariko ari Yezu Kristu yayimpishuriye.
Mwarumvise imigenzo nari mfise kera nkiri mw’idini y’Abayahudi, ingene nahiga Ekleziya y’Imana nkayitikiza bimwe birenze urugero ; mwarumvise kandi ko mu bwoko bwacu narushije benshi mu bo twarukanye gutera imbere mw’idini ry’abayahudi, kuko nabarusha ubwira bw’ukurwanira iragi ry’abasokuru. Ariko, Uwanyisobanuriye nkiri mu mbanyi ya mama akanyihamagarira ku buntu bwiwe, aho ashakiye kummenyesha umwana wiwe ngo ndamurange mu bapagani, buno nyene nta citwa umuntu nagishije inama kandi sinaduze i Yeruzalemu kuraba abantanze kuba abatumwa, ariko naciye nja muri Arabiya, hanyuma nsubira i Damasi. Maze imyaka itatu ishize, nduga i Yeruzalemu kwibonanira na Kefasi, tumarana imisi cumi n’itanu ; mu bandi batumwa, nta wundi nabonye, atari Yakobo, mwenewabo n’Umukama.
Ivyo mbandikiye, ndavyemeje ndi mu maso y’Imana, simbesha.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Mukama, urazi vyose, urazi neza ko ngukunda.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 21, 15-19
Ragira imyagazi yanje, ragira intama zanje
Bamaze gufungurira ku nkombe y’ikiyaga,
Yezu abwira Simoni Petero ati : “Simoni mwene Yohani, urankunda kuruta abo ?”
Na we amwishura ati : “Ego Mukama, urazi ko ngukunda.”
Yezu aramubwira ati : “Ragira imyagazi yanje.”
Asubira kumubwira ubwa kabiri ati : “Simoni mwene Yohani, urankunda ?”
Na we amwishura ati : “Ego Mukama, urazi ko ngukunda.”
Yezu amubwira ati : “Ragira intama zanje.”
Asubira kumubwira ubwa gatatu ati : “Simoni mwene Yohani, urankunda ?”
Petero ababazwa n’uko Yezu amubwiye ubwa gatatu ati : “Urankunda ?”; ni ko kumwishura ati : “Mukama, urazi vyose, urazi neza ko ngukunda.”
Yezu amwishura ati : “Ragira intama zanje. Ni ukuri, ni ukuri ndabikubwiye : ukiri muto, warikenyeza, ukagenda iyo ushaka ; na ho niwamara gusaza, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, aheze akujane iyo udashaka.”
Yezu yavuze ivyo ngo amumenyeshe ingene azopfa ngo aninahaze Imana.