IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (66, 10-14a)
Urweze rwo kuronka Umukiza
Nimunezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese ; nimwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye ! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe n’ibere ryayo, musoserwe n’ubuninahazwa bwayo.
Nkako, ng’iri iriyazwe n’Umukama : Nzoyironsa amahoro atemba nk’uruzi, iteka ryayo mu makungu ringane n’uruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, niko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. Nimwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nk’ubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe.
IZABURI 65 (66), 1-3a. 4-5. 6-7a. 16.20
Icit : Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana.
Bantu muri kw’isi yose, shimagize Imana,
Muririmbire izina ryayo rininahaye,
Muhimbaze ishimagizwa ryayo !
Mubwire Imana muti : « Ibikorwa vyawe ni agahambaye !»
Abari kw’isi yose baricisha bugufi imbere yawe,
bakayaga, bakaririmba izina ryawe !
Nimuze, mwirabire ibikorwa vy’Imana,
ibitangaza yagiriye abantu ni agahambaye.
Yarahinduye ikiyaga ahumutse,
abantu barijabukiye uruzi, ibirenge bidakandagiye amazi.
Aho ni ho dukura akanyamuneza kacu,
kuko ategekana ububasha imyaka n’imyaka.
Abubaha Imana mwese,
nimuze mwumvirize ivyiza yangiriye.
Imana n’ishimagizwe, Yo itirengagije igisabisho canje,
ntinyime urukundo imfitiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (6, 14-18)
Umusaraba wa Yezu ni wo umukristu yishimiriza
Ncuti zanje,
Ese icompa ntihagire ikindi kintuma nishimiriza, ndetse umusaraba w’Umukama wacu Yezu Kristu ! Kuri jewe, ni wo watumye ivy’isi bibambwa, nanje nkaba uwabambwe kuri ivyo. Na none, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa nta kamaro ; igishemeye ni ukuba ikiremwa gishasha. Abazokurikira iryo teka bose, ndabipfurije amahoro n’ikigongwe, ndavyipfurije kandi Israeli y’Imana. Kuva ubu, ntihagire uwucirirwa arangora, kuko ntwara mu mubiri wanje inkovu za Yezu. Benewacu, muramane mu mutima wanyu inema y’Umukama wacu Yezu Kristu. Amen.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu,
kandi mwamane ijambo ryiwe ribuzuzamwo ivyiza vyose !
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 1-12. 17-20)
Igisomwa kigufi : 10, 1-9
Intumwa mirongo indwi na zibiri zija kubura urweze rw’Ubwami bw’Imana
Umunsi umwe,
Umukama yatoye abandi bigishwa mirongo indwi na babiri, arungika babiri babiri ngo bamutange imbere mu bisagara no mu bigwati vyose aho yagira ngo aje hose.
Arababwira ati : « Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake. Sabe rero nyen’umurima, arungike abakozi benshi mu murima wiwe. Gende, ndabarungitse nk’intama mu mfyisi. Ntimutware umufuko w’amahera canke isaho canke inkweto, no mu nzira ntihagire uwo muramutsa. Inzu yose muzokwinjiramwo, ubwa mbere muvuge muti : ‘Amahoro muri iyi nzu !’ Na ho nihaba hari umuntu akwiye amahoro, amahoro yanyu azomujako ; ahandi ho, azobagarukako. Iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya kandi munywa ivyo basanganywe, kuko umukozi aberwa n’impembo ; ntimute umuhana mutora uwundi. Ikigwati cose muzokwinjiramwo bakabakira, murarya ivyo babazimanye ; kandi muhakirize abarwaye, mubabwire muti : ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’
(Igisomwa kigufi giherera aha)
Na co ikigwati cose muzokwinjiramwo ntibabakire, muraca muhava, mugeze ku nama, muvuge muti : ‘N’uyo mukungugu twahanduye turawubakunkumuriyeko, ariko mubimenye : Ubwami bw’Imana bwashitse.’ Ndabibabwiye n’ukuri : umusi uri izina, Sodoma izogirirwa ikigongwe kuruta ico kigwati.»
Abigishwa mirongo indwi na babiri bagaruka banezerewe bati : « Mukama, n’amashetani twayirukanye kw’izina ryawe ! » Yezu arababwira ati : « Nabonye shetani ikoroka iva mu kirere nk’inkuba ! Raba, ndabahaye ubukuru bw’ukuzokandagira inzoka, utumina n’ububasha bwose bw’umwansi ; ntihagire n’ikibabera nabi. Ariko rero ntimikihaye ngo n’uko imitima yabagamburukiye: nimunezerwe nyabuna kuko izina ryanyu ryanditswe mw’ijuru. »
Jewe nahora ngira ngo abantu bo muri Sodoma ni bo bari bakoze icaha gihambaye none uyu musi Umukama arankuyeho kabisa! Ngo « umusi uri izina, Sodoma izogirirwa ikigongwe kuruta ico kigwati » ! Mbega ba sha !
Mugabo tuguye tukavyuka, ni vyo : ukwanka kwakira intumwa za Yezu, si ko kwanka kwakira Yezu? Ukwanka kwakira Yezu, si ko kwanka kwakira Imana n’Ijambo ryayo.
Yemwe, ubonye wanse kwakira Ijambo ry’Imana, nta gicumuro na kimwe utokora: wokora ic’abo muri Sodoma, ugakora ic’abo muri Niniva, ukongerako ica Sawuli, ukongerako ica Dawudi, ukongerako rwawe ata womenya guharura, na ca kindi Yezu yavuga kitarekurirwa (contre le Saint-Esprit) !
Nsigaranye ikibazo kimwe : Mbega Mukama hari aho noba naranse kukwimviriza?
J’aimeJ’aime
[…] Idominika ya 14 yo mu mwaka (Umwaka C). […]
J’aimeJ’aime