Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 16 yo mu mwaka (Umwaka C)

Idominika ya 16 yo mu mwaka (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 1-10a
(Ibrahimu aramutswa n’Imana)

Dieu visite AbrahamUmunsi umwe, Umukama yabonekeye Ibrahimu ku giti ca Mambre, imbere y’inzu, mu gihe c’amashoka. Ibrahimu araramuye amaso, abona abantu batatu bahagaze hafi yiwe. Ngo ababone aca ava hasi, ariruka kubasanganira, akubita ibipfukamiro hasi, ati : « Mukama, ni naba ndabikwiye, nturengane umusavyi wawe. Rindira bazane amazi, mwoze ibirenge, muruhukire munsi y’iki giti. Hinge nje kurondera ivyokurya muhereze umutima, mubonereho kubandanya urugendo rwanyu, ko mwaciye iruhande y’umusavyi wanyu !» Na bo bati : « Genda, ugire nk’uko ubivuze.»

Ibrahimu ariruka n’imuhira, abwira Sara ati : « Rondera ningoga ivyibo bitatu vy’ifu, ucumbe imikate.» Ibrahimu arabandanya no mu busho bwiwe, afata inyana nyayo kandi inuze, ayiha umusuku wiwe, na we aca arayibaga. Afata amata y’urubu n’imfyufyu, n’inyama za ya nyana yabaze, abitereka imbere yabo, araheza ahagarara munsi ya ca giti, na bo barafungura. Baramubaza bati : « Umugore wawe Sara ari hehe ?» Na we ati : « Ari mu nzu.» Umushitsi asubizayo ati : « Nzogaruka iwawe mu mwaka utaha, kandi umugore wawe Sara azoba ahetse.»

IZABURI 14 (15), 2-3ab. 3cd-4ab. 5


Icit : Ni nde, Mukama, azokwinjra mu ngoro yawe ?

Hazoshika umweranda, yigenza neza,
akora ibitunganye,
avuga ukuri kuva ku mutima
kandi atambika ibara abandi.

Urya atagunga abandi,
kandi atarabana akagaye mugenziwe.
Inkozi y’ikibi yo ayirabisha agakengero,
ariko yama asonera abubaha Umukama.

Urya agurana amahera, atarondera inyungu,
uwanka kwakira ingero yo kugura intungane.
Uwugira gurtyo
Ntazokwigera atirigana.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 1, 24-28

(Kristu aserukira mu buzima bw’umutumwa)
Ncuti zanje,
Ubu ndanezerewe mu kubabara kubwanyu, kandi ivyasigaye ku magorwa ya Kristu ndabiherahereza mu mubiri wanje kubw’Umubiri wiwe ari wo Ekleziya. Ni yo nshinzwe gukorera kubera rya teka natewe n’Imana ry’ukubigisha bimwe birangutse ijambo ryayo, ryo kubagobororera rya banga ryahishijwe imyaka abantu ba kera, rigaseruka ubu mu beranda bayo.
Koko, hagati y’ibihugu vy’abapagani, Imana yarashimye kubamenyesha iri banga ry’agaciro ntangere ; na ryo ni Kristu avyagiye muri mwebwe, We mizero yanyu muzeyeko ubuninahazwa. Ni We tumenyesha mu guhanura no mu kwigisha umuntu wese, tukabigirana ubwitonzi, kugira ngo umuntu wese tumugire umuntu abushitse muri Kristu.

INKURU NZIZA

 

Alleluya, alleluya
Hahiriwe abazigama Ijambo ry’Imana mu mutima mwiza w’umwete bagaheza bakagira ico bimarira kuko bahozako.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 10, 38-42

(Yezu azimanwa kwa Marita na Mariya)

Umunsi umwe, Yezu yari ku nzira, ari kumwe n’abigishwa biwe ; hanyuma yinjira mu muhana, umugore yitwa Marita aramutumira iwe. Na ho hari murumunawe yitwa Mariya, yicara iruhande y’Umukama, yumviriza amajambo yiwe.
Marita yarakora yitwararika ivy’inzimano ; arahagarara ati : « Mukama, ntubona ko mwenewacu andeka ngo nkore jenyene ? Mubwire aze amfashe. » Umukama aramwishura ati : « Marita, Marita, uriko urigora kandi wiruka muri vyinshi. Ikintu kigoye ni kimwe rudende : Mariya yatoye ikiruta ibindi, ntawuzokimukurako. »


Un commentaire

  1. Joannes Claudius Manariyo dit :

    Bavukanyi,
    Mw’Ijambo ry’Imana twagiye turumva inyifato z’abantu bamwe bamwe bakiriye abashitsi, bagasanga bariko barakira Imana. Aburahamu twumvise mu gisomwa ca mbere, yakiriye Imana imwiyeretse muri batatu, mu Nkuru Nziza na ho, Marita na Mariya bakiriye Imana muri Yezu Kristu Umwana wayo, yaje kudukiza.
    Tugarutse rero kuri Aburahamu, twumvise ko abashikiriye ngo abasanganire, yahamagaye muri rudende, ati : « Mukama, ninaba ndabikwiye nturengane umusavyi wawe» (Amamuko 18,3). Yavuze nk’uko yobaye ariko aravugisha umuntu umwe. Ikindi gihe na ho, yabaganiriza nk’uwuvugisha abantu benshi. Na bo nyene, hari aho bavuga nk’uko yobaye ari umuntu umwe gusa: «Ni ukuri, nzogaruka iwawe nk’aya mango, kandi umugore wawe Sara azoba afise umuhungu» (Amamuko 18,10). Tuvuge ngo yari Imana yaherekejwe n’abamarayika? Tuvuge ngw’iki? Abakurambere b’Ekleziya (les Pères de l’Église), bo babonye ko muri iryo bonekerwa rya Aburahamu, ari Ubutatu Bweranda, ya Mana Muryango wa Data na Mwana na Mutima Mweranda yamuramukije. Na twebwe nitwagira umutima w’ukwakira nka Aburahamu, tuzokwakira iwacu Imana itwinjize mu bumwe bwayo, itugire intungane, tube umwe muri Yo, nka kumwe Yezu yabidusabira (Yohani 17). Nitwakire benewacu, tubone kuzokwakira n’Imana, kuko habuze kimwe, n’ikindi ntigishoboka. Turwanye amacakubiri, iyo aturuka hose, turwanye ukwigungirako, n’izindi ngeso mbi, erega ayo macakubiri nyene n’izindi ngeso mbi, ni vyo bitubujije amahoro. None mweho ntimuvyibonera?
    Inkuru Nziza na yo, isa n’iyinogerereza ya nyigisho twaronka ku musi w’Imana uheze, aho Yezu yaca umugani w’umunyasamariya w’ikigongwe, tukaba dusanzwe tuzi ko inyigisho nshimikiro yawo ari ugukunda mugenzawe. Marita na Mariya na bo tubona muri iyi Nkuru Nziza, Yezu arabafatirako kugira ngo atwigishe urukundo twogirira Imana, n’aho kumbure ata wuzi ko bo bategera neza ico bariko baragira. Marita afise umutima wo kwitanga, yigora, ico twita mu Kirundi ‘kwita mu ziko’. Arazi ko Yezu ari Messia, ariko ntiyibutse ko ari Mwigisha. Yabonye ko igikenewe ari uko yozimanwa, ariko ntiyibutse ko Yezu na We afise ico atanga: amajambo y’Ubuzima budahera. Mariya na we, yahisemwo kwumviriza amajambo ya Yezu, yicaye iruhande yiwe.
    Mu vy’ukuri, ufatiye aho umuntu ageza, Marita na Mariya, bompi bagize neza. Inyifato ya Marita, ni inyifato yerekana ubugenzi: Yezu yama yirirwa ku nzira yigisha yongera aruhishwa n’abamutega imitego, agasonza, akanyoterwa, ntaronke aho aruhukira, ntaronke n’utwo acisha ku w’epfo. Vyari bikwiye rero ko azimanwa, ari na vyo Marita yitwararitse. Ku ruhande rwa Mariya na ho, umushitsi ntayari akwiye kubura uwumuganiriza. Kandi n’Imana ishaka ko twokwama tuganira na Yo, ubumwe bugakomera, umutima wacu ukaremuruka. Erega ukubura uwukuganiriza canke ukubura uwo muganira, birababaza! Umuntu ntiwomuha ivyo arya canke anywa vyonyene ngo uce ugira ngo ndakwije, hategerezwa kuba ikiyago. N’Imana rero ishaka ko tubana uko: iraduha ivyiza vyinshi ni ko, tweho nta n’ico tuyirushije twoyiha; ariko kandi irashaka rwose ko tuganira na Yo, tukayumviriza na Yo ikatwumviriza… Erega ni co gikomeza urukundo.
    Bahora batera inkuru bavuga ngo hariho umuntu yari atunze, akagira n’abagenzi benshi. Umwe wese afise umusi mukuru, akamutumira. Erega ngo ntiyagenda! Ngo yaca arondera «cadeau» y’akatabonetse akabarungikira… Umusi umwe agira urubanza, na bo baraheza barasiba, mugabo baramuterera. Ngo ntivyamuhimbaye na gato, kuko yashaka kubabona. Uwundi musi, agire aracababaza igituma bataje kandi bamuterereye, bamwishura bati: «Twabonye ariko ubigenza, duca tugira ngo ni vyo ushima!» Asubizayo ati : «Ndasavye imbabazi sinzosubira!»
    Mariya rero yatoye ikiruta ikindi kandi nta wuzokimukurako, kuko mu bisanzwe si twebwe turi n’ivyo duha Imana, ah’ubwo ni Yo iduha natwe tukakira. Ijambo ryayo ni ubuzima, ni ryo twohurumbira. Ni ryo riremurura umutima wacu ibiwuremereye vyose. Si ibikorwa vyacu bituremurura, ni Jambo wa Data aturemurura. Ni We yigize umuntu, ni We yigize imfungurwa yacu, ni We yadupfiriye, ni We ivyiza vyose turonka bicako. Ni We rero aruta vyose, kandi nta na kimwe gikwiye kumudukurako.
    N’aninahazwe, ahezagirwe, kumwe na Data na Mutima Mweranda, mu myaka n’imyaka! Amen!

    Ndabipfurije mwese UMUSI W’IMANA MWIZA!

    J’aime

Répondre à Joannes Claudius Manariyo Annuler la réponse.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :