Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka C)

IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 20-32

(Ibrahimu aserukira abanyasodoma ku Mana)

AbrahamPleadsForSodomAbo bagabo batatu barahaguruka, baragenda, bafata inzira ija i Sodoma, Ibrahimu arabaherekeza. Umukama avuga ati : « Induru y’abidogera Sodoma na Gomora yakoze kw’ijuru ; ibicumuro vyabo vyerenze ihaniro. Ndamanutse nje kuraba ko ivyo babitwarira ari ivy’ukuri. Ni vyaba atari vyo, na ho nyene ndabimenye. » Nya bantu bava hano baja i Sodoma, Ibrahimu na we yari agihagaze imbere y’Umukama. Araheza amubaza ati : « Mbega, ugomba kujaniranya intungane n’umubisha ? Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. Na bo urabatikiza ? » Mbe uhasanze nk’abo mirongo itanu, igisagara cose ntiwokigirira ikigongwe kubera bo ? Eka data, ntiwogira gurtyo ! Intungane ntiyorabwa nk’umucumuzi : ntirikabe ! Nyen’intahe kw’isi yose, ni we atokurikiza ubutungane ? »
Umukama aramwishura ati : « Nsanze abantu b’intungane mirongo itanu mu bantu ba Sodoma, noca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera abo. » Ibrahimu ntiyashirwa, asubizayo ati : « Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama, kandi ndi ivu, ndi umunyota. » Ati : « Kumbure muri abo mirongo itanu harabuzemwo batanu. None hahaze batanu, woca utikiza igisagara cose kubera ico ? » Umukama aramwishura ati : « Oya, ninahasanga mirongo ine na batanu, ndabagirira ikigongwe bose. » Ibrahimu asubizayo ati : « Kumbure, hari mirongo ine gusa. » Umukama amwishura ati : « Eka na ho nyene ntaco nobagira kubera abo beranda mirongo ine. »

Ibrahimu yongera ati : « Mukama, ntushavure, ndacabandanya kuvuga : kumbure hari mirongo itatu gusa. » Umukama aramwishura ati : « Eka, n’aho nohasanga mirongo itatu, igisagara nokireka. » Ibrahimu asubizayo ati : « Mukama, urangirira ikigongwe, n’aho nshirukanije nkakuvugisha. Kumbure mirongo ibiri bo ntibabuze. » Umukama amwishura ati : « Eka na ho nyene, igisagara ntaco nokigira kubera abo beranda mirongo ibiri.» N’ubwo nyene, Ibrahimu ntiyashirwa, asubizayo ati : « Mukama, ntunshavurire, ndapfundikiye ivyo nakubaza. Niwahasanga nk’icumi ho ? » Umukama amwishura ati : « Kubera abo beranda cumi, igisagara sindagikoma. »

IZABURI 137 (138), 1-2a. 2b-3. 6-7b. 7c-8

Icit : Uranyumvira, Mukama, igihe ndagutabaza.
Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose,
Amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe;
Ngira nkuririmbire imbere y’abamalayika,
Nunamire ingoro yawe nyeranda.

Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe n’ukuri kwawe,
Ivyo waturaganiye birarengeye ivyavuzwe kuri wewe;
Aho nagutabaza, waranyumviye
Ngo ngire ubwoba, urabunkiza, ungira umutinyutsi.

Ego niko, kuva mw’ijuru Umukama abona abicisha bugufi,
Ariko abanyabwishime bo abamenyera kure.
Iyo ngendeye hagati y’amarushwa,
Uransubiza amagara, bigatera ishavu abansi banje.

Uraramvura ukuboko kwawe kukaba arikwo kunkiza :
Ububasha bw’Umukama bwama bungirira akamaro.
Urukundo rwawe, Mukama, rwamaho imyaka yose,
Ntuhebe rero ivyiza wama utugirira.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 2, 12-14

(Umusaraba wa Yezu Kristu, sôko ry’ubukiriro bwacu)

Ncuti zanje,
Mw’ibatisimu mwasangiye uruhafu na Kristu, kandi musangira n’izuka, kuko mwemeye ububasha bw’Imana yamuzuye mu bapfuye. Mwari abapfu kubera ibicumuro vyanyu, be n’uko mutaharurwa mu gihugu c’Isezerano. Ariko Imana yarabasubije bazima muri Kristu nyene, mu kuturekurira ibicumuro vyose no mu guhanagura rya keti ryatwagiriza umwenda tuyifitiye kubera amabwirizwa yayo ; eka yararizimanganije mu kuribamba ku musaraba wa Kristu.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu, udutuma tuvuga tuti : « Abba ! Dawe !»
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka : 11, 1-13

Yezu atwigisha gusenga

prière avant le repasUmunsi umwe, Yezu yariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubarira ati : « Mukama, twigishe gusenga, nk’uko Yohani Batista yavyigishije abigishwa biwe. » Yezu na we arababarira ati : « Nimwasenga, muravuga muti : Dawe, izina ryawe nirininahazwe, ubwami bwawe nibuze. Duhe imisi yose ivyokurya bidukwiye ; uturekurire ibicumuro vyacu, nk’uko natwe turekuriye abadufitiye umwenda bose ; kandi ntuturekure ngo dutsindwe n’inyosha mbi. »
Arahava ababwira ati : « Muri mwebwe uwoba afise umugenzi, hanyuma akaja iwe mw’ijoro, akamubwira ati : ‘ Mugenzi, ngurana imikate itanu, kuko iwanje ndariwe n’umugenzi avuye ku nzira, kandi singira ico ndamuzimana.’ Na we uwo ari mu nzu akamwishura ati : ‘ Ntaco ungora, namaze kwugarira kandi twe n’abana twamaze kuryama, sinshobora kuvyuka ngo ndaguhe iyo mikate.’ Uwo muntu yoshishikara gukomanga, ndababwiye nti : n’aho atovyuka ngo amuhe kuko ari umugenzi, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose kuko ariko aramugora.
Nanje ndababwiye nti : Nimusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka, nimwuguruze, bazobugururira. Kuko uwusaba arahabwa, uwurondera araronka, na we uwuguruje arugururirwa.
Muri mwebwe, hari umuvyeyi umwana yosaba umukate akamuha ibuye ? Yamusaba ifi akamuha inzoka ? Yamusaba irigi akamuha akamina ? None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza, So wanyu wo mw’ijuru yonganya na nde mu guha Mutima Mweranda abamumusaba ? »


Un commentaire

  1. Joannes Claudius Manariyo dit :

    Bavukanyi,
    Nk’uko yama abitugirira imisi yose, Umukama n’uyu musi araduhaye Ijambo ryiwe. Riratwigisha ibintu vyinshi, ariko nta woshobora kubivuga vyose muri aka kanya. Reka rero tuvuge ivyo twashoboye kugumya, na vyo ni ibi :

    – Umukama adutumirira gusengana umwizero
    – Umukama aratwigisha ukuntu twosenga

    Mu Nkuru Nziza twashikirijwe n’umwanditsi Luka, Yezu yabanje kudusaba kwita Imana «Dawe». Kuri twebwe, Imana si uwo ari we wese, ni Dawe (canke “Data”, canke “Papa” nk’uko bamwe bamwe babivuga ubu). Si umutegetsi atubwira ngo: «Gira ibi canke biriya, utabigize naho uzibonerako!», n’aho hatabuze abiyumvira uko! Si «Commandant», agira ngo : « En avant, marche!», vyakunanira agatora igiti akakikumarirako. Egome n’Imana yaraduhaye amategeko dukurikiza tukazokira tutayakurikije tukazopfa, ariko ntidukwiye kuyiha ishusho y’abo twadondaguye. Si umupolisi (mubi) aturerereka ngo arabe aho twihenda ace aduta muri yompi, ntiturereka ngo irabe aho ducumura ngo ice itwereka ico imbwa izira, ni «Dawe». Si dawe uwo ari we wese, kuko Yezu yatubwiye neza ko twebwe turi babi none tutoyigereranya aho yagira ati: «None, ko mwebwe, n’aho muri babi, muzi guha abana banyu ivyiza…» (Luka 11, 13). Ni Dawe mwiza. None ga mugenzi, ubwo mu vy’ukuri, Imana ifise iyihe shusho mu mutima wawe? Iyo uriko urasenga, uhora wiyumvira uwo uriko urabwira ko akwumvirizanya urukundo? Ubwo ntihari aho ugira uti: «Reka mpfe kurúta!» ? Ubwo ntiwama ugira ngo «Imana yaranyimye ibi canke biriya, none sinzosubira kuyisaba ikintu na kimwe!», na ho kumbure ari wewe utarategera inzira zayo? Yezu maze kudutumirira kwita imana «Dawe», yatubwiye ati: «Nimusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka, nimwuguruze bazobugururira.» (Luka 11, 9).
    Mu gisomwa ca mbere no mu Nkuru Nziza, twaharonkeye uburorero bubiri bw’ukuntu twosenga. Aka mbere, ni aho Aburahamu yasabira abantu b’i Sodoma na Gomora. Aho yabasabira, ntiyasavye Imana ngo ikize intungane ihane abagize inabi. We yasaba Imana ngo igirire ikigongwe igisagara cose, ababi n’abeza: «None uhasanze nk’abo murongo itanu, igisagara cose ntiwokigirira ikigongwe kubera bo?» (Amamuko 18, 24). Araheza arabandanya arasaba gushika kw’icumi. Aburahamu, twovuga tuti yohejwe na Mutima w’Imana, yari yategereye ibijanye n’iteka umuntu afise imbere y’Imana. Kubera ko Imana imukunda, umuntu afise agateka. Nta nyagupfa ahari imbere y’Imana. N’aho yokora inabi, Imana iguma imukunda, kandi iguma irindiriye ko yogaruka. Na twebwe, dukwiye kuza turasenga nka Aburahamu. Turafise abantu twita «inkozi z’ikibi», turafise abo twita «abansi bacu», turafise abo twita ngo ni «ibipfamutima» n’ibindi… Ariko ivyo tuvuga vyose, turabe neza: Imana ntiyigera yitiranya ikibi n’uwagikoze, none natwe nitugire gutyo. None ga mugenzi, abo bantu bose, ubwo uhora ubasabira iyo uriko urasenga? Ubasabira gupfa, canke gukira? Nk’uko twabivuze, Imana ishaka ko twese dukira. None rero nitwame twitwararika kurondera urukiza rw’abavukanyi bacu, n’aho twoba tubona umengo mu migenzo yabo nta kigenda.
    Ku rundi ruhande na ho, iri jambo ryatweretse ko igicumuro ari inkwezi y’ishavu ry’Imana. Ego cane, tuvuga ko ari ishavu ry’Imana, n’aho kenshi na kenshi, n’aho Imana ata co yoba iravuga, ukoze igicumuro, ingaruka mbi zaco zikwokera, zikagukwegera amabi menshi… Aha nca nibuka Abagereki ba kera bavuze ngo «Uwuteye ibuye mu kirere rimukorokera ku mutwe.» Ni ko n’ibicumuro vyacu bimeze, ingaruka mbi zavyo ziturwako zikadukomesha, ngira ngo tuzoronka umwanya wo kubisigura. Ariko ubweranda bwo, ni isôko ry’urukiza, isoko ry’ikigongwe. Ni vyo twumvise, ngo : «Sindagitikiza kubera abo cumi.» (Amamuko 18,32). None rero ga mugenzi, guhera uyu musi, ba umwe muri abo cumi Umukama yofatirako tukaronka ikigongwe twese.
    Akarorero ka kabiri ko ni inyigisho ngenderwako : ni ca gisabisho tumenyereye kuvuga, ngo « Dawe wa twese uri mw’ijuru.» Ntituvuga ngo: «Dawe wanje», tuvuga ngo: « Dawe wa twese ». Ivyo rero bisigura ko umuntu wese ari mwenewacu canke mushikanje, kuko Imana yashatse ko bose baba abana bayo muri Kristu. Dutegerezwa rero kubaho gutyo. Bimwe rero vy’ukuraba amazuru maremare canke magufi, ibara ry’urukoba, indimi tuvuga, intara tuvukamwo, imigambwe n’ibindi…, turagaba! Tuti: «Izina ryawe nirininahazwe.» Aho tuba turiko turavuga ngo « Wewe Mana, Dawe wacu, n’umenyekane uko uri, kandi wubahirizwe mu gateka kawe uko uri nyene…». None ubwo hari ico tugira ngo Imana imenyekane kandi yubahwe mu bweranda bwayo? Ntituyihumanya? Tuti: «Ubwami bwawe nibuze». Aho tuba turiko turasaba ngo aho Imana iba n’aho abantu baba habe co kimwe. Twame twibuka neza ko « Ahari urukundo n’ubumwe ari ho usanga Imana iri.» Ivyo rero tuvyibagiye, tuba turiko turapfisha ubusa ibisabisho vyacu. Dutegerezwa kubaho mu rukundo no mu bumwe! Tuti: «Ivyo ushaka nibigirwe kw’isi nko mw’ijuru.» Mbega Imana ishaka iki? Ni bande bakora ishaka ry’Imana? Ivyo Imana ishaka tubisanga mw’Ijambo ryayo: nidukundane nk’uko na Yo yadukunze (Yohani 15, 12). Abakora ishaka ry’Imana ni twebwe, none rero nitwugurure umutima wacu riheze riranguke. Tuti: «Uduhe ivyokurya bidukwiye uyu musi.» Ego ni ko turasaba ivyo dukeneye vyose, ariko tumenye ko kugira ngo tubironke na twebwe nyene duheza tugakora. Gusenga n’ugukora birajana. None, Benedigito mweranda ntiyabitubwiye neza, aho yagira ati : «Ora et labora», bisigura ngo : «Senga wongere ukore»? Abadafise ibibakwiye na bo, bakwiye kubironka kubera twebwe nyene. Ehe rabe namwe: n’igihe abatumwa babwira Yezu ngo arungike abantu guhiga utwo bafungura, yababwiye ati : « Nimubagaburire mwebwe nyene !» (Mt. 14,16). Muruumva rero ko iryo jambo n’ubu rituraba. Ukurekurirwa ibicumuro vyacu na vyo, bijanye n’ukurekurira abandi. Iyo turiko turasaba na ho , ntitwokwibagira gusaba inema y’ukudatsindwa n’inyosha mbi. Tutari kumwe n’Imana, nta co dushobora, turi kumwe na Yo tuzotsinda.
    None rero, «Nimusabe muzohabwa, nimurondere muzoronka, nimwuguruze bazobugururira.» (Luka 11, 9).

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :