Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 18 yo mu mwaka (Umwaka C)

Idominika ya 18 yo mu mwaka (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Qo 1, 2 ; 2, 21-23

Umwitwarariko w’amaronko ntaco umarira umutima

qoheletKoheleti yavuze ati: Vyose ni ivy’ubusa, ntaco bimaze ! Umuntu yakoranye ubwitonzi n’ubukerebutsi kandi agatunganirwa, araheza akabisangira n’uwutabikoreye : n’ivyo ni ubusa kandi ni akamaramaza. None ivyo yakoze vyose, uwo mwitwarariko w’imyaka yose wamumariye iki ? Iminsi yose y’amakuba, umwina w’amaronko, ukurara kw’ijoro, n’ivyo vyose ntco bimaze.

Izaburi 89 (90), 3-4, 5-6, 12-13, 14.17

Icit : Mukama, wamye uri amahungiro yacu kuva kera na rindi.

Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo.»
Mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.

Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.

N’utwigishe guharura iminsi yacu,
Kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbure mu vyo ugirira abasavyi bawe.

N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
ni ho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire !
N’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu !
IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi  (3, 1-5. 9-11)

Muri Kristu, umuntu wa kera avamwo mushasha

Ncuti zanje,
Nimwaba mwazutse hamwe na Kristu, nimurondere ivy’ijuru, aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana ; nimwamize agatima ku vy’ijuru, mureke kwumira ku vy’isi. Koko, mwasangiye urupfu na Kristu kandi ubuzima bwanyu buracahishijwe hamwe na We mu Mana. Aho Kristu azoserukira, We buzima bwanyu, ni ho namwe muzoserukana na We mu buninahazwa.
Nimwice rero za ngeso zishimikiye ku vy’isi : ubusambanyi, ibiterasoni, ubuhumbu, ivyipfuzo bibi, ya nambu y’ukuryoherwa n’ivy’umubiri isa n’ugukorera ibigereranyo.
Ntimube mugihendana, kuko mwiyambuye wa muntu wa kera n’ibikorwa vyiwe, mukambara wa muntu mushasha, umwe aguma yiyubura ngo agabane ubumenyi nyakuri mu kwishushanya n’Umuremyi. Aho rero, ntawuba akiri Umugreki canke Umuyahudi, uwagenyerewe canke uwutagenyerewe, akavantara canke umunyeshamba, umushumba canke uwidegemvya ; ariko Kristu ni We vyose kandi ari muri vyose.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezy Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka : 12, 13-21

Ukwegeranya itunga rihera

riche-insenséUmunsi umwe, umuntu yaciye mw’ishengero ryari rikinje, abwira Yezu ati : « Muhanyi, bwira uwo tuvukana angabanirize kw’iragi rya Data.» Yezu aramwishura ati : « Mbega, none ga wa mugabo, ni nde yangize umucamanza wanyu canke ngo mbagabanye ivyanyu ?» Araheza abwira ishengero ati : «Nimwame mugavye, mwirinde ubunibuni iyo buva bukagera, kuko ubuzima bw’umuntu butava kw’itunga afise.»

Araheza Yezu abacira uyu mugani ati : « Habaye umuntu w’umutunzi, imirima yari yamukundiye arimbura vyinshi cane. Nya mutunzi ati : ‘Mbega nza kugira nte, ko ibigega vyo kwimburiramwo bidakwiye ?’ Atoye uko aza kubigenza, aribaza ati : ‘ Nzosambura ibigega vyose nari nsanganywe, hanyuma nubake ibindi bibisumvya ubunini, mpejeje nimburiremwo ivyimburwa n’ivyanje vyose ; hanyuma mbwire umutima wanje nti : ‘Wa mutima we, kubitiza akajisho kuri ivyo bigega ; usanga bizokumaza imyaka myinshi. Ubu rero, niwiruhukire, urye, unywe, wigirire iminsi mikuru uko ushaka.’ Niho yumva ijwi ry’Imana imubwira iti : ‘Ewe kiburabwenge, muri iri joro nyene umutima wawe baza kuwukwaka. None iryo tunga ryawe riza gusigarana nde ?’ Uko niko bizobera uwishinga kwihamira ivy’isi, ntiyibuke ibizomutungisha mu vy’Imana.»


2 commentaires

  1. MANARIYO Jean Claude dit :

    Ku munsi w’Imana twari kumwe n’umusaserdoti mu Nkuka y’Imisa, araheza arigisha abantu afatiye kuri iri Jambo ry’Imana avuga mu rurimi rw’igitaliyano amajambo avuga ibi : « Iyo abavyeyi bacu basezeye isi, bama basiga baturaze itunga ry’umuryango, bagasiga baduhezagiye. Iryo tunga baturaga, bakipfuza ko ryoba umuhezagiro… Maze bamara gushengera, rya tunga ‘ Nyaguhezagirwa ‘, tukarihindura itunga ‘ Nyakuvumwa ‘ (le eredità maledette). » Abantu baca baratangara. Aca arabandanya ati : « Ntaco mutangara. None ayo matunga ateranya abavukanyi ntihabe hakigira uwuvugana n’uwundi, ubucuti bukahava, mwumva ryokwitwa ngw’iki ? Tuvuge ngo ni umuhezagiro w’Imana Serukundo ? Arakavumwa! » (sono delle eredità maledette)

    J’aime

  2. MANARIYO Jean Claude dit :

    Ku munsi w’Imana twari kumwe n’umusaserdoti mu Nkuka y’Imisa, araheza arigisha abantu afatiye kuri iri Jambo ry’Imana avuga mu rurimi rw’igitaliyano amajambo avuga ibi : « Iyo abavyeyi bacu basezeye isi, bama basiga baturaze itunga ry’umuryango, bagasiga baduhezagiye. Iryo tunga baturaga, bakipfuza ko ryoba umuhezagiro… Maze bamara gushengera, rya tunga ‘ Nyaguhezagirwa ‘, tukarihindura itunga ‘ Nyakuvumwa ‘ (le eredità maledette). » Abantu baca baratangara. Aca arabandanya ati : « Ntaco mutangara. None ayo matunga atuma ateranya abavukanyi ntihabe hakigira uwuvugana n’uwundi, ubucuti bukahava, mwumva ryokwitwa ngw’iki ? Tuvuge ngo ni umuhezagiro w’Imana Serukundo ? Rirakavumwa! (sono delle eredità maledette)

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :