IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 18, 6-9
Imana izanwa n’ugukiza igihugu cayo
Iryo joro ryari ryaburiwe basokuruza,
niko kugumya umutima kuko bari bazi indagano bemerewe
niho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka,
abansi bagatikira.
Mu gihe wanena abansi bacu,
niho natwe wadutera iteka mu kutwitorera.
Nico gituma abana b’intungane bagiye ahiherereye
Bakaguhereza inkuka,
bakarahirira icarimwe bivuye inyuma
ko aberanda bazosangira akabisi n’agahiye ;
muri kino kiringo nyene,
batera indirimbo z’abasokuru.
Izaburi 32 (33), 1.12, 18-19, 20.22
Icit : Hahiriwe intara Umukama yironkeyeko iragi.
Tera impundu Umukama, mwa bantu b’intungane :
abantu b’intungane barabereye gutera impundu !
Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana !
Hahiriwe intara We nyene yitoreyeko iragi !
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
Ku bizeye urukundo abafitiye ;
Kugira ngo abasimbishe icobo,
Abakize amapfa.
Umutima wacu witeze Umukama,
Ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworonse urukundo rwawe,
Kuko ari Wewe twama twizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 11, 1-2. 8-19
Igisomwa kigufi : 11, 1-2. 8-12
Ukwemera kwa Ibrahimu ni agashusho k’ukwemera kwacu
Ncuti zanje,
Ukwemera ni ryo shimikiro ry’ivyo twizigiye, ni co kimenyamenya c’ivyo tutarabona ; ukwemera ni kwo kwashingiye intahe abasokuru. Ukwemera ni kwo kwatumye Ibrahimu agamburuka mu gihe yahamagarwa, akagenda mu gihugu yari yagenewe kuzotorana kandi yagenda atazi iyo aja ; ukwemera ni kwo kwamutumye aja kugerera mu gihugu yasezeraniwe nk’uko coba ari ico mu mahanga, akabana mw’ihema na Izahaki na Yakobo, ba samuragwa nka we b’iryo sezerano, kuko yari arorereye igisagara kiri n’iremezo rikomeye, Imana yatavye ikubaka.
Ukwemera ni kwo kwatumye na Sara nyene ashobora gusama inda n’aho yari ashaje, kuko yiyumviriye yuko uwabimwemereye akwiye kwemerwa. Ni co catumye umuntu umwe rudende, -kandi uwo yari akaheze, – arondoka isinzi nk’inyenyeri zo mw’ijuru, nk’umusenyi udaharurwa wo ku nkombe z’ikiyaga.
(igisomwa kigufi giherera aha)
Abo bose barapfanye ukwo kwemera batarashikira ivyo bari bemerewe, ariko babibona bikiri kure bakabisasirira, bakemera yuko bari akavantara n’ingenzi kuri iyi si. Na bo abavuga bartyo baba berekana yuko bariko bararondera igihugu cabo bwite. Vyongeye, iyo bakumbura igihugu bavuyemwo, bari kuronka uburyo bwo gusubirayo. Ariko noneho bipfuza igihugu gisumbirije, ari co juru. Ni co gituma Imana itamaramazwa n’ukwitwa Imana yabo ; nkako na none, yarabateguriye igisagara.
Ukwemera ni kwo kwatumye Ibrahimu ahereza Izahaki mu gihe yageragezwa, kandi uwakiranye igishika isezerano agahereza umwana wiwe w’ikinege, umwe yari yabwiwe ngo : « Muri Izahaki, niho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa » ; yari yiyumviriye ko Imana ishobora n’ukuzura abapfuye : nico gituma yarokoye umwana wiwe, ivyo na vyo bitubera ikimenyetso.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Nimwame mugavye kandi mwiteguye, kuko mutazi umunsi Umwana w’umuntu azozirako.
Alleluia
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka : 12, 32-48
Igisomwa kigufi : 12, 35-40
Nimwame mwiteze Umukama
Umunsi umwe,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ntimugire ubwoba, mwebwe dutungwa twanje ; kuko So wanyu yashatse kubaha Ubwami. Gurisha ivyo mutunze, mubihe aboro. Nimwironderere indaha zidashira be n’itunga ritazobatetereza mw’ijuru, aho umusuma adashobora kwegera, nayo umuswa nturuhe ukozako iryinyo ; kuko aho itunga ryawe riri, ariho agatima kawe kazoba.
(IGISOMWA KIGUFI GITANGURIRA AHA)
Nimukenyere zigume kandi amatara yanyu yame yaka. Nimube nka barya barindiriye shebuja ku munsi w’ubugeni, kugira ngo bamusanganire arengutse akuguruza. Ewe barahiriwe abasuku shebuja aazosanga bagiteramye ! Ni ivy’ukuri ndabibabwiye : azozikenyera, abavyagize ku ndava, abaheture mu kubagaburira. Aje mu gicugu canke mu nkokó, bazoba bahiriwe asanze bakimwiteze ! Bitegere neza : iyo nyen’urugo aba yari azi ikiringo igisuma kizirako, yoraririye ntiyoretse ngo kimumenereko inzu. Nimwame mwiteguye na mwebwe nyene, kuko Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutari mumwiteze.»
(IGISOMWA KIGUFI GIHERERA AHA)
Hanyuma Petero amubwira ati : « Mukama, ni twe gusa uciriye uyu mugani, canke uwuciriye bose ?»
Umukama aramwishura ati : « Ku bwanyu, ni nde wa mubwiriza ari n’ibanga kandi yitonda, shebuja yashinze abasuku biwe ngo abagerere ingano igihe kigeze ? Arahiriwe uwo mubwiriza shebuja azosanga agira nk’uko yabimushinze ! Ni ivy’ukuri ndabibabwiye : azomushinga ivyiwe vyose. Ariko uyo mubwiriza niyibwira ati : Databuja yatevye, agasindira abasuku n’incoreke, akaja mu vyo kwirira no kwinywera akaborerwa, shebuja azoza umunsi atamwiteze, kw’isaha atazi : azomwirukana, amusuke mu mugwi w’ibigaba. Umusuku azi amategeko ya shebuja ntiyitegure, ntakore ivyo yashâtse, urya azokubitwa nyinshi. Uwuzoba atazi ivyo shebuja yashâtse, ariko akwiriye igihano, urya azokubitwa nkeya. Uwuzoba yaronse vyinshi azobazwa vyinshi; na we uwuzoba yabikijwe vyinshi, bazorushirizaho kumwaka vyinshi. »