Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Fêtes » Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)

Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)

SAINT-LAURENTNcuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose,  nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.»  Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.

IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama,
agahimbarwa cane n’amabwirizwa yiwe.
Abamukomokako bazoba intwari mu gihugu;
uruvyaro rw’abagororotsi ruzohezagirwa.

Umuntu mwiza ni uwugira impuhwe, agatanga ingurane,
agatunganya ibintu vyiwe akurikije ingingo;
vyongeye ntazokwigera ayegayega,
intungane izokwama yibukwa na ntaryo.

Atanga atitangiriye itama, agafasha abakene,
ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.
Agira ububasha, akaguma atera imbere mu buninahazwa.


INKURU NZIZA

Alleluya, Alleluya.
Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima
Azoronka riho umuco w’ubuzima                          (Yohani 8,12b)
Alleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12,24-26)

Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati:
« Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe ruguma ari rwa rundi, nayo iyo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera nankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera, Dawe azomutera iteka ».


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :