Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)
Ncuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose, nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.» Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.
IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama
Hahiriwe umuntu yubaha Umukama,
agahimbarwa cane n’amabwirizwa yiwe.
Abamukomokako bazoba intwari mu gihugu;
uruvyaro rw’abagororotsi ruzohezagirwa.
Umuntu mwiza ni uwugira impuhwe, agatanga ingurane,
agatunganya ibintu vyiwe akurikije ingingo;
vyongeye ntazokwigera ayegayega,
intungane izokwama yibukwa na ntaryo.
Atanga atitangiriye itama, agafasha abakene,
ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.
Agira ububasha, akaguma atera imbere mu buninahazwa.
INKURU NZIZA
Alleluya, Alleluya.
Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima
Azoronka riho umuco w’ubuzima (Yohani 8,12b)
Alleluya
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12,24-26)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati:
« Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe ruguma ari rwa rundi, nayo iyo rupfuye rwera vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba ariko arabutakaza, nayo uwanka ubuzima bwiwe kuri iyi si aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera nankurikire; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera, Dawe azomutera iteka ».