IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 66, 18-21
Imana ni Umukama w’ibihugu vyose
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
« Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose ; bazoheza babone ubuninahazwa bwanje. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi bamwe bamwe bo mu bavuye muri bo nzobarungika mu ntara za kure no mu mazinga ya kure nyene, aho batarumva ivyo bayaga kuri jewe kandi aho batarabona ubuninahazwa bwanje. Izo ntumwa z’igihugu canje zizomenyesha ubuninahazwa banje muri ivyo bihugu. Maze muri za ntara za kure bazogarukana benewanyu bose, babere Umukama ishikanwa rizima, bazoza bagendera ku mafarasi, ku bitwazi, ku nderuzo no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje mweranda, i Yeruzalemu, bamere nk’abana b’Israeli bahora bahereza amashikanwa mu nzavya nyeranda mu ngoro y’Umukama. Mbere, muri bo nyene, nzokwitorera abasaserdoti n’abaleviti.» Uko niko Umukama agize.
Izaburi 116 (117), 1.2
Icit : Kwire isi yose, mushikirize Inkuru Nziza ikiremwa cose !
Ntara zose, nimuninahaze Umukama,
bihugu vyose, nimumushemeze !
Kuko ubuntu bwiwe bwabaye akayazwe mu bantu,
none na ryo iteka ryiwe ryamaho imyaka yose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete ryandikiwe Abahebreyi : 12, 5-7. 11-13
Imana ni umuvyeyi ahanura kivyeyi
Ncuti zanje,ntimwibagire za mpanuro Umukama yabahaye nk’uko umuvyeyi ahanura abana biwe, ngo : Mwananje ntiwibagire igihano c’Umukama, kandi ntiwihebure niyagukebura ; kuko uwo Umukama akunda ari we ahana, agakebura uwo wese abona ko ari umwana wiwe.
Ayo murinda ni yo ndero Imana ibaha. Imana ibafata nk’abana bayo ; none, hari umwana atigera ahanwa na se ? Niko, igihano cose, mu gihe duhanwa, ntikimeze nk’ikitunezereza, gituma mbere tubabara ; ariko, hanyuma abo cacishije ubwenge, kiraheza kikabazanira amahoro n’ubutungane. Ni uko rero, nimugorore amaboko n’amaguru aregarega ; nimugororere inzira ibirenge vyanyu, kugira ngo uwucumbagira ntavunike, ariko abone gukira.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi Inzira, n’Ukuri, n’Ubuzima, ntawuja kwa Data, atanciyeko. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (13, 22-30)
Bazova mu buseruko no mu burengero, baze kwicara ku meza mu Bwami bw’Imana
Mu kuja i Yeruzalemu, Yezu yaza araca mu bisagara no mu mihana, agenda arigisha.
Sinzi uwamubajije ati : « Mukama, ubwo hazokira bakeyi gusa ?» Na we arababarira ati : « Nimwihate ngo mushobore kwinjirira mu muryango upfunganye ; ndababwiye yuko benshi bazoshaka kwinjira ariko ntibabishobore. Nyen’urugo niyamara kwinjira n’ukwugara, namwe mwagumye hanze, muzokwishinga kudodora ku muryango, mumubwira muti : ‘Mukama, twugururire.’ Na we azobishura ati : ‘Sinzi iyo muturuka.’ Namwe muzoca mwitanganiza muti : ‘Twahora dusangira indya n’inzoga, kandi wahora wigishiriza ku nama iwacu.’ Azobasubiza ati : ‘Je ndabibabwiye, sinzi iyo muvuye ; mve iruhande mwebwe nkozi z’ikibi mwese.’ Aho niho hazoba abarira n’abaryanya imisaya, aho muzobonera Ibrahimu na Izahaki na Yakobo n’abahanuzi bose mu Bwami bw’Imana, namwe mutabwe hanze. Kandi hazoza abava mu buseruko no mu burengero, mu bumanuko no mu buraruko, baze kwicara ku meza mu Bwami bw’Imana. Ni uko rero, hari abahora ari abanyuma bazoba abambere, n’abandi bahora ari abambere bazoba abanyuma.»
Tuzirikane ibintu bitatu :
– Imana yatugize igihugu kimwe.
– Ingene twokwakira ibitubabaza mu buzima bwacu bwa misi yose
– Ingene twokwibabaza mu buzima bwacu : guca mu muryango upfunganye.
Mu gisomwa ca mbere twumvise Ijambo ry’Umukama aciye ku muhanuzi Izaya, aho agira ati : «Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose.» (Izaya 66, 18). Igihe umuhanuzi Izaya yavuga ayo majambo y’Umukama, Bene Israyeli bari bageramiwe n’ibihugu vy’abapagani. Ivyo bihugu vyari vyakoraniye hamwe ngo birwanye igihugu c’Imana. Ikiriko kiravugwa ngaha rero, ni uko Umukama azotsinda abansi b’igihugu ciwe, ariko kandi akongera akabakiza Shetani yiziziye imitima yabo. Muri bo, abazoba basigaye, bazobona ibitangaza yakoze, bigarure, bamwemere, baheze baje mu gihugu ciwe, basangire ivyiza vy’Imana na Bene Israyeli. Bene Israyeli rero ntibategerezwa gutinya abantu b’izo ntara zose, batumiriwe kwizigira Umukama kuko azobabakiza, mbere akabungira n’ubumwe bakaba igihugu kimwe c’Imana.
Nk’uko dusanzwe tubizi, ibintu vyose Imana yagiye iragira mu Bwuzure bwa kera, vyari imburizi y’ibizoba mu Bwuzure Bushasha, ni ukuvuga Yezu Kristu amaze kuza. Yezu Kristu ni We atwungira ubumwe twese, akatwuzuriza n’Imana. Iyo Mana rero, ishaka ko tuba igihugu kimwe nk’uko n’Umwana wayo ari umwe, tukavukanishwa na We. None ubwo bumwe turabwakira koko? Ico tubona ahanini turiko turaraba abantu, tubona ko bafise amazuru maremare canke magufi! Tubona ko bafise umubiri wirabura canke ari abazungu! Tubona ko bavuga ururimi rudasa n’urw’iwacu! Tubona ko batavuka mu ntara imwe natwe! Tubona ko tudasangiye ivyiyumviro vya politike, n’ibindi! Hanyuma rero ikibi gisumbirije duca tugira, ni uko duca dukora ibishoboka vyose, ngo ivyo tubona ko bidasa n’ivyacu bihave : bamirwe, akaranga kabo ntikabe kakiboneka, canke tubakureho! Tugize gutyo, tuba twinjiye muri uwo mugwi w’abansi b’Imana izoheza ikavundereza. Nk’uko Inama y’Umuryango wa Diyoseze ya Ngozi (mu gihugu c’Uburundi) yabidusavye, «Niduhinduke, twijukire inyifato n’ingendo y’ugusubiza hamwe n’ukuremesha amahoro.» Ni ho ivyiza Imana ishaka kuduha bizoheza bikarama muri twebwe, ahandi ho, twopfa nk’abana b’imbeba!
Mu gisomwa ca kabiri, tuzirikane ingene twokwakira ibitubabaza mu buzima bwacu bwa misi yose. Ni vyinshi cane, kandi bikunda kuza nk’ingaruka mbi z’ibicumuro vyacu. Izi turaheza tukazita igihano c’Imana. Iyo turiko turasoma igitabu c’Iharura, turabona ko Imana yagiye irahana Bene Israyeli iyo bagararije, nk’akarorero muri ibi bigabane : 12,1-9 ; 15, 35-41 ; 21, 4-9 n’ahandi. N’ubu iyo dukoze ibicumuro, ingaruka mbi zavyo ntizituvirira: umuntu arasambana akandura indwara (SIDA, igitigu co mu bwoko B, n’izindi), akanywa inzoga nyinshi akama yaborewe, akarwara igitigu (cirrhose du foie), akica umuntu, na we bakazoza bakamugegena, akiba bakamufata bakamufunga, n’ibindi vyinshi. Kenshi na kenshi duca twivugira ko ari Imana yaduhanye. Hari n’ibidushikira batavuye ku bugaba bwacu, ariko vyavuye ku bugaba bw’abandi. Ubu henshi kw’isi birirwa baratera amabombe: imyuka y’ivyo birwanisho ntizodusiga uko yadusanze, izoturwaza, kandi izorwaza n’abatazi ukuntu ibombe iterwa! Mu muryango hakaboneka abakora ibitokozwe (inceste) mu nyuma hakazoteba hakavuka ibimuga. Ivyo vyose ni ibintu bitugeramiye. Tuvyakire gute? Ico twokwirinda ni ugutuka Imana canke uguta ukwemera. Twoyisaba umutima w’ukubirinda kuko ubuzima ntibuherera aha kw’isi. Twokwihanura tukirinda ivyo vyose biduhumaniriza umubiri bigahumanya n’uw’abandi. Twokingira agateka ka muntu, tukirinda ivyo vyose bigatyoza. Twobera abahanuzi abandi, tukaba imvugakuri. Twosabira ibigaba ngo bihinduke. Twokwisabira na twebwe nyene ngo duhinduke, twosabira kandi abamaze gushikirwa n’ivyago kugira ngo Mutima w’Imana yame abaremesha, twokwiyugurura kandi kugira ngo dushobore gutabara mu vyo dushobora vyose… Ntihagire umuntu n’umwe apfa tubona kubera urwangara rwacu!
Mu Nkuru Nziza, tuzirikane ingene twoca mu muryango upfunganye. Si ubwa mbere iryo jambo turyumva, Yezu yama yadukebuye kenshi, n’Ekleziya ikagira gutyo nyene. Mbere n’iyo turiko turavuga ishapure, twama tuvuga ngo: «Icibukiro ca kabiri: Yezu arakubitwa. Dusabe umutima w’ukudatinya guhana umubiri wacu, turinde n’ibitubabaza vyose kubw’Imana.» Ukwo kudatinya guhana umubiri wacu, tukagira umutima w’urukundo, tukareka kwigungirako, tugasabikanya, tukitangira abandi, tukareka gutsindwa n’inyosha mbi z’akaryoheramubiri, tugahurumbira izindi ngeso nziza zose ziranga umukristu, ni kwo guca mu muryango upfunganye Yezu atubwira. Nk’uko umuntu avyibushe cane atoca ahantu haga cane, ni ko natwe iyo twiremereje ingeso mbi tutoshobora kwinjira mu muryango ujana ku Mana, kuko wateguriwe abatobato, abicisha bugufi, abama bizigiye Imana kuko bazi ko ari Yo bakesha vyose. Na Bikira Mariya mu ruririmbo rw’uguhayagiza Imana yarabitubwiye, ati: «Yakuye ku ngoma abiganje yimika abatobato.» (Luka 1, 52). Nimuze rero twicishe bugufi, tumwigane, twinjire.
UMUSI W’IMANA MWIZA MWESE !
J’aimeJ’aime
Urakoze mwigisha kuri iyo mfunguro y’umutima, eka mbere n’umubiri.
J’aimeJ’aime