IGISOMWA CA MBERE.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani. (21, 9b-14)
Hanyuma haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise vya bikombe indwi vyuzuye amashano y’imperuka, aranganiriza ambwira ati: «Ingo ino nkwereke umugeni, wa mugore w’Umwagazi.» Araheza mu vyiyumviro aranjana ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda ca Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru kwa Mana. Carakayangana n’ubuninahazwa bw’Imana. Umwakaka waco wasa n’uw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere, nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, cari gifise inzugi icumi na zibiri, iruhande y’izo nzugi hakaba abamarayika icumi na babiri n’amazina yanditseko ari yo mazina icumi n’abiri y’imiryango y’Israyeli. Mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu. Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri no kuri ya mashimikiro icumi n’abiri hariko amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi
IZABULI 144 (145), 10-12,12-13ab;17-18
Icitabirizo
Aberanda bawe Mukama, ni bayage ubuninahazwa bw’inganji yawe
Ivyo waremye vyose, Mukama, bizogushimagiza,
abayoboke bawe na bo bazoguhezagira.
Bazorata iteka ry’ubwami bwawe,
bayage ububasha bwawe.
Kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ibikorwa vyawe vy’agatangaza,
n’iteka rininahaye ry’ubwami bwawe.
Ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
inganji yawe izoganza uko imvyaro zizogenda zirakurikirana.
Umukama ni intungane mu nzira ziwe zose,
akoresha ubuntu mu bikorwa vyiwe vyose.
Umukama yama hafi y’abamutabaza bose,
abamutabaza bose mu kuri
INKURU NZIZA
Alleluya, Alleluya
Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!
Alleluya.
Inkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1,45-51)
Muri irya misi, Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Uwo Musa yanditse avuga mw’Itegeko, n’Abahanuzi nyene bakamuvuga, twamubonye. Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanayeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uwu Umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubaza ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu amwishura ati: «Aho wari munsi y’umutenahi, Filipo ataranaguhamagara, nakubonye.» Natanayeli aca amubwira ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu asubizayo, amubwira ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: “Nakubonye munsi y’umutenahi!” Hinge uzobona ibiruta ivyo.» Arongera amubwira ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»