Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 22 yo mu mwaka. (Umwaka C)

Idominika ya 22 yo mu mwaka. (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (3, 19-21. 30-31) ; (grec 17-18.20.28-29)

Ishimagizwa ry’ugucisha make

humildade-frMwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.

IZABURI 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11

Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama,
         warateguriye urugo umworo.

Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika.
Nimuririmbire Imana, mucurarangire izina ryayo,
muyivyinire, muyiyereke.

Imana ihangamye mu ngoro yayo nyeranda,
ni Yo se w’impfuvyi ikaba n’umuburanyi w’abapfakazi ;
Imana irubakira inyakamwe,
imbohe na yo irayugururira umuryângo w’ubuhirwe.

Watanze, Mukama, akavura kanywesha,
uremesha abawe bajonjogoye ;
umuryāngo wawe uraheza uronka urugo,
rurya nyene, Mukama, wari wateguriye umworo
kubw’imbabazi zawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebreyi (12, 18-19. 22-24a)

Umusozi wa Siyoni ni igisagara c’Imana Nzima

Ncuti zanje,
Igihe mwegera Imana, ntimwegereye ikintu kiboneka, nka wa muriro waka, vya bicu vyirabura, wa muzimagiza, vya bihuhusi vy’umuyaga, rwa rwamo rw’inzamba na rya jwi ry’amajambo ryatumye abaryumvise bitakambira ngo ntihagire irindi jambo babwirwa. Ariko mwegereye umusozi wa Siyoni n’igisagara c’Imana Nzima, mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru n’isinzi ry’abamarayika, ikoraniro rihambaye n’ishengero ry’abantu b’imfura banditswe mw’ijuru, mwegereye Imana Mucamanza wa bose n’imitima y’aberanda babushitse, mwegereye na Yezu We Mushikiriza w’Isezerano rishasha.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha,
kuko ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (14, 1. 7-14)

Niwaba ushaka ikibanza ca mbere mu butumire bw’Imana, urabanza wishire mu kibanza giciye bugufi

The SermonUmunsi umwe, hari ku munsi w’isabato, Yezu yinjiye mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo ngo bamuzimane, bano nabo bakamurereka. Abonye ingene abari batumiwe batanguranwa ibibanza biri imbere, Yezu araheza ababarira ati : « Niwaramuka utumiwe mu bugeni, ntuze ugende kwicara mu kibanza kiri imbere, kuko kumbure mu batumire hoba hari uwukuruta ; nyen’ukubatumira mwe na we yohava aza kubabwira ati : ‘Mucungurire ikibanza’; nawe rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Uramutse watumiwe rero, uriyicarira riho mu kibanza kiri inyuma, kugira ngo nyene gutumira niyaza, akubwire ati : ‘Erega, mukunzi, igira imbere.’ Ni ho rero uzoba uronse iteka mu batumire bandi bose. Nkako, umuntu wese yininahaza bazomusubiza hasi, na we uwifata ruto bazomushimagiza.»

Yezu yongera kubarira uwamutumiye ati : « Ukaramuka ufungurira abandi, ntuhamagare abagenzi bawe, benewanyu, uncuti n’ababanyi batunze, kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura ; yamara niwagira inzimano, uratumira aboro, ibimuga, abacumbagira n’impfuvyi ; ni ho uzoba uhiriwe, kuko batagira ico bokwishura : uzokwishurwa umunsi intungane zizozuka. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :