IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikive Abanyakorenti (3, 1-9a)
Benewacu,
Nanje sinashoboye kuganira namwe nk’uko baganira n’abantu bagenzwa na Mutima, ariko nk’uko baganira n’abakiganzwa na kamere yabo y’abantu kandi nk’uko baganira n’abakiri abana b’inzoya muri Kristu. Ivyo nabáhāye ni amata y’ukunywa, si ivyokurya bigumye, kuko mutari bwabishobore ; kandi n’ubu ntimurabishobora, kuko mukiganzwa na kamere yanyu y’abantu.
Mbega, igihe ishari n’imitongano bikiri muri mwebwe, ntimuganzwa se n’iyo kamere nyene, canke ntimwigenza nk’abantu ? Harya umwe avuga ngo : « Jewe ndi uwa Pawulo », uwundi ngo : « Jewe ndi uwa Apolo », ntimwigenza nk’abantu, se?
None se, Apolo ni umuki ? Pawulo na we ni umuki ? Abo ni abakozi batumwe kubashikiriza ukwemera nk’uko umwe wese muri bo yabihawe n’Umukama. Jewe nabivye imbuto, Apolo arazivomera ; ariko Imana ni yo yazimejeje. Niho rero uwuzibiba n’uwuzivomera ata co bamaze, atari Imana izimeza. Uwuzibiba n’uwuzivomera bagira umwe,ariko umwe wese azoronka impembo ikwiranye n’igikorwa ciwe. Nka ko nyene, turi abakozi bakorana n’Imana ; namwe muri umurima w’Imana, kandi mukaba inyubakwa y’Imana.
IZABURI 32 (33) 12-13, 14-15, 20-21
Icit. : Hahiriwe intara y’Imana !
Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitoreyeko iragi !
Umukama ahangamye mw’ijuru,
akaraba abana b’abantu bose.
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye,
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.
Umutima wacu witeze Umukama,
ni we mahungiro yacu, ni we nkinzo yacu :
umushaha wacu uhimbarwa n’Umukama,
izina ryiwe ni ryo twizeye.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Mbeshaho, Mukama, kubera urukundo rwawe ;
niho nzozigama iryo unyagiye wewe nyene.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (4, 38-44)
Muri irya misi, avuye mw’isinagoga, Yezu yinjira mu nzu ya Simoni. Inabukwe wa Simoni yari aremerewe n’inyonko ; baramusabira kuri Yezu. Yezu aramwegera, arakankamira inyonko, na yo iramuvamwo. Buno nyene avyutse, aja mu vyo kubazimana.
Izuba rimaze kurenga, abari bafise iwabo abarwaye bababazwa n’indwara z’ubwoko bwose, barabamuzanira, na we agaranzuriye iminwe kuri umwumwe muri bo, akabakiza. N’ibishetani vyarava muri benshi, biboroga kandi bivuga biti : « Uri Umwana w’Imana ! » Ariko we, abikankamiye, ntiyabireka ngo bivuge , kuko vyari bizi ko yari Kristu.
Bukeye, Yezu arasohoka, aja ahantu hiherereve. Abantu isinzi baramurondera, baruhira kumusanga iyo yari ari. Bashaka kumugumya ngo ntagende ahandi. Na we arababwira ati : « Ntegerezwa kumenyesha mu bindi bisagara Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kuko ari co canzanye. »
Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Buyuda.