IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (3, 18-23)
Ncuti zanje,
Ntihagire n’umwe yihenda ; muri mwebwe, nihagira mwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri ; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo : « Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo », kandi ngo : « Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ata co bimaze. »
Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu ; kuko vyose ari ivyanyu, ari Pawulo canke Apolo canke Kefasi, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu ; namwe muri aba Kristu, Kristu na we ni uw’Imana
IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6
Icit. : Isi ni iy’Imana, kumwe n’ibiri kuri yo vyose.
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye,
w’umutima udacambirwa ibintazi w’abapagani.
Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,
asagirwe n’ubutungane bw’lmana yamukijije :
ng’uwo umuryango w’abamurondera,
barondera inyonga zawe, Mukama.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati : « Kuva ubu, nzobita abakunzi banje ;
ivyo nahawe na Data vyose narabibamenyesheje. »
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 1-11)
Umusi umwe, Yezu yari akikijwe n’ishengero ribandana ago ryumvirize Ijambo ry’Imana. Na we rero akaba ahagaze ku nkombe y’ikiyagaca Genezareti. Abona rero ubwato bubiri buri ku nkombe y’ikiyaga, abarovyi na bo bari babuvuyemwo ngo boze insenga zabo. Yurira rero muri bumwe, bukaba na bwo ni ubwa Simoni. Yezu aramwinginga ngo asoze gatoyi bave ku nkombe. Yezu yicara muri nya bwato, atangura kwigisha rya shengero.
Ngo aheze abwira Simoni ati : « Igiza rero ahari amazi menshi, uheze urekurireyo urusenga urobe.» Simoni amusubiza ati : « Muhanyi, twaraye turaroba ijoro ryose, turaheza nta co twafata ; mugabo ko ubivuze, ndaterera urusenga. » Ngo abigire, bafata ifi isinzi, n’urusenga wabo rutangura gusambuka. Bākura rero bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze kubafasha. Na bo baraza, buzuza ya mato yompi, mbere ashaka n’ukwibira.
Simoni ngo abibone, akubita ibipfukamiro hasi imbere ya Yezu, ati : « Mukama, n’unje kure kuko ndi umunyakabi ! » Erega ubwoba bwari bwamutekeye, n’abo bari kumwe nyene, kubera izo fi bari barovye. Eka na bene Zebede, bagenzi ba Simoni, Yakobo na Yohani, bari babufise. Ariko Yezu yabwiye Simoni ati : « Gumya umutima ; kuva ubu uzohora uroba abantu. » Ngo bagarukane ubwato ku nkombe, baca basigaho vyose, baramukurikira.