Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 1-5)
Ncuti zanje,
Umuntu wese rero n’atubonemwo abasuku ba Kristu n’abashikiriza b’amabanga y’Imana. Nayo ico barondera ku mushikriza, ni uko umwe wese yosangwa ari intatirimuka. Ku bwanje, ivy’ugucirwa urubanza na mwebwe canke n’intahe y’abantu, ndabinezewe buhoro ; mbere na jewe nyene nta rwo nicira. Ni ko, nta co umutima untonganya, ariko si co kingira intungane ; uwuncira urubanza ni Umukama. Ni uko rero, nimureke guca urubanza na rumwe hataragera, igihe Umukama ataraza ; ni we azoboneshereza ivyanyegejwe mu mwijima, kandi azogaragaza inama zose zo mu mishaha. Niho rero umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye
IZABURI 36 (37) 3-4, 5-6, 27-28, 39-40ac
Icit.: Amahoro y’aberanda ava ku Mukama.
Izigire Umukama wongere ukore ivyiza,
ibere kw’isi ata nkomakomyi ;
nezerwa n’Umukama,
azoheza aguhe ico wipfuza.
Hereza vyose Umukama,
umwizigire azovyimenyera ;
azokwerekana ubutungane bwawe nk’iriserutse,
ivy’ukwiye avyerekane kurya kw’umurango utangaye.
N’ureke ikibi, ukore ineza,
niho uzoronka uburagamo bwa misi yose ;
kuko Umukama akunda ubutungane,
ntahemukira abamukunda.
Amahoro y’aberanda ava ku Mukama,
ni We mirukiro yabo mu makuba ;
Umukama arabafasha akabarokora,
bahungiye kuri We arabakiza.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Jewe ndi Inzira ,Ukuri n’Ubuzima.
Nta wuja kwa Data atanciyeko.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (5, 33-39)
Muri irya misi, Abafarizayo n’abanditsi babwiye Yezu bati : « Ko none, abigishwa ba Yohani n’ab’Abafarizayo bisonzesha kenshi bagasenga cane, ab’iwawe na bo bakarya bagahimba ! » Yezu arabishura ati : « None mwebwe mushaka ko abagenzi b’umukwe bisonzesha bakiri kumwe na we ? Hazoza imisi yindi… kandi nibabaka umukwe, bazoheza bisonzeshe muri nya misi. »
Yongera arabacira uyu mugani ati: « Nta wutora ikiremo kivuye ku mpuzu nshasha ngo agiterere ku yishize. Kwoba ari ugutabura impuzu nshasha nyene, ya yindi na yo nshasha ntiruhe iberana na ca gitambara gishize.
Kandi nta wusuka igisama c’imvinyu mu mibindi ishaje : ahandi ho, igisama kirayisavya, imvinyu igaseseka, nayo ya mibindi ikaba igiye ityo. Imvinyu y’igisama ibuganizwa mu mibindi mishasha. Vyongeye kandi, nta wanyoye imvinyu imaze gusha, yoshobora kuyinywa amake. Imaze gusha niho iryoha : ni ko babivuga. »