Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » Idominika ya 24 yo mu mwaka. (Umwaka C)

Idominika ya 24 yo mu mwaka. (Umwaka C)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (32, 7-11. 13-14)

Moshe asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana

moise-au-sinaiMoshe yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! »

Umukama arongera abwira Moshe ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »

Moshe rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, bakagwira nk’inyenyeri zo mu kirere ; wongere wibuke igihugu wemeye kuzoshikiriza abuzukuruza babo, kikaba iragi ryabo imyaka yose. »Umukama ngo yumve ayo majambo ya Moshe, arahava araturura, igihano yashatse guha igihugu, arakireka.

IZABURI 50 (51) 3-4, 12-13, 17-19

Icit : Niko nzohaguruka nsubire kwa Data.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Mukama, mfatanura umunwa,
mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye ;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (1, 12-17)

Ugukengurukira Imana kw’umunyabicumuro yarekuriwe

Ndakengurukiye rwose uwankomeje, ari we Kristu Yezu Umukama wacu, kuko yanyizigiye akantera iteka ryo kumukorera, n’aho nari nabanje kumutuka, kumuhama n’ukumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe, kuko nabigize ntabizi, ntaremera. None ingabirano y’Umukama wacu yarongerekanye, be n’ukwemera n’urukundo mfise muri Kristu Yezu.

Iri jambo ni iry’ukwemera kandi rirakwiye kwakirwa ata nkomanzi : Kristu Yezu yazanywe kw’isi n’ugukiza abanyabicumuro, nkaba uwa mbere muri bo ; ariko, igituma nagiriwe ikigongwe ni ukugira ngo mbe uwa mbere Yezu Kristu yerekanamwo ubwitonzi bwiwe bw’agahebuza, maze bibere akarorero abazomwemera ngo bashikire ubuzima budahera. Umwami yamaho, Imana idapfa, itaboneka, imwe rudende, n’iterwe iteka ry’ugusengwa yongere ininahazwe mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (15, 1-32)

Igisomwa kigufi : 15, 1-10

Akanyamuneza k’ukuronka ikigongwe c’Imana

le_retour_du_fils_prodigueAbatozakori n’abanyakabi bahora baza bose aho Yezu ari ngo bamwumvirize. Abafarizayo rero n’Abanditsi baja mu vy’ukwidodomba, bati : « Uyu muntu yakiriza yompi abanyakabi akongera agasangira na bo ! » Yezu na we abacira uyu mugani, ati : « Muri mwebwe uwogira intungwa ijana agaheza agatakaza imwe, ntiyorekera mu gahinga zimwe mirongo icenda n’icenda zasigara, ajaka kurondera imwe yatakara gushika ayitore ? Ayitoye, araheza akayiterera ku bitugu yigina, yashika imuhira agahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye ya ntungwa yanje yari yatakaye’ ! Nanje ndababariye : umunsi umunyakabi yigaye, no mw’ijuru hazoba akanyamuneza karuta agaterwa n’aberanda mirongo cenda n’icenda ata kabi biyagiriza. Canke, none umugore yoba afise amafranga cumi, atakaje rimwe, yoreka kumurika agakubura mu nzu hose, akarondera ashimitse gushika aritore ? Amaze kuritora na ho, aca ahamagara abagenzi n’ababanyi, ati : ‘Nimuze tunezerwe, natoye rya faranga nari nataye.’ Nanje ndabibabariye : uko ni ko abamalayika b’Imana bazonezerwa n’umunyakabi umwe yigaye. »

Igisomwa kigufi giherera aha

Yezu yongera ababwira ati : « Habaye umuntu yari afise abahungu babiri. Umuhungu mutoyi abarira se ati : ‘Dawe, ntabaza itoranwa ryanje.’ Se rero arabatoranya. Iminsi mikeyi iheze, wa muhungu mutoyi akoranya ivyiwe vyose, yigira mu ntara ya kure, asesagura itunga ryiwe, acika igihumbu.

Vyose bimaze kumuherako, hatera ikigoyi muri ico gihugu, buca buramukubira. Avaho rero agenda gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mw’itongo ryiwe ngo amuragirire ingurube. Yahora ashaka kwihembuza ibishishwa bagaburira ingurube, yamara ntiyabona uwubimuha.

Niho rero yiyumvira ati : ‘Abashumba ba dawe barya uko bashaka, bangana iki ! Nanje hano ndiko ndicwa n’inzara ! Mve hasi, ngende kwa dawe, mpeze ndamubarire nti : Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ndagucumurako; ntibinkwiye rero ko nitwa umwana wawe, ntabara unshire mu bashumba bawe.’ Arahaguruka rero, agaruka kwa se.

Akiri kure, se aramubona, ikigumbagumba kiramuniga, ariruka amugwa ku bitugu bararamukanya. Araheza wa muhungu abarira se ati : ‘Dawe, naracumuye ku Wo mw’ijuru nongera ngucumurako, singikwiye kwitwa umwana wawe.’

Se wiwe yamara abarira abasuku biwe ati : ‘Nimunzanire ivyambarwa vyiza mubimwambike, mugireko mumwambike impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Murabe kandi ikimasa kinuze, mukibage, tugire umunsi mukuru w’akanyamuneza ; kuko uyu muhungu wanje yari yapfuye, none yazutse ; yari yazimiye, none yazimurutse.’ Ni uko rero baja mu vyo kugira umunsi mukuru.

Ariko rero umwana wiwe w’imfura yari mu murima. Ngo aze gutahuka, yegereye inzu, yumva inanga n’indirimbo bisekera. Ahamagara rero umusuku, amubaza ivyo ari vyo. Wa musuku amwishura ati : ‘Ni umwe murumunawe yagarutse, mbere so yabaze ikimasa kinuze kuko yasubiriye kumubona akidundega.’

Biraheza rero bimutera ishavu, aranka kwinjira. Se rero arasohoka, aja mu vyo kumuhoyahoya. Na we yishura se ati : ‘Iyi myaka maze ngukorera, ntaho nigeze nkugambararira, yamara ntaho wampaye na rimwe n’agahene ngo ngirire umunsi mukuru abagenzi banje ; none uyu muhungu yamariye ivyiwe mu bishushungwe, aragarutse umubagira ikimasa kinuze !’

Se araheza aramwishura ati : ‘Wewe mwananje, wangumye iruhande, ivyo mfise vyose ni ivyawe. Nawe nu, ntitwari kureka kunezerwa tubonye murumunawe yari yapfuye none yazutse, yari yazimiye none yazimurutse. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :