IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (6, 1a. 4-7)
(Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye)
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Mushobora vyose : Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n’ukwubaka ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n’inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw’akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.
Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n’ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawumnywera imbere mu bikombe vy’agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n’uko igihugu c’Israeli catabagaye.
Nico gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y’abangajwe bava mu gihugu c’amavukiro. Noneho, wa mugwi w’abaryi uzimangane !
IZABURI 145 (146), 7-9a. 9b-10
Icit : Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke : Aleluya.
Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.
Ni We ahumura impumyi,
ni We agorora abahetamye,
ni We akunda abantu b’intungane,
ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,
Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azoora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (6, 11-16)
(Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu)
Weho rero, muntu w’Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy’Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n’ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y’ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y’ivyabona vyinshi.
Ndagusavye imbere y’Imana ibeshaho vyose n’imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato : zigama amategeko y’Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose Nyaguhimbarwa, we Mwami w’abami, Umukama aruta abandi bose, we musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n’uwuzomubona. Ni We Nyen’icubahiro n’ububasha mu myaka yose. Amen.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera twebwe,
kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 19-31)
(Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa ; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara)
Umusi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n’umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw’irembo ry’uno mutunzi, umubiri wiwe ari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw’imikate twokoroka tuva ku meza ya wa mukungu ; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe. Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu ; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa.
Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: ‘Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe, ndungikira Lazaro, akoze isonga ry’urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n’izi mbeya.’
Ibrahimu arishura ati : ‘Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw’isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga imanga nini, ibuza ab’ino kuza hiyo, n’ab’iyo kuza ino.’
Wa mutunzi ati : ‘Ndagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu ; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa nabo muri aya marushwa.’
Ibrahimu amwishura ati : ‘Barafise Musa n’abahanuzi, nibabumvire.’
Na we ati : ‘Oya nyabuna, Ibrahimu dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye niho bokwigaya.’
Ibrahimu ati : ‘Nibatumviriza Musa n’abahanuzi, uwapfuye n’iyo yozuka ntibazokwemera.’»
Murakoze cane.
uru rubuga ndarukunda cane
J’aimeJ’aime