IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Habakuki (1, 2-3 ; 2, 2-4)
Intungane izotungwa n’ukugumya ibanga
Mbega Mukama, nzogutabaza gushika ryari utari bunyumvire ? Nzogusaba ngo ukure imidugararo utari bunkize ? Ni kuki ureka ngo mbone amakuba, ukishinga kwirabira ayo ngowe ? Nsigaye mbona abasahura n’abarwana ; hose ni ugutukana, induru ntaho itavuga.
Umukama ahava anyishura ati : « Andika ivyo ubona, ubishire ku dupapuro, babashe kubisoma neza. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze, ntakabuza bizoteba biranguke. Nivyateba, urabirorera ; bitebe bitebuke, bizoza nta gisivya.
Uwufise umutima wagoramye azohagwa, na yo intungane izotungwa n’ukugumya ibanga.»
IZABURI 94 (95) 1-2, 6-7, 8-9
Icit : Ese uyu munsi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !
Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
natwe tukaba intara arōngôye.
« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa munsi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora.»
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (1, 6-8. 13-14)
Ntugire isoni kubw’intahe ushingira Ikuru Nziza y’Umukama
Mwananje nkunda cane,
Ndaguhaye ngo ukabure ya ngabirano Imana yaguhaye aho nakwubikako ibiganza. Imana ntiyaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwitonzi. Ntugire isoni rero kubera intahe woshingira Umukama wacu cabure kubera jewe imbohe yiwe, ariko rinda hamwe nanje ya magorwa ubona kubera Inkuru Nziza uhagarikiwe n’ubukomezi bw’Imana. Gumya amajambo y’inyigisho nagushikirije, ubigirane ukwemera n’urukundo rwa Kristu Yezu. Iyo mbitso nziza rero, urayizigama, ufashijwe na Mutima Mweranda avyagiye muri twebwe.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose ;
iryo ni ryo jambo ry’inkuru nziza mwashikirijwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 5-10)
Ubukomezi bw’ukwemera
Umunsi umwe, abatumwa babwiye Umukama bati : « Twongerereze ukwemera ! »Umukama abishura ati : « Iyo muba mufise ukwemera kungana n’agatete ka sinapi, mwobwiye iki giti kinini muti : ‘Irandure, uze kwitera mu kiyaga.’coca kibagamburukira.
Muri mwebwe, ni nde yoba afise umusuku atuma kurima canke kuragira, yohengera avuye kurima akamubwira ati : ‘N’uze wicare ku meza ?’ Abura kumubwira riho ati : ‘Ntegurira ivyokurya, ukenyere, ungaburire, gushika mpeze gufungura no kunywa ; hanyuma nawe ubone gufungura n’ukunywa.’ Mbega yokengurukira uwo musuku kuko yakoze ivyo yamutumye ?
Ni uko namwe mumeze : nimwaheza gukora ivyo mwabwirijwe, muravuge muti : ‘Turi abasuku b’imburakimazi, nta kindi twakoze atari ico twabwirizwa gukora. »
ça nous à mediter sur la parole qu’on aurait entendue à l’eglise
J’aimeJ’aime